19 avril 2024

Ntibikiri agaseseshwarumuri ko Uburundi burangwamwo amahoro n’umutekano, kandi ko igihugu cacu kiri mu bihugu vyambere vyubahiriza agateka ka zina muntu

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 kigarama 2022 I bubanza igihe hariko harahimbazwa umunsi mukuru wahariwe amahoro kw’isi hamwe n’uwahariwe agateka ka zina muntu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe amahoro, umwaka w’2022 bari kuwuhimbaza kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga 2022, ariko kubera ibikorwa vyinshi vyahuriranye n’iryo sango, bakaba bashimye kuwuhimbariza rimwe n’isabukuru igira 74 yahariwe agateka ka zina muntu kw’isi yose, kandi n’uwo munsi ukaba ngo mubisanzwe wari guhimbazwa kw’igenekerezo rya 10 kigarama uno mwaka nyene.

Bamwe mubitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko uwo munsi rero wahariwe amahoro washizweho n’inama nkuru ya ONU mu mwaka wa 1981, mu ngingo yayo ya 36/67 ngo kandi ko iyo ngingo ihamagarira amakungu yose guharanira amahoro no kuyatsimbataza, ikongera igashinga ko uwo munsi woharirwa gukomeza ivyiyumviro vy’amahoro mu bihugu vyose no mu bantu bose.

Bamwe mubitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aca yongera avuga ko Umunsi Mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu nawo washinzwe kw’igenekerezo rya 10 kigarama 1948 mu Gisagara ca Paris ku kirimba ca Chaillot, aho Inama Nkuru y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yemeza Itangazo ry’agateka ka zina muntu n’ingingo 217(III) A, kandi ko ngo iryo naryo ari ryo tegeko rya mbere rihuriweko na bose, ryubahiriza kiremwa muntu mu gateka kiwe.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yaciye yibutsa abari aho ko ihimbazwa ry’ isabukuru igira 74 y’agateka ka zina muntu kw’isi, hano mu Burundi ihuriranye n’isozerwa ry’isekeza ry‘iminsi 16 yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme yatanguye kw’igenekerezo rya 29 munyonyo 2022 mu ntara ya Karusi.

Bamwe mubitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aca aboneraho gushimira cane Nyakubahwa Icegera ca Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi kuko yari yateye iteka  ivyo birori vyabereye mu ntara ya karusi mw’itanguzwa ryiryo sekeza, akaba ari yarungitswe kandi n’Umukuru w’igihugu mw’isozerwa ry’ibikorwa bari bamazemwo Iminsi bigisha imirwi itandukanye y’abenegihugu mu bijanya no kurwanya ayo mabi.

Niko guca yibutsa kandi abari aho ko iyo amahoro ahungabanye, iterambere, ubutunzi, imibano, n’imigenderanire birasubira inyuma nk’ibirenge, kandi n’agateka ka zina muntu kaba gahungabanye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aca yishimikiza umugani w’ikirundi uvuga ngo  “ahari amahoro umuhoro uramwa”, bisigura ko mu mahoro, vyose bishoboka, n’ivyo bokwibaza ko bitokoreka, kandi rero ngo amahoro, ni iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ngo niryo kandi shingiro ry’iterambere ry’igihugu.  

Aha yaciye rero atangaza icese atarymunwa ko bitakiri agaseseshwarumuri ko Uburundi burangwamwo amahoro n’umutekano, kandi ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu vyambere vyubahiriza agateka ka zina muntu.

Abenegihug bitavye ibirori (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yasiguye neza ko ngo ivyo  bigaragazwa n’ingene imirwi itandukanye iri kukivi muntara zose ikora ibikorwa vyo kw’iteza imbere, aho mbere n’inyubakwa rusangi nk’amashure, amazi meza, amabarabara n’amavuriro babona biriko birakwiragizwa mumakomine yose, kandi ko ata maraporo menshi y’abo agateka kabo gahugabana akibashikia nk’aho hambere.

Aca aranavuga ko Uburundi bwiyemeje kubahiriza agateka ka zina muntu, mu gukingira umurundi wese n’umunyamahanga aba muri ico gihugu.

Bamwe mubitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ariko arasozera ijambo yashikirije, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ati: “Mu Kirundi abasokuru barayamaze bati “munda harara inzara bwaca hakazinduka inzigo”. Nico gituma dushima cane imigambi yose iriko irarangurwa na Reta y’Uburundi kugirango noneho umwenegihugu wese aronke ico afungura mbere n’agafaranga ace akaronka k’umufuko nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu Jenerari Majoro Evariste NDAYISHIMIYE yama abiduhimiriza ngo tuje kukivi, turwanye inzara ariwe mwansi w’amahoro akomeye gusumba ibindi”.

Aca arangiza ashima ukungene Umukuru w’igihugu c’Uburundi yama yababaye hafi igihe cose, akaba yabarungikiye icegera ciwe ngo aze  kubatera iteka muri ivyo birori, ati ni ikimenyetso kigaragara ko Reta Mvyeyi kandi Nkozi irajwe ishinga koko n’uko abenegihugu bayo babaho mu mahoro n’umutekano, bubahirijwe mu gateka kabo, kuko ngo Kanatsinda barayamaze bati: “Karahara mu ruganda ntibacura”, ngo  iyaba atamahoro ahari, iterambere uburundi bugezeko ntibuba burarishikako na gatoya.

Cleophas NIZIGIYIMANA, Buramatari w’intara ya Bubanza (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Cleophas NIZIGIYIMANA, Buramatari w’intara ya Bubanza mw’ijambo riwe ry’ikaze akaba yamenyesheje ko intara ya Bubanza itekanye mu mpande zose kandi ako abenegihugu bayo bababayeho mumahoro, bari kukivi bakora ibikorwa vy’iterambere.

Yavuze ko agateka ka zina muntu kubahijwe kandi ko mbere hari n’ama club yashinzwe y’agateka ka zina muntu kugirango bigishe urwaruka, rukure ruzi icarico n’akamaro ko kubahiriza agateka ka kiremwa muntu.

Damien Mama Umuhuzabikora w’ibisata vy’amashirahamwe Mpuzamakungu akorera mu Burundi (itoto na Elie HARINDAVYI)

Damien Mama Umuhuzabikora w’ibisata vy’amashirahamwe Mpuzamakungu akorera mu Burundi akaba nawe mw’jambo ryiwe yavuze ko bazokwama na ntaryo bashikigikira imigambi yose uburundi buzotunganya kugirango abenegihugu babwo bagume babaho mu mahoro kandi agateka kbabo kubahirijwe.

Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi 9Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yamenyesheje ko Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe amahoro uhimbajwe ku civugo mpuzamakungu  kivuga giti: “Dusezerere amacakubiri afatiye ku rukoba, Mu kwubaka amahoro”. Ngo ico civugo gihamagarira abantu bose kw’isi kwijukira iterambere rirama aho umwe wese yiyumva ko yisanzuye, ngo ko kandi bisigura ko ari  ugufata abantu bose cokimwe hamwe no kuvavanura  n’amacakubiri afatiye ku rukoba asubiza inyuma iterambere.

Ati mu gihugu c’uburundi naho bawuhimbaje ku civugo kivuga giti :«TUGWANYE IVYODUTANDUKANYA, DUHARANIRE AMAHORO  ». ngo ico civugo gica kigaragaza akamaro  ko kurwanya bimwe vyimwitwarariko amacakubiri afatiye ku bwoko, intara n’imitumba kugira dushike kw’iterambere rirama, rihurikiyemwo bose kandi ritarimwo akarenganyo.

Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA yavuze ko Leta y’Uburundi, yiyemeje guharanira amahoro no kubahiriza agateka ka zina muntu muvyo ikora vyose, ngo kandi ko ivyo  vyigararagariza mu bikorwa vyiza vy’iterambere idasiba guhamagarira abenegihigu gukora kugira bitez’imbere kubwabwo bongere batez’imbere igihugu cabibarutse ku civugo ngo “Umunwa wose uronke ico upfungura, umupfuko wose uronke ifaranga”.

Yamenyesheje abari aho ko Uburundi bwiyemeje guharanira amahoro no kurwanya amacakubiri  kandi bubicishije mw’ibwirizwa nshingiro ryayo ryo  kuwa 07 ruheshi 2018 ku gingo zayo za 13 na 22 no mu migambi yose y’iterambere irarangurwa ku neza y’abenegihugu.

Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA akaba yaciye avuga ibitari bike vyararanguwe na Leta y’Uburundi ifadikanije n’abayifasha ati:

  • Haratunganijwe ku ncuro ya 16 urumuri rw’amahoro rwazungurutse uburundi atankomanzi;
  • Gutsimbataza no kwubahiriza agateka ka zina muntu kuri bose biciye mu nyigisho z’amahoro;
  • Gushigikiza amahoro ibikorwa vy’iterambere n’ubutunzi ;
  • Gutahukana impunzi no kugarukira kubateshejwe izabo bivuye kw’ihindagurika ry’ibihe;
  • Kwandika no gushikiriza ivyegeranyo vyerekana ingene Leta ishira mu ngiro amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu yateyeko igikumu .
  • Gusahiriza ibindi bihugu mu kugarukana amahoro mu bihugu iwabo aho yahungabanye nka za Somariya ,Centre Afrika, RDC,n’ahandi.
  • Leta y’uburundi ibicishije mubisata bitandukanye vy’igihugu yararanguye imigambi iteza imbere agateka ka zina muntu atanumwe asizwe inyuma;
  • Mu bijanye no gutsimbataza agateka ka zina muntu ,leta y’uburundi irabandanya gufata ingingo zorohereza abenegihugu mugushikira umwidegemvyo ukwiye mu buzima bwabo bwa minsi yose. Aho twovuga k‘ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu cacu mu kurekura abapfunzwe bagirizwa ivyaha bitobito.
  • Ubushikiranganji bwo gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu, n’iterambere ridakumira buratunganya inyigisho z’agateka ka zina muntu zigenewe abenegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu cacu.
  • Leta y’Uburundi ibicishije k’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano,Agateka ka zina muntu n’Iterambere ridakumira yarafashe mu mugongo abavuga ko agateka  kabo kahungabanijwe  mu kubereka ingene bitura ubutungane;
  • Ku vyerekeye kwandika no gushikiriza ivyegeranyo vyerekana ingene Leta ishira mu ngiro amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu yateyeko igikumu : haranditswe:
  • (1), Icegeranyo mpuzamakungu kigira incuro ya 4 ku gateka ka zina muntu kigiye gutangwa.
  • (2).Icegeranyo cerekeye kubahiriza agateka k’abana kw’ugwego rwa Afrika.
  • (3). Icegeranyo mpuzamakungu ca mbere cerekeye amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu mu vy’ubutunzi, imibano n’imico kama cahejeje gutegurwa , kigiye Gushikirizwa mu minsi iri imbere.
  • Mu ntumbero yo kumenyesha abarundi n’amakungu ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Gihugu no kubeshuza ivyegeranyo vy’ibinyoma, Leta y’uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano,Agateka ka zina muntu, n’Iterambere ridakumira yarabandanije itegura yongera ishikiriza icegeranyo cerekana neza ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi uko amezi atatu aheze;
  • Yarabandanije kandi ishikiriza ku ndwi ku ndwi ikiganiro cerekeye agateka ka zina muntu kw‘iradiyo nkuru y‘ Igihugu.
  • Muri vyinshi vyakozwe, ntitwokwibagira kandi kumenyesha ko Uburundi bubicishije muri ubwo Bushikiranganji nyene  bwama bugendera abari mu mabohero no mu busho butandukanye  bwo mu gihugu kugira  burabe  ingene  agateka  ka zina muntu kifashe muntumbero yo gukebura aho hose busanze agateka kazina muntu katubahirijwe nkuko bikwiye..Ni muri iyo ntumbero nyene abagera kumajana abiri na mirongo icenda n’icenda bari mubusho butandukanye bashoboye kurekurwa.
  • Leta y’Uburundi irabandanya ishira mungiro umugambi w’iterambere wa 2018 ushira 2027 mu kubaka ingomero z’umuyagankuba; amabarabara , amahinguriro; amashure n’amavuriro vyo soko ryiterambere rirama;
Bamwe mubitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ishirwaho ry‘ama Koperative muma komine yose kugira abenegihugu biteze imbere;

  • Inshirwaho ry’amabanki y’urwaruka n’abakenyezi mu ntumbero yo guteza imbere iyo mice y‘abenegihugu.
  • Muri rusangi, yarashizeho ibigo bijejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, isubirwamwo ry’itunganywa ry’amategeko atandukanye
  • Leta yararanguye imigambi myinshi iteza imbere agateka ka zina muntu kuri bose, aho twovuga nk’umugambi MERANKABANDI ugiye gukwiragizwa mu Gihugu cose mukamenya ko uwo mugabi witaho ba ntaho nikora na cane cane Abatwa no kubakira uburaro bwiza.
  • Uburundi bwariyemeje kubahiriza agateka ka kiremwa muntu ,mu gukingira umurundi wese n’umunyamahanga aba hano mu gihugu cacu mukumukingira akaba muvyiwe mumahoro ,akubahirizwa mu gateka kiwe.
Umurisho w’ingoma waranze ivyo birori (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo birori vy’uwo munsi bikaba vyaranzwe n’umurisho w’ingoma hamwe n’intambo nga karanga vy’Uburundi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →