29 avril 2024

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaragendeye abenegihugu bafashwe mu mugongo n’Umugambi Merankabandi bo mu ma komine ya Makebuko na Bugendana zo muntara ya Gitega

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Nyakwubahwa Imelde Sabushimike, ari kumwe n’Umuhuzabikorwa w’umugambi Merankabandi, Umuyobozi Mukuru ajejwe Gushigikirana hamwe na Buramatari w’Intara ya Gitega baragendeye ku wa 20 kigarama 2023, abenegihugu bafashwe mu mugongo n’Umugambi Merankabandi bo muma komine ya Makebuko na Bugendana zo muntara ya Gitega.
Umuhuzabikorwa w’umugambi Merankabandi ku rwego rw’Igihugu, Michel Nyabenda yarashimiye Nyakwubahwa Umushikiranganji kubona yabangiriye imirimo ajejwe akishikira kurubuga kuraba ingene ibikorwa vy’uwo mugambi biriko birarangurwa. Aha akaba yamenyeshe ko umugambi Merankabandi ufasha abebegihugu bafise amikoro make kugira bashobore kwiteza imbere ntibagume bazera inze, mukubaronsa amafaranga ukwo ukwezi guheze.
Akaba yavuze ko muri komine Makebuko uwo mugambi ariho ugitangura kuko uyo munsi bari baramutse batanga amafaranga ku ncuro ya kane. Aha akaba yamenyesheje ko umugambi ugeze mu kiringo ca kabiri kuko umugambi wa mbere wari waraheze, iyo komine rero yashikiriwe mu gice kigira kabiri. Yaciye asaba abari muri uyu mugambi kuganiriza Umushikiranganji bamubwire ivyo bamaze kurangura nico umugambi wabafashije.
Mw’ijambo ryiwe Nyakwubahwa Umushikiranganji yamenyesheje ko yaje kugira aganire nabari muri uyo mugambi yibonere kandi nukwo ibikorwa bigenda kurubuga. Aha akaba yarashimiye abari mu mugambi wa mbere kuko iyo batigenza neza, abashigikira uwo mugambi ntibari gusubira, aca asaba n’abandi bagiriwe ibakwe bakaja muri uyo mugambi ugira kabiri kwigenza neza mugukoresha ako gafashanyo babaha mukwiteza imbere.
Nyakwubahwa Umushikiranganji akaba yabasavye gukura amaboko mumpuzu kuko iterambere ntiryizana riraronderwa. Yarongeye arabaha impanuro aho yabasavye gukurikirana indero y’abana, babashire mu mashure gutyo babategurire kazoza keza, bagire isuku aho baba kandi bagire umwumvikano mu miryango no mukibano. Ati « Reta y’uburundi ntishaka ko hari umwenehihugu n’umwe yosigara inyuma mw’iterambere ari no muri iyo ntumbero yashizeho uyu mugambi. Ati :« Dushaka rero ko mugira aho muvuye naho mushika ». Yabasavye kandi gukoresha neza iterephone babahaye mbere baze barumviriza n’amakuru bamenye ibivurwa hirya no hino. Ntiyibagiye kubasaba gukorera hamwe ibikorwa vyo kwiteza imbere, barime bongere borore inkwavu n’inkoko nkuko Umukuru w’igihugu yama abishikiriza.
Venant Manirambona, Buramatari w’Intara ya Gitega, yasavye abari mu mugambi Merankabandi kwigenza neza kuko agafashanyo babaha sako kwonona baja kuborerwa canke mubindi bitagira akamaro, nako kwiteza imbere. Yabamenyeshejeko uwuzokwigenza nabi bazomukuramwo bagashiramwo uwubikwiye.
Abari mu mugambi Merankabandi barashimiye cane Nyakwubahwa Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana kukuntu yigoye akaza kubagendera. Baramuyagiye ibikorwa vy’iterambere bakora mu kurimwa no mu kworora ibitungwa bito bito, nk’inkwavu n’inkoko.
Muri Komine Bugendana, Nyakwubahwa Umushikiranganji yariboneye umurima munini w’inanasi n’ikawa biri ku Mutumba Gaterama, abanywanyi bahurikiye muri koperative Merankabandi barimye. Bakaba bamumenyesheje ko bamuye rimwe bashikana inanasi 7500. Abashitsi bakaba barashimiye cane iyo koperative kuntambwe nziza bagezeko, aha Buramatari w’Intara ya Gitega akaba yabemereye kubaba hafi. Twobamenyesha ko iyo Koperative Merankabandi yari mu mugambi Merankabandi wa mbere.