10 décembre 2024

Reta y’Uburundi yarashizeho amategeko, amaporitike hamwe n’inzego bikingira abana bose

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde Sabushimike, Umushikiranganji wo Gushikigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 20 munyonyo 2024, aho hari haramutse hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana ku civugo kivuga giti : « Twese hamwe dutuze urudandazwa rw’abana mu Burundi ». Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyabereye kw’ishure “ Grande Alliance” rirenze abana bava mu miryango ifise amikoro make n’impfuvyi riri ku mutumba Kayogoro, zone Mubuga y’intara ya Ngozi.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ineza y’umwana yateye iteka ibirori vy’uyu munsi, yamenyenyesheje ko uwo munsi wama uhimbazwa ukwo umwaka utashe mu ntumbero y’ukwibuka aho amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana yemezwa n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hari kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 1989.

Umushikiranganji akaba yashikirije ko igihugu c’Uburundi na co nyene kitasigaye inyuma mu gushira umukono kuri ayo masezerano mu kwezi kwa Gitugutu 1990. Ati: “ Ni naco gituma kuri rino genekerezo, twifatanije n’ibindi bihugu mu guhimbaza imyaka mirongo itatu n’itanu  iheze ayo masezerano avutse”.

Yarongeye aramenyesha ko uwo munsi ari akaryo keza ku bihugu ko kwirimbura bikaraba yuko intambwe bigezeko mu gukingira agateka k’umwana ishimishije.

Aha akaba yaciye amenyesha ko Reta y’Uburundi imaze gushika ku ntambwe ishimishije, kuva ishize umukono ku masezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana, mu gukingira umwana mu bisata vyose, hisunzwe kuraba ko imirwi y’abana iyi canke iriya idakumiriwe mu bisata bjtandukanye haba mu gisata c’indero, igisata c’amagara y’abantu, igisata c’ubutungane n’ibindi bisata bigize ubuzima bw’igihugu.

Mu ntumbero yo gushikira rya hangiro ry’ imbonokazoza Reta y’Uburundi yihaye y’ « Igihugu cifashe mu 2040, n’igihugu giteye imbere mu 2060 », Nyakubahwa Umushikiranganji yahamagariye abantu bose kwitaho ineza y’abana mu kubakingira ivyo vyose bihungabanya agateka kabo, bigatuma badatera imbere mu gukura kwabo haba ku gihagararo canke mu bwenge. Afatiye ku civugo cuyo munsi, yarateye akamo abarundi bose ngo bavire hasi rimwe mu kurwanya amabi muri rusangi akorerwa abana na cane cane urudandazwa rw’abana.

Abajejwe rero gukingira no gutez’imbere agateka kabana basabwa kwisunga ayo mategeko n’inzego bisanzwe bihari mu gikorwa cabo co gukingira no gutez’imbere agateka k’abana kugira intamwe irushirize kuba nziza  gutyo abana baroranirwe mu mibereho yabo ya minsi yose.

Imelde Sabushimike yavuze ko Reta y’Uburundi, “Reta Mvyeyi, Reta Nkozi” yo; ata kindi kiyiraje ishinga atar’uko abenegihugu aribo bene Burundi na cane cane abana, bobaho mu mahoro no mu mutekano ntangere, bakingiwe n’inzego hamwe n’amategeko aha uburenganzira bwose kiremwamuntu akeneye kugira abeho yorohewe mu mwidegemvyo ntangere. Aha yaciye atera akamo abo vyega bose: Imiryango, abajejwe intwaro, amashengero, abajejwe umutekano, amashirahamwe akorera mu gisata co gukingira abana n’abandi tutiriwe turadondagura, ngo bagire urunani rw’intamenwa kugira dutuze iryo hohoterwa mu kudomako urutoke no gushengeza abo bose bakora urudandazwa rw’abana atawukingiwe  ikibaba, gutyo bafatirwe ibihano ruhasha hisunzwe amategeko.

Nyakubahwa Umushikiranganji yaboneyeho akaryo ko kugabisha abo bose baguma bashaka kwikika mu kiza mu guca kubiri n’ingingo hamwe n’amategeko vy’igihugu bakanigira mu menshi abana mu kubahohotera biciye mu kubakorera amabi atandukanye.

Nayo  abavyeyi yabasavye abavyeyi ngo kugaruka kuri ya ndero yo kuziko, baganire n’abana babo gutyo bakurane indero nziza, babarinde kuza barashiwiragira baja mw’ibarabara n’ahandi, nakare ikibanza c’umwana  ni mumurango si mwibarabara.

Abagiye barafata amajambo bose yaba Uwaserukiye Buramatari w’Intara ya Ngozi, Uwuserukira Igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, uwuserukira ishirahamwe UNICEF mu Burundi ryitaho ineza y’abana hamwe n’uwuserukira ico kigo kireze abana, baramenyeshe ko bategerezwa gushira inguvu hamwe kugira ngo agateka k’umwana kubahirizwe gusumba.

Nyakubahwa Umushikiranganji hamwe na Nyakubahwa aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi barashikirije imfashanyo abana barererewe ngaho mwico kigo mu ntumbero yo kubashigikira. Iyo mfashanyo ikaba yarigizwe n’umuceri, ifu y’imyumbati, amavuta y’amamesa, ibisuguti n’ibinyobwa bigizwe n’imitobe.