26 avril 2024

ITANGAZO RIJANYE N’IKIBAZO C’ABANA BO MW’IBARABARA, ABAKUZE BASEGEREZA CANKE BASEGESHA ABANDI HAMWE N’ABO BOSE BIYEREREZA ATACO BARIKO BARAKORA

Twihweje ingene ikibazo c’abana bo mw’ibarabara cabaye ndanse mu bisagara bimwebimwe bigize igihugu cacu;

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ( Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Twihweje kandi ukuntu imico n’imigenzo vyamye biranga Abarundi iriko iratituka, ivyo tukavyerekwa n’ububegito bwa bamwe bamwe bagenda barasegerereza mu mabarabara, eka mbere bakanakoresha abana canke abagendana ubumuga muri ubwo bubegito;

Twisunze ingingo ziri mu gitabo mpanavyaha zihana abantu basegerereza mu mabarabara;

Mu ntumbero yo gutuza burundu izo ngeso zo gusegerereza hamwe n’abandi bose  biyereza mu mabarabara ataco bariko barahakora, Leta y’Uburundi ibicishije m’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Itrambere Ridakumira bwifadikanije n’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Iterambere Rusanga n’Umutekano hamwe n’Ubushikiranganji bw’Ubutungane ifashe  ingingo zikurikira:

  1. Abana bose baba canke biyerereza mu mabarabara haba ku murango canke mw’ijoro, hamwe nabo basegerereza ku mabarabara basabwe ko boba bahevye iyo ngeso kandi bavuye mw’ibarabara mu kiringo kitarenze indwi zibiri uhereye umusi iri tangazo ryateweko umukono;
  2. Umuntu wese afise ikibazo icarico cose kimubakiye canke cotuma aja mw’ibarabara asabwe kwitura abajejwe intwaro canke abajejwe iterambere ry’ingo n’ikibano kugira ngo  nabo bamugire inama y’ingene yovyifatamwo canke bomushigikira;
  3. Ku barundi bose n’abanyamahanga bafise umutima wogufasha abo bose basegerereza, basabwe kwitura imigwi ijejwe gushigikirana iri ku nzego zose z’igihugu gushika k’umutumba kugira babereke ukwo bobigenza kuko uwozofatwa ariko aragira ico atanga k’ uwusegerereza mw’ibarabara azofatwa co kimwe nawe kuko biri mubikomeza iyo ngeso;
  4. Uwuzorenga kuri izi ngingo azohanwa hakurikijwe amategeko;
  5. Abajejwe intwaro n’umutekano basabwe gukurikirana mu bibanza vyose cane cane izo ngeso zakunda kuberamwo ko izi ngingo ziriko zirubahirizwa.

 

 

Bigiriwe i Bujumbura, kuwa  21 ruheshi  2022

 

                                                            Umushikiranganji wo Gushigikirana,

                                                             Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’

                                                                        Iterambere Ridakumira

 

                                                                   Hon. Imelde SABUSHIMIKE

 

 

 

 

 

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →