27 juillet 2024

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaragendeye, ku wa 16/2/2024, koperative Tumerenkabandi yo ku mutumba Rukinga

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Nyakubahwa Imelde Sabushimike, arikumwe na Buramatari w’intara ya Rumonge hamwe na Musitanteri wa komine ya Rumonge, yaragendeye, kuri uyu wa 16/2/2024, koperative Tumerenkabandi yo Ku Mutumba Rukinga, agacimbiri Mitonto, aho yaronkeje inkwavu 105 abanywanyi biyo koperative.
Mw’ijambo ryiwe, Umushikiranganji yamenyesheje ko yaje gushigikira abanywanyi biyo koperative mu ntumbero yo gushira mungiro umugambi w’Umukuru w’igihugu w’ukwo umuryango wose wokworora ibitungwa bito bito nk’inkwavu, inkoko n’ibindi. Yarongeye aramenyesha ko ari mu ntumbero kandi yo gushigikira ya mbona kazoza y’igihugu cacu aho Uburundi kizoba ari igihugu cifashe mu 2040, kikaba igihugu giteye imbere mu 2060.
Aha yaciye aboneraho gusaba abaronkejwe ivyo bitungwa kubibungabunga kugira birwire gutyo mbere bashobore kwokorera n’abandi. Yabahamagariye kurwanya ubukene bakiteza imbere ndetse bagateza imbere n’igihugu cabibarutse. Nayo abajejwe Intwaro yabasavye gukurikirana ivyo bitungwa cane cane babafashe kuronka abaganga babivura mugihe birwaye.
Abaronkejwe ibitungwa barakengurukiye cane Umushikiranganji bongera biyemeza kubifata neza.
Buramatari w’intara ya Rumonge hamwe na Musitanteri wa komine ya Rumonge barashimiye cane Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana ku kuntu adahengashanya kuba hafi y’abenegihugu barongoye cane cane abafise amikoro make eka mbere n’abandi bari mu bibazo bitandukanye. Nabo nyene bakaba barasavye abaronkejwe ibitungwa kubifata neza.