Iminsi mikuru mpuzamakungu yahariwe Agateka ka Zina muntu n’Amahoro yarahimbajwe ku wa 19 kigarama 2023, muntara ya Makamba. Ibirori vy’uyo munsi bikaba vyatewe iteka na Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, bikaba vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Umukuru w’igihugu Nkurunziza.
Hano mu Gihugu cacu, umunsi mukuru w’amahoro wahimbaje ku civugo kivuga kiti: « DUHARANIRE AMAHORO, DUTSIMBATAZE ITERAMBERE RIRAMA».

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ico civugo c’igihugu cacu cerekana ko amahoro afise uruhara ntasubirizwa mu rugamba rwo gutsimbataza iterambere rirama kandi ridakumira.
Yashikirije ko kwubahiriza agateka ka zina muntu no kubungabunga amahoro ari karahara mu ruganda ntibacure. Ati : « Agateka ka zina muntu be n’amahoro n’isoko ry’iterambere kuko bitubahirijwe nta terambere rishoboka ».
Hano mu gihugu cacu, umunsi mukuru mpuzamakungu w’agateka ka zina muntu wahimbajwe ku civugo kivuga kiti: « DUTSIMBATAZE AGATEKA KA ZINA MUNTU, INKINGI Y’ITERAMBERE KURI BOSE ».
Umukuru w’igihugu yavuze ko ico civugo c’igihugu cacu kiduhamagarira nk’abarundi twese, guharanira agateka ka zina muntu kuko ariyo nkingi y’iterambere. Ico civugo kirerekana kandi ko ata muntu numwe ari hejuru y’amategeko.

Yarongeye aramenyesha ko turiko duhimbaza iyi minsi mikuru mugihe amahoro n’umutekano bisasagaye mu mpande zose z’igihugu, aho urumuri rw’amahoro ruhejeje gutembera mu ma komine yose y’igihugu ku ncuro igira 17, abarundi bafatanye munda kandi bagirako barangura ibikorwa vy’iterambere rusangi. Aha akaba yaciye amenyesha ko iyi minsi mikuru ihuriranye kandi no gusozera urugendo rw’urumuri rw’amahoro hamwe n’isozerwa ry’isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, ryuguruwe icese kw’igenekerzo rya 27 munyonyo uyu mwaka, mu ntara ya Kirundo. Ati : « Murazi neza ko ayo mabi atosekaza agateka ka zina muntu muri rusangi na cane cane ak’abakenyezi n’abigeme ». Aha akaba yaramenyesheje ko bababajwe n’ivyagiye birashika bijanye no guhohoterana mungo, aho hari n’abana bashikiwe nayo mabi, abagore mbere n’abagabo. Ntiyibagiye gutera ivyatsi ubwo bubegito, aca asaba inzego z’Ubutungane yuko zokora akazi kazo, bagahana bimwe biboneka abagirizwa gukora ayo mabi.

Yarasavye kandi abarundi bose yuko bohaguruka bakagwanya bivuye inyuma ayo mabi afatiye ku Gitsina, akaba yaboneyeho no kwiyamiriza n’ubundi bubegito bwose buhungabanya amahoro n’umutekano n’ibindi mbere bihungabanya ubutunzi bw’igihugu.
Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyemeje guharanira amahoro be no kwubahiriza agateka ka zina muntu muvyo ikora vyose. Aha akaba yaravuze bimwe bimwe muvyaranguwe: (i) Gushiraho amategeko akingira abarundi bose (abana, abageze muzabukuru, abagendana ubumuga,…), (ii) Ishingwa ry‘ama Koperative mu ma komine yose kugira abenegihugu biteze imbere; (iii) Gufata ingingo zorohereza abenegihugu mu gushigikira umwidegemvyo ukwiye mu buzima bwabo bwa minsi yose nko kurekura abapfunzwe bagirizwa ivyaha bitobito, n’ibindi.

Umukuru w’igihugu yamesheje ko Reta MVYEYI, Reta NKOZI, ataco itazokora kugira ngo umwenegihugu yisununure, ave mu bukene, kuko ubukene buri mu bintu bitosekaza amahoro n‘ agateka ka zina muntu. Kukaba nkako, ba sokuru barayamaze ngo « Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo». Aha akaba yaciye atumirira abantu bose gukura amaboko mu mpuzu, bijukire ibikorwa vyo kwiteza imbere bongere bateze imbere igihugu cabibarutse, kugira dushikire rya hangiro ry’igihugu cacu aho « Uburundi buzoba ari igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060».

Nayo Imelde Sabushimike, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yamenyesheje ko Umunsi mukuru mpuzamakungu w’agateka ka zina muntu wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 10 kigarama uko umwaka utashe, mu kwibuka aho Inama nkuru y’Ibihugu bihurikiye mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yemeza Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu. Hari kw’igenekerezo rya 10 Kigarama mu mwaka w’1948, mu gisagara ca Paris mu Bufaransa. Iryo tangazo ubu rikaba rimaze imyaka 75.

Ni mur’iyo ntumbero yo guhimbaza mu buryo budasanzwe, iyi sabukuru ya 75 y’Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu, hatunganijwe ku rwego rw’isi yose umugambi wiswe: “Agateka ka zina muntu 75”. Uwo mugambi washizwe mu ngiro mur’uyu mwaka, ku civugo mpuzamakungu kivuga kiti: « AGATEKA, UMWIDEGEMVYO N’UBUTUNGANE KURI BOSE ».

Nayo umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe amahoro yavuze ko wama uhimbazwa igenekerezo rya 21 Nyakanga, ukaba washinzwe n’inama nkuru y’ Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 1981.
Imelde Sabushimike yaravuze ibitari bike bimaze kurangurwa muntumbero yo gutsimabataza amahoro n’agateka ka zina muntu, aha akaba yaboneyeho gusaba ashimitse abantu bose kwubahiriza agateka ka zina muntu aho baherereye hose, mumiryango yabo, mu kibano, aho bakorera, eka n’ahandi; gutyo babone kwiteza imbere no guteza imbere igihugu cabibarutse.

Abdou Dieng umuhuzabikorwa w’Ibisata mpuzamakungu vya ONU ngaha mu Burundi arashima intambwe amahoro n’agateka ka zina muntu bigezeko mu Burundi. Aha akaba yaramenyesheje ko Reta yama ishira mungiro ivyo yiyemeje mu gutsimbataza amahoro n’agateka ka zina muntu. Yashikirije ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rizobandanya gushigikira ibikorwa vya Reta mu ntumbero yo gutsimbaza amahoro n’agateka ka zina muntu.

Nayo Buramatari w’intara ya Makamba Tantine Ncutinamagara yamenyeshe ko Intara arongoye itekanye mumpande zose, aha na we nyene akaba yahamagariye abenegihugu kubandanya babungabunga amahoro n’umutekano kandi babandanye ibikorwa vy’iterambere barwize umwimbu.
