29 avril 2024

Reta y’Uburundi ntaco itazokora mu kwitaho abenegihugu ijejwe muri rusangi, abagendana ubumuga badasigaye inyuma

Ivyo ni ivyashikirijewe, na Nyakwubahwa Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi, Gerevazi Ndirakobuca, aho hari haramutse hahimbazwa, ku wa 7 kigarama 2023, umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, ku civugo kigira kiti : « Turi kumwe twese, abagendana ubumuga badasigaye inyuma, dushire inguvu hamwe, kugirango dushikire ya mahangiro y’imigambi y’iterambere rirama kandi ridakumira ».

Ibirori vy’uwo munsi mukuru bikaba vyabereye mu kigo citaho abagendana ubumuga « CNAR » c’Igitega. Uwo munsi ukaba wahuriranye n’isabukuru y’imyaka mirongo itanu kimaze kibayeho.

Mw’ijambo ryiwe, Umushikiranganji wa mbere yabanje kummenyesha ko kuba umuntu agendana ubumuga, atari uko aba yaravyishakiye, umuntu arashobora kuba avutse akomeye, bwaca kabiri akisanga ari mumurwi w’abagendana ubumuga. Ati « umuntu ahebura ubumuga apfuye ».

Yarashikirije ko Reta imaze kurangura ibitari bike mu ntumbero yo guteza imbere agateka k’abagendana ubumuga, aha akaba yaravuze ishirwaho ry’ibigo  vyakira abagendana ubumuga, bikabagorora, bikabigisha kandi n’imyuga itandukanye nk’ikigo CNRSP (Centre National de Réinsertion Socio- Professionnelle) kiri kw’Ijabe n’ingozi, ikigo CNAR (Centre National d’appareillage et de Rééducation) kiri  i Gitega.

Aha rero Umushikiranganji wa Mbere wa Reta y’UBurundi akaba yaboneyeho gukeza cane ikigo CNAR n’abagikoreramwo ku myaka 50 kimaze kirangura imirimo yo kuvura no kugorora abagendana ubumuga.

Yaravuze kandi ko muri wa mugambi w’iterambere ry’igihugu uzomara imyaka cumi, guteza imbere no kwitaho abagendana ubumuga ntivyasigaye inyuma.

Yarongeye aramenyesha ko hashizweho poritike y’igihugu n’imigambi bijanye ndetse n’ikigega kijejwe gushigikira umugambi wa Reta wo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu (FAPS) mu ntumbero yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abarundi bose, abagendana ubumuga badasigaye inyuma. Haratangujwe kandi inyigisho zidakumira abagendana ubumuga ku mashure amwe amwe, n’ibindi.

Yarashikirije kandi ko umugambi wo gukura abasegerereza bose mw’ibarabara, abagendana ubumuga badasigaye inyuma ugeze ku ntambwe ishimishije, aho yaciye asaba ababishoboye bose ko bofasha mu bikorwa bijanye n’ugukurikiranira mu kibano abo bose bavanywe mw’ibarabara. Yarahamagariye kandi abarundi bose kwama na ntaryo bitabirira k’ubwinshi wa musi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano uba ku wa gatanu wa mbere w’ukwezi kwa myandagaro ukwo umwaka utashe, naho gushigikirana ari ukwamizako.

Ntiyibagiye gutera akamo abo bose bajejwe gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere kwama na ntaryo basuzuma ko mu nteguro zabo biyumviriye ibijanye n’ivyo abagendana ubumuga bakeneye gutyo bakazoba bariko baraterera Reta mu gushira mu ngiro icivugo c’uno mwaka.

Yarangije ijambo ryiwe amenyesha ko Reta y’Uburundi ataco itazokora mu kwitaho abenegihugu ijejwe muri rusangi, abagendana ubumuga badasigaye inyuma.

 

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’iterambere Ridakumira, Imelde Sabushimike, yameshenyesheje ko Uburundi bwama bwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga kw’isi yose, uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 3 Kigarama.

Yashikirije ko uwo musi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abagendana ubumuga watangujwe icese kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 1992, mu ntumbero yo gushigikira Abagendana ubumuga ngo bagire uruhara ruboneka mubijanye n’ubutunzi, imibano, imico n’akaranga ndetse na poritike.

Nawe nyene akaba yaramenyeshe ko ibitari bike vyaranguwe mu ntumbero yo kwubahiriza no guteza imbere agateka k’abagendana ubumuga, ariko arongera aravuga ko n’ingorane zitabuze ufatiye uko abagendana ubumuga budasa bangana, n’uburyo ivyo bakeneye bitandukanye bisaba, bikunyurwa n’uko abashigikira Reta muri ico gisata, bari k’urushi.

Yaravuze kandi izindi ntamabamyi zibageramiye nk’izijanye n’ubukene n’ikumirwa mu miryango, bituma abavyeyi bamwe bamwe bitaho abana bakomeye kuruta abagendana ubumuga, abandi bavyeyi bakabanyegeza, abandi nabo bagakoresha abagendana ubumuga umwuga ugayitse wo kubakota bakaja kubasegesha mu mabarabara. Ati : » ntawuyobewe ko abagendana ubumuga bafise vyinshi vyihariye bakeneye gusumba abandi bantu, badaheza ngo baronke ».

Imelde Sabushimike yarasavye ashimitse abavyeyi ngo biteho abana bagendana ubumuga cokimwe n’abandi, babaserure ahabona, baje mubandi. Nayo abajejwe intwaro, abatowe ku mitumba, abahuza eka umurundi n’umunyamahanga aba ngaha mu gihugu cacu, yabasavye guhagararira no kwubahiriza agateka k’abagendana ubumuga. Ntiyibagiye gukeza cane ikigo CNAR n’abakozi baco ahereye kuwubarongoye, aho yashimye cane ibimaze kurangurwa nico kigo mugufasha abagendana ubumuga, mukubipfuriza isabukuru nziza y’imyaka mirongo itanu, aha akaba yabasavye kubandanya bakora neza mumirimo y’abo ya minsi yose mbere barushirize ukwo bahora.

Nayo Seberege pierre Claver yaserukiye abagendana ubumuga, yarashimiye Reta y’Uburundi n’abayifasha kubimaze kurangurwa bijanye no guteza imbere no gukingira agateka k’abagendana ubumuga, ariko arasaba kandi ko bobandanya gushikigikirwa. Aha akaba yarasavye ko Reta yoshiraho itegeko ryo kwiyumvira abagendana ubumuga muvyerekeye inyubako zitandukanye, barabe ko abangendana ubumuga bafise ikibanza mumigambi y’iterambere bategura.

Twobamenyesha ko ibirori vyuwo musi vyatangujwe n’inkuka y’imisa yo gukengurukira Imana kw’isabukuru y’imyaka 50 ikigo CNAR kimaze kibayeho.

Ivyo birori bikaba vyarangijwe no gushigikira ikigo CNAR n’ibindi bigo bisanwze bifasha abagendana ubumuga butandukanye vyo ngaha mu Burundi, aha twovuga ikigo Saint Kizito, Ikigo co kumutwenzi, ikigo co ku mushasha gifasha abandendana ubumuga bwo kutabona. Ivyo bigo bigo bikaba vyararonkejwe imfungurwa n’ibindi vyankenerwa bitandukanye.