Kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 17 ruhuhuma 2023 i Bujumbura, Nyahubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yakiriye mu biro iwe Nyakubahwa Judicaël Elidje, Aserukira ikigega c’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho igwirirana ry’abantu kw’isi ( FUNUAP). Bakaba baganiriye ibijanye n’Imigambi mishasha igiye kuzoragurwa mu bijanye n’ivyo ubwo bushikiranganji bujejwe canke FNUAP guhera muri uno mwaka w’2023.
