18 avril 2024

Urukurukwavu narwo ruravamwo inka

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira  kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 kigarama 2022, aho yari yagendeye ikigo c’ababikira b’urukundo rwa Kristu bari ku murwa mukuru w’intara ya MUYINGA.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari mu kigo SMAC (ifoto na Elie Harindavyi)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yarashimiye cane abarongoye ico kigo kukungene bitayeho abakenyezi 35 bava miryango y’abatwa bariko barahabwa inyigisho  zo kubarira mu kiringo c’imyaka 2.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari mu kigo SMAC (ifoto na Elie Harindavyi)

Akaba ayari yagiye abashiriye inkwavu kugirango zizobabere umugisha bazorore, zizorondoke zirwire mbere gushika naho bazozikuramwo n’inka.

Akaba yamenyesheje abari aho ko urwo rugendo rwakozwe mu ntumbero yo kubandanya guhimiriza ibijanye no kurwanya amabi afatiye kugitsina, muri rwa rukurikirane rw’ibikorwa vy’iminsi 16 yahariwe kuranya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.

Yarashimye kandi kubona biyumviriye abandi bari mu bukene, ingene bobuvamwo kuko ngo hari ababona abandi bakenye ukamengo ntaco bibatwaye, ariko bakibagira ko atawusomera induru zivuga.

Abariko baronswa inyigisho mu kigo SMAC c’i Muyinga (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abariko baronswa izo inyigisho yabasavye kuzifata nkama kandi ngo bazoheze nabo bagende kuzigisha abandi aho baherere, gutyo baze biyubakire izina kuko bazomenyekana ko ari abahinga bo gushona, abantu baheze babahurumbira babasaba kubashonera impuzu, imideri itandukanye.

Yarabasavye kugira isuku yaba iyo kumubiri n’iyaho babaye, gutyo ngo habe ihinduka ridasanzwe y’ishusho abandi bahora bababonamwo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba kandi yabibukije gushira abana babo mu mashure kugirango bakurire mu buzima butandukanye n’ubwo bo bakuriyemwo.

Yasavye abo bubakanye bari basanzwe babaherekeje kubafasha mu gutsimbataza umwumvikanao murugo kuko ariyo nkingi yo guterimbere.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari mu kigo SMAC (ifoto na Elie Harindavyi)

Yaciye aboneraho kubashikiriza amakaye n’amakaramu bibagasha kugirango inyigisho bariko bakurikirana baronke ingene bavyandika bitabagoye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari mu kigo SMAC (ifoto na Elie Harindavyi)

Eka ntiyirengagije kubashikiriza n’ibitenge mu ntubero yo kubipfuriza Noel Nziza n’umwaka mwiza w’2023 ugiye gutangura.

Buramatari wa Muyinga Jean Claude BARUTWANAYO (Ifoto na Elie Harindavyi)

Nawe Nyakubahwa Jean Claude BARUTWANAYO, Buramatari w’intara ya MUYINGA akaba yarakengurutse cane urugendo rw’umushikirangji ajejwe gushigikirana muri iyo ntara, aca aramenyesha ko abenegihugu muri rusangi bari kukivi mu migambi itandukanye ituma bisununura bagatera intambwe mu buzima.

Mama Leocadie NDIKUMAGENGE, arongoye ikigo c’ababikira b’urukundo rwa Kristu (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye ico kigo Mama Leocadie NDIKUMAGENGE Yarashimye cene kubona bagendewe n’umushikiranganni ajejwe iterambere ry’abakenyezi, ariko kuboneraho gusaba kuronswa aho barima , aho bakorera hagutse hamwe n’ibikoresho vy’imashine zo gushona zikwiye.

Mwomeya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ryabaye iryambere agendeye ico kigo kandi akaba yarashimye ingene bahora bama bamusanga kubiro bava I Muyinga kugira bamusabe ko yohashika, ngo none Imana ikaba yarabikoze.

Akaba yarangije abemereye ko ubushikiranganji arongoatako butazogira ngo bubandanye bashigikira imigambi y’abo bose bariko bafasha abenegihugu kuva mu bukenye, kuko aribwo mwansi wa twese.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →