23 juin 2025

Ikigo gishasha c’abakenyezi n’abigeme carubatswe ku Muzinda muri komine Rugazi  y’intara ya Bubanza

Umushikiranji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Imelde Sabushimike, yaruguruye icese kw’igenekerezo rya 24 gitugutu 2024 muri komine ya Rugazi, intara ya Bubanza, Ikigo gishasha c’abakenyezi n’abigeme cubatswe ku Muzinda.

Ico Kigo kikaba kizobafasha kwiga ubuhinga bwo guhingura ivyibuwe.

Uwo munsi kabaye n’akaryo kandi ko gutanga impapuro z’umutsindo ku bigeme 47 barangije kw’ishure ry’ubuhinga Choi Jung Sook Muzinda kuncuro igira kane.

Nyakubahwa Umushikiranganji yamenyesheje ko Reta y’Uburundi imaze kurangura ibitari bike mu ntumbero yo guteza imbere no mugukingira agateka k’abakeneyezi n’abigeme.

Yarashimiye cane abashitsi b’iteka bavuye i JEJU mu gihugu ca Koreya y’epfo, bakaba ari abarongozi n’abanywanyi b’ishirahamwe Mpuzamakungu Choi Jung Sook Memorial Society, aho yamenyesheje ko Uburundi n’igihugu kigenzi ca Koreya yepfo vyashize inguvu hamwe kugira haranguke iyo migambi myiza y’iterambere, ivyo navyo bikava ku migenderanire myiza iri hagati y’ivyo bihugu bibiri. Bakaba kandi bashigikira bakongera bagafata mu mugongo ishirahamwe IPSDI Burundi kugira rishobore kurangura imigambi iteza imbere abenegihugu.

Yarabashimiye cane kuri,uwo mugambi mwiza wo kubaka ico kigo kuko kizofasha abakenyezi n’abigeme batashoboye kumara amashure canke batize kugira biteze imbere bareke kunzera inze.

Nyakubahwa Imelde Sabushimike yaratanze impanuro ku bigeme baronkejwe impapuro z’umutsindo, aho yababwiye ko boza barafatira akarorero kuri bakuru babo bahejeje imbere yabo. Ati : « Nyene amaso yerekwa bike ibisigaye akavyibonera », Aha akaba yarabasavye gukoresha ubuhinga n’ubumenyi bagabanye, bongere bagire uruhara rudasanzwe mukurandurana n’imizi indwara ziturutse kugufungura nabi muri aka karere. Yarabasavye kandi kwirinda gupfisha ubusa no gutakaza umwimbu, kandi bahe agaciro gakwiye ivyimburiwe ngaha mu gihugu cacu. Ivyo bikazofasha yogushikira ya mbonakazoza y’Uburundi nk’igihugu cifashe mumwaka w’20240, igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060 ».

Ntiyibagiye gukeza ishirahamwe IPSDI-Burundi kubikorwa rimaze kurangura, aho yamenyeshe ko bamaze kwubaka amashure 5 ; ama koperative rusangi 5 nyene, amavuriro matomato 3. Aha akaba yaciye ahamagarira n’abandi kubafatirako akarorero keza.

Uwaserukiye abavuye mu gihugu ca Koreya abicishije ku Mushikiranganji   muvyo ajejwe harimwo gushigikirana, yarashimiye cane Reta y’Uburundi ku migenderanire myiza iri hagati y’igihugu cabo n’igihugu c’Uburundi. Aho yamenyesheje ko bazokwama bakora ivyo bashoboye kugira bashigikire ibikorwa vy’iterambere nkivyo batanguye ku muzinda.

Nayo abajewje intwaro haba ku rwego rwa komine canke ku rwego rw’intara, barashimiye cane Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo Gushigikirana kukuntu yama nantaryo ashigikira abenegihugu bo ntara ya Bubanza mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere.

Twobamenyesha ko imbere yuko ibikorwa nyezina vyuwo munsi bitangura, abarongoye ico kigo baratembereje Nyakubahwa umushikiranganji aho yiboneye ubuhinga butandukanye bakoresha mu guhingura amavuta y’amamesa n’amakoto mubigazi hamwe n’ibindi nk’ibisuguti n’imikate.