26 avril 2024
Déclaration

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU GUHIMBAZA UMUNSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W’UMUNYAFRICA, 16 RUHESHI 2018

Déclaration
Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira (photo by Elie HARINDAVYI)

Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi, ibihugu vyo muri Africa vyama bihimbaza umunsi  mukuru wahariwe umwana w’umunyafrica. Uburundi, nkuko ari igihugu cemeje amasezerano menshi mpuzamakungu yerekeye gukingira agateka k’umwana,  burifatanya n’ibindi bihugu hamwe n’abo busanzwe bafashanya mu guhimbaza uwo munsi.

Ihimbazwa ry’uwo umunsi mukuru kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi, ryashinzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa (Union africaine) hakurikijwe ingingo CM/RES1290. Ni  akaryo ko kwibuka abana bagandaguriwe i Soweto mu gihugu ca Africa y’epfo mu mwaka w’1976, abo bana akaba ata kindi bazize atari uko bariko barasaba uburenganzira bwabo bwo kuja kw’ishure nka bene wabo b’abazungu, uburenganzira budafatiye ku macakubiri. Aho hari ku ntwaro karyanishamiryango yarangwa muri ico gihugu.

Icivugo catowe na Komite y’Abahinga ba Africa  ku masezerano ya Africa yerekeye agateka n’imibereho myiza y’abana, ni iki gikurikira : « Nta mwana n’umwe yokwibagirwa mw’iterambere ry’umugabane w’Afrika». Mu Burundi, twashimye guhimbaza uwo munsi ku civugo nk’ico kivuga kiti : « Nta mwana n’umwe yokwibagirwa mw’iterambere ry’igihugu. Twongereze inguvu mu kwitaho abana n’imiryango batishoboye ».

Nkuko ico civugo kibitomora, uyu munsi uhimbajwe hano mu gihugu cacu hariko hakorwa utwigoro twinshi twoguha agateka kabereye abana bose. Aha twotanga akarorero ku gukura abana mu barabara basubiza mu miryango. Kuva uwo mugambi utanguye gushirwa mu ngiro mu kwezi kwa kane, abana barenga 1200 mu gihugu cose baramaze gusubizwa mu miryango.

Ubugira kabiri twovuga rya sekeza ryo kugwanya kudafata neza abana Leta yatanguje mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka wa 2017. Iryo sekeza rikaba rizomara imyaka itanu kugirango tubone koko ico ryashitseko. Aha twovuga kudafata neza abana ku bijanye n’isuku, n’indero, mu gufungurirwa, kwivuza n’ibindi. Iyindi ntabwe twateye ni iyo kwumvisha abegwa bose n’ivyo bibazo vy’abana ko bituraba twese.

Turashimishwa cane n’ivyo abarongoye amakomine biyemeje ko bagiye kwongereza uburyo buhariwe abana batishoboye mu gushira mu nteguro y’amahera bazokoresha ku mwaka ku mwaka. Iruhande y’ivyo vyose, Reta iherutse gushiraho umunsi wahariwe gushigikirana ; vyumvikana ko hazoba akarusho kanini mu kwubahiriza uburengnzira bw’abana.

Reta y’Uburundi ikaba isubiye kwiyemeza ko izokora ibishoboka vyose kugira ngo ikingire abana ico cose gishobora guhungabanya agateka k’abo. Nta nkeka kandi ko izobandanya ifata mu mugongo imiryango itishoboye.

Mur’uyu mwaka w’i 2018, ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrica bizoba ku wa kabiri, igenekerezo rya 19 Ruheshi, 2018muri zone Buterere aha mu gisagara ca Bujumbura.

Tuboneyeho n’akaryo ko gutumira abenegihigu  baba mu gisagara ca Bujumbura muri rusangi, abo muri Komine Ntahangwa na cane cane abana bo mu ma karatiye yo mu micungararo y’aho ku Buterere hamwe n’amashirahamwe yose araba ivy’ agateka k’abana yaba ayo mu gihugu canke mpuzamakungu ngo basidukane n’iyonka mukuza guhimbaza uwo munsi.

Twifurije umunsi mukuru mwizaabana bose bo mu Burundi n’abo muri Africa.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →