20 septembre 2021

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI W’ AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RYEREKEYE UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI, umwaka w’2020.

  1. Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, Uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaza Umusi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umukenyezi kw’ isi yose.
Martin NIVYABANDI, Ministre des Droits de la Personne Humaine, des Affaires Sociale et du Genre ors de la lecture de la Déclaration (Photo par Elie HARINDAVYI)
  1. Uwo musi, ni akaryo ku ma Leta yose yo kw’ isi, n’iyo iwacu idasigaye inyuma, ko kurimbura intambwe dushitseko mu guteza imbere umukenyezi, haba mu vy’imibano, politike no muvyo ubutunzi. Uwo musi kandi ni naho ibihugu bifatira mu kwiha irindi hangiro ryo gushira mu ngiro amategeko, amasezerano n’imigambi bijanye no guteza imbere umukenyezi. Ku bakenyezi nabo nyene ni akaryo ko gutereza amaso inyuma ngo barabire hamwe uruhara rw’abo mw’iterambere ry’imiryango n’iry’ibihugu vyabo.

 

  1. Hano iwacu, uwo musi tuzowuhimbaza twisunze icivugo kivuga giti« Duhagurukire twese guteza imbere agateka k’umukenyezi ».

 

  1. Kino civugo gihamagarira umwenegihugu wese, ndetse n’umunyamahanga wese aba mu Burundi, kugira umwitwarariko wo guteza imbere agateka k’umukenyezi.

 

  1. Ihimbazwa ry’uno musi mukuru rishitse mu gihe twimirije guhimbaza isabukuru rigira 25 hemejwe indinganizo y’ibikorwa vyo guteza imbere Umukenyezi yemerejwe i Beijing mu gihugu c’Ubushinwa; guhimbaza isabukuru igira mirongo 20 hemejwe ingingo ya 1325 y’akanama  kajejwe umutekano k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU; guhimbaza imyaka itanu hemejwe amahangiro 17 y’iterambere kw’isi; ukaba kandi uhuriranye n‘uko hasihaye amezi make ngo twinjire mu matora y’igihugu, uruhara rw’umukenyezi narwo rukaba ntangere.

 

  1. Ibitari bike biramaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere agateka k’umukenyezi : Inzego zijejwe gukwirikirana no guteza imbere ako gateka zarashinzwe, umugambi w’igihugu werekeye iterambere ridakumira waremejwe, amategeko mashasha yaremejwe ayandi arahinyanyurwa, umugambi w’igihugu wo guteza imbere umukenyezi warateguwe, iyemezwa ry’umugambi w’igihugu wo kurwanya amabi afatiye ku gitsina, guserukirwa kw’abakenyezi mu nzego zose zifatirwamwo ingingo, n’ibindi.

 

  1. Uku kwezi kwose kwa Ntwarante, guhariwe umukenyezi. Ibikorwa bitari bike birategekanijwe kurangurwa.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza uwo musi mukuru bizobera mu ntara ya Gitega, umurwa mukuru wa politique, ku kibuga c’umupira i Ngoma, igenekerezo rya 9 Ntwarante 2020.

 

  1. Duhamagariye abenegihugu bose; abagabo, abakenyezi n’urwaruka, ababa mu gisagara ca Gitega no mu ntara zose z’igihugu babishoboye, bazosidukane n’iyonka mu birori vy’uwo munsi Mukuru.

 

  1. Umusi mukuru mwiza kubakenyezi bose, eka mbere n’abarundi bose.

              

  1. MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →