23 avril 2024

Kugarira igihe cose niyo ngendo ibereye

Kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 31 NTWARANTE 2023, kumurwa mukuru w’Intara ya Ngozi, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu n’iterambere Ridakumira uramutse duhurira hano ku murwa mukuru w’intara nziza ya Ngozi, buri kumwe n’Ishirahamwe rivuza abakozi ba Reta Mutuelle de la Fonction publique, bwararemesheje ikiganiro kubo basanzwe bakorana hamwe n’abarongoye abandi mu banyanyi b’iryo shirahmwe, kugirango barabire hamwe uko ritanga ubufasha n’icokorwa kugirango ribatunganirize neza uko bikwiriye.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu n’iterambere Ridakumira yuguruye iyo nama, yarashimiye yongera arakeza Umuyobozi Mukuru hamwe n’abandi bayobozi bamufasha kuyobora neza ishirahamwe Mutuelle, kubona baheruka kwizerwa na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ngo baje imbere y’abandi mu gutunganya ibikorwa vy’iryo shirahamwe bafashanijwe n’abandi bakozi bari bahasanzwe.

Yabipfurije Ndabipfurije Imigisha, kandi ngo bakore bashize hamwe kugira babandanye baduza ikivi ca Mutuelle kuneza y’abenegihugu bakenera buri munsi ubufasha bw’iryo shirahamwe.

 

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yaragarutse kandi kw’Ibwirizwa n°100/007 ryo kuwa 28  ruheshi 2020 ritunganya Reta y’Uburundi, hamwe n’ibwirizwa N°100/084 ryo 12 gitugutu 2020 ritunganya Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, riha ububasha ubwo Bushikiranganji gukurikirana ibikorwa vyose birangurwa n’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta, Mutuelle de la Fonction Publique ndetse no mu misi iri imbere, rikazonavuza abenegihugu bose bavyipfuza.

Yavuze ko Mutuelle rero muvyo ijejwe ari ugutegekaniriza kazoza k’amagara y’abakozi ba Reta hamwe n’abafasha babo n’ibibondo vyabo nkuko vyandistwe mu gitabu c’itegeko ryo gukingira abantu hamwe no mw’Ibwirizwa Nshingiro mw’itegeko ryayo rya 55.

Hejuru yivyo rero,yavuze ko  Mutuelle de la Fonction Publique ihamagariwe gufata iyambere mu gisata co kuvuza no gutegekaniriza abakozi ba Reta, ingene bogira amagara meza, ribicishije mu gushiraho ibiganiro vyamaho, baza baragirana n’abanywanyi bayo, kugira ubwo bucuti bubandanye bukomera, kandi rishobora kwumviriza neza ivyo abanywanyi bipfuza ko ribakorera, riheze ribikorereko, kandi ritange n’umuco kuvyo bahora badatahura neza.

 

Yarongeye aravuga ko Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda sida aribwo bufasha cane mu guha ibiro ishirahamwe ryacu Mutuelle rikoreramwo ku bitaro bitari bike vya Reta, mbere no kumavuriro ya Reta yo mu makomine ariyo ma CDS, hamwe n’amavuriro y’abihebeye Imana usanga nayo akorana na Mutuelle.

Ati « Nico gituma nkuko nari nabivuze, ubwo Bushikiranganji bujejwe Amagara y’Abantu durafashanya cane kandi tuzokwama dusenyera kumugozi umwe, kanatsinda twese turondera ko abanegihugu b’Uburundi n’abanyamahanga baba muri kino gihugu cacu ciza Imana yaduhaye, bagira amagara meza.

Twagira tubamenyeshe ko mu mwaka w’2020, tubicishije muri iri shirahamwe Mutuelle twihaye ihangiro ryo kugwiza ibiro vyayo mu gihugu hagati, ryo gushira Ibiro ryaryo hamwe no mu gukwiragira ama mangazini y’imiti (Pharmacies) naho kumbure imyidogo itabura ku banywanyi, ariko turazi neza ko atavyama vyera ngo de ».

Ni guca amenyasha ko hari amashami ya Mutuelle amaze kwugururwa mu Ntara za Gitega, Ngozi, Bururi, Cibitoke, Ruyigi, Cankuzo, Makamba na Karusi, kandi ngo ivyo vyose bigakorwa kugirango umunywanyi wa Mutuelle yoroherwe mu kuronka ubufasha aba akeneye.

Yaboneyeho n’akaryo ko gukeza abakozi ba Mutuelle nongera ndanbashimira kuntambwe bagezeko mu kwakira neza ababitura ku bitaro bitandukanye, kuko ngo mu minsi iheze ntivyari bimeze neza, ngo kahora ari akamaramaza.

Mwomenya ko Ishirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique ryama ritunganya buri mwaka ibiganiro n’abaserukira abandi mu banywanyi barya kugirango baze baratahurana uko bakora n’ivya abamwe n’abandi bategerezwa gutungunya.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →