1 mai 2024

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGEZE MU ZABUKURU, UMWAKA W’IBIHUMBI BIBIRI NA CUMI N’ICENDA

Nyakubahwa Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira Martin NIVYABANDI igihe yariko arasoma itanga rijanye no guhimbaza umunsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe abageze muzabukuru (Photo par Elie HARINDAVYI)
  1. Umunsi Mpuzamakungu wahariwe Abageze mu Zabukuru wama uhimbazwa Igenekerezo rya mbere Gitugutu, uko umwaka utashe, mu ntumbero yo gushimangira ico Abageze mu Zabukuru batumariye twongera turabira hamwe ingorane bagiye barahura m’ubuzima.
  2. Ngaha mu Gihugu cacu, twashimye guhimbaza uwo musi mukuru ku civugo kivuga giti: « DUSHIGIKIRANE, TWIRINDE IKUMIRANA RIFATIYE KU MYAKA».
  3. Muti none Leta y’Uburundi yoba imaze gukorera iki abo bakurambere bacu? Haramaze gufatwa ingingo atari nke zo gushigikira abageze mu zabukuru, aha twovuga nk’izi zikurikira:
  • Kugiriranira amasezerano n’ibigo canke amashirahamwe yitaho abageze mu zabukuru, ivyo bikaba bituma tubaha agafashanyo (subsides) ku mwaka ku mwaka tutibagiye kubarihira amatara n’amazi ndetse n’ugufasha kugira ngo imfashanyo zivuye hanze zigenewe abageze mu zabukuru zibashikire atakirinze gutangwa;
  • Kugendera ivyo bigo tukabironsa ibipfungurwa n’ibindi bintu vya nkenerwa;
  • Kuvuza k’ubuntu ba ntahonikora bageze mu zabukuru;
  • Kutegekaniriza kazoza no kuvuza abageze mu zabukuru bahora ari abakozi ba Leta.
  1. Mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kabiri (2012), Leta yarashizeho politike y’igihugu ijejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, aho tukabamenyesha ko n’umugambi ndetse n’ikigega (FAPS) bijanye bimaze gushigwaho. Ivyo navyo bikaba bijejwe kwitaho ubwa mbere abatishoboye, abageze muzabukuru nabo nyene badasigaye inyuma.
  2. Aha ntitwokwibagira kandi kuvuga icigwa cagizwe n‘Abafurera Bene Yozefu kijanye n’ugutororokanya ivyo abageze mu za bukuru bakenera mu buzima bwabo. Ico cigwa carashikirijwe icese ku mwaka uheze nk’aya mango, aho ndetse twaciye dufundikira hamwe ibikorwa nyamukuru twokora mu mwaka wose uhereye ico gihe gushika umusi tuzohimbariza uwundi musi mukuru wagenewe abakurambere bacu.  Ni naco gituma hategekanijwe uruganda rwo kurabira hamwe ivyaranguwe muri uyu mwaka uheze hisunzwe ivyo bikorwa vyari vyategekanijwe.
  3. Twagire kandi tuvuge ko iruhande y’ico cigwa, bisabwe na Leta y’Uburundi, habaye kandi icigwa co kuraba ko ibigo bishinzwe gutegekaniriza kazoza abakozi ba Leta vyoraba ingene ukubaho ku banywanyi bavyo kwokwisununura. Si ivyo gusa, bisabwe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu Petero NKURUNZIZA, haheruka gushigwaho umugwi ujejwe kurabira hamwe ingene abagezi muza bukuru bose bo mu gihugu cacu bovuzwa k’ubuntu, tukaba turindiranye igishika ibizova muri uwo mugwi.
  1. Naho tudondaguye ibitari bike Leta ikorera abageze mu zabukuru, ntitwokwirengagiza kandi ko hakiriho abakurambere atari bake bugarijwe n’ibibazo bitandukanye aha ndetse hakaba hariho n’abo duherutse gukura mw’ibarabara bari babeshejweho n’ugusegerereza. Leta y’Uburundi yiyemeje kubandanya ikora ukwo ishoboye kugira ngo buke buke abageze mu zabukuru bagende bagira akarusho, aha tukaba twemeza tudakekeranya ko inyishu ya mbere ibereye iri muri ca gikorwa co gushigikirana mu kibano catangura ubwa mbere mu gihugu cacu mu kwezi kwa mukakaro mu mwaka w‘2017.
  2. Ngaha mu gihugu cacu, uwo munsi uzohimbazwa ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 01 gitugutu, mu ntara ya Muramvya muri Komine Rutegama. Kakazoba ari akaryo keza ko gushigikira abageze mu zabukuru batishoboye kurusha abandi bazoba batowe n’abajejwe intwaro aho ndetse hazoca hashikirizwa n’ivyaranguwe bikomoka ku migambi n’ibikorwa vyatunganijwe hisunzwe ya  matohoza yagizwe n’umuryango w‘abafurera “BENEYOZEFU“ bashigikiwe n’ishirahamwe “Solidarité Mondiale“ kubijanye n’ivyankerwa vya misi yose kubageze mu zabukuru.
  3. Ku bageze mu za bukuru mwese, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →