27 avril 2024

Ibikoresho vyo mu nzu bitandukanye hamwe n’amafaranga ibihumbi mirongo icenda nivyo vyaronkejwe abenegihugu bo muri komine Gihanga bahuye n’ibiza biturutse kwihindagurika ry’ibihe

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bufadikanije n’amashirahamwe Tearfund, Christian Aid, CNEB, Concern, Help channel Burundi baragarukiye, ku wa 11 Ruhuhuma 2024, ku benegihugu bo muri komine Gihanga bahuye n’ivyago biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe aho babaronkeje ibikororesho vyo mu nzu bigizwe n’indobo, ibidumu, amasafuriya, amasahani, ibikombe, amasabuni, uburengeti hamwe rero n’amafaranga yo kwifashisha angana n’ibihumbi mirongo icenda ku muryango.
Baratanze kandi ibikoresho vyankenerwa ku bigeme n’abakenyezi, ibitenge hamwe n’amavuta yo kw’isiga.
Mw’ijambo ryiwe, Berekimasi Niyonzima, Umuyobozi ajejwe kugarukira ku bahuye n’ibiza muri ubwo Bushikiranganji, yarashimiye cane ayo mashirahamwe yumvise akamo ka Reta ko gufasha abari mu bibazo bitadukanye.
Yararemesheje abahuye n’ivyago yongera abasaba gusubira kukivi gutyo bashobore kwiteza imbere.
Yasavye abaronkejwe ibikoresho kubibungabunga, cane cane ko kizira kubigurisha, aha akaba yaranabagabishije ko uwuzofatwa abigurishije azohanwa hisunzwe amategeko.
Yarakebuye abajejwe kugira intonde ko bokwikubita agashi kuko kenshi bama basangamwo utunenge, bagashiramwo abatari kujako, aca abasaba kuvavanura niyo ngeso.
Yaratanze impanuro kandi kubenegihugu bo muri komine gihanga aho yabasavye kuvavanura n’ingeso yo guharika, bimwe vyukwo baronse akanoti baca bazana umugore wa kabiri canke bakarondera uwundi mugabo babihagarike.
Abajejwe intwaro yabahamagariye gukurikirana abenegihugu barongoye cane cane mukubafasha guhangana n’ihindagurika ry’ibihe riza riratuma haba ibiza bitandukanye.
Uwaserukiye Ishirahamwe Tearfund mu Burundi, Désiré Majambere yavuze kw’izina ry’ayo Mashirahamwe, yamenyesheje ko abazofashwa bose hamwe bazoronswa akabahasha kangana n’amafaranga 144.000.000, akaba azohabwa imiryango 2327 yo muri komine ya Gihanga, nukuvuga imiryango 1528 bava muri zone Gihanga hamwe n’imiryango 799 yo muri zone Buringa. Aha nawe nyene akaba yarasavye abaronkejwe ibikoresho ko bobikoresha neza.