26 avril 2024

Abanegihugu bagera ku bihumbi 56090 barirata ivyiza vy’Umugambia wa Reta MERANKABANDI

Abanegihugu bagera ku bihumbi 56090 nibo bafashijwe n’Umugambi wa Leta MERANKABANDI mu ntara zine za GITEGA, KARUSI, RUYIGI na KIRUNDO. Abo benegihugu bakaba ubu bageze ku ntambwe ishimishije mw’iterambare hamwe no mu guhindura ingendo mu nyifato y’ubuzima bwa misi yose. Ivyo vyashikirijwe na Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arugurura inama yo kurabira hamwe ivyaranguye w’uwo mugambi Merankabandi, yabereye ku murwa Mukuru w’intara ya Ngozi kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2021.

Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Photo par Elie HARINDAVYI)

Nyakubwa Felix Ngendabanyikwa yasavye ko abandi benegihugu bo miu kibano babegereye bobigirako akarorero mu guhindura nao inyifato.

Yamenyesheje ko ukwo guhindura ingendo vyavuye ku mafaranga Ibihumbi mirongo ine (40.000) baronswa buri mezi 2 hamwe n’inyigisho mperekeza.

Ati « Ubu muri iyo miryango, ubukene bwaragabanutse, ubatembereye ku mihana urasanga iciyongereye kuvyerekeye isuku, amagara meza, ugufungura neza, gushira abana kw’ishure be n’imigambi y’iterambere ».

Yamenyesheje ko Reta yiteze ko iyo miryango yashigikiwe itosubira mu bukene nk’ubwo bahoramwo uwo mugambi utaraza.

Yaboneyeho gusaba abari aho gushigikira iyo miryango kugirango mu gihe umugambi uzoba wasozereye bazogume ari akarorero k’iterambere ridakumira mu gihugu cacu.

Michel NYABENDA, Arongoye Umugambi MERANKABANDI ku rwego rw’Igihugu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwuserukira umugambi MERANKABANDI ku rwego rw’igihugu Michel NYABENDA, nawe mu nyigishi yiwe, yamenyeshe ko uwo mugambi wiyumviriwe muntumbero yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu.

Yongeye amenyesha ko abafashijwe n’uwo mugambi bari abakenye gusumba abandi. Bakaba bafashijwe mu guhabwa amafaranga hamwe n’inyigisho mperekeza kuva muri Ndamukiza 2018 gushika muri ndamukiza 2021.

Ayo mafaranga akaba yahabwa abakenyezi, babicishije mu buryo bwa Ecocash. Amahera yose yatanzwe ahabwa abenegihugu akaba agera ku 30.897.708.000 muri izo ntara zine.

Uwafashijwe muri uwo Mugambi MERANKABANDI ari mu bwoko bw’abatwa ariko ararata ivyiza yakuye muri MERANKABANDI (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abafashijwe n’uwo mugambi bakaba bo nyene ubwabo bashinze intahe y’intambwe bagezeko mw’iterambere.

Bamwe mu bitavye Inama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko iyo nama yari yitabwe n’Abashingamateka n’Abakenguzamateka batowe mu ntara uwo Mugambi ukoreramwo, ba musitanteri b’abakomine 16 umugambi ukoreramwo, abaserukira ibiro vy’Umukuru w’Igihugu abo mu Bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, amashirahamwe afasha mu nyigisho mperekeza, abajejwe umutekano muri izo ntara, abaserukira société civil, abaserukira abatwa hamwe rero na bamwe mubafashijwe n’uwo mugambi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →