27 avril 2024

« Abakenyezi b’ingare ni babireke, boye kwimaramaza »

  1. Ako ni akamo katewe na Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 25 Munyonyo 2021 ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, igihe yariko aratanguza isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.
  2. Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi igihe yariko arashikiriza ijambo i Muyinga (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, yarongeye aramenyasha ko bibabaje kubona uho umutambukanyi atoteza uwo bubakanye. Yariyamirije kandi n’abana basigaye bazanirako abigore mu nzu z’abavyeyi.

  3. Nyakubahwa Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi igihe yateye iteka ibirori vyo gutanguza imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme i Muyinga (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Yahamagariye abajejwe intwaro ku mitumba kutivanga mu madosiye y’abagirizwa gokora ivyamfurambi, ahubwo babashengeze.

  4. Abacamanza nabo bafumbatishwa mu guca imanza, ntibabumbwe n’umushahara bahabwa na Reta, yabasavye gukinjura muri urwo rwego hakiri kare.
  5. Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arashikiriza ijambo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Nawe nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mw’ijambo ryiwe yarashimiye bimwe bivuye ku mutima Nyakubahwa Icegera ca Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, we yateye ibirori vyo gutanguza iryo sekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.  

  6. Yamenyesheje ko Uko umwaka utashe, kuva kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo gushika ku rya 10 Kigarama, Uburundi bwama bwifatanya n’ayandi makungu mu gutunganya isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.
  7. Ati: “Kurwanya ayo amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme vyiyumviriwe mu ntumbero yo gushigikira ingo kugirango zibone kwuzuza inshingano zazo zo kuba ishingiro ry’igihugu no kuba umushinge w’iterambere.”
  8. Ngo Bikaba nkako “amahoro arama ahera mu rugo agakwira mu gihugu cose”: Mu gihe abubakanye babanye amahoro, imitumba babayeko iratekana, abenegihugu bakiteza imbere.
  9. Yarongeye ati: “Nta n’umwe kandi ayobewe ko umwigeme w’uno musi ari we mukenyezi w’ejo. Uburyo umwigeme abayemwo mu buto bwiwe buramuherekeza no mu buzima bw’umukenyezi n’umuvyeyi. Mu gihe rero umwana w’umwigeme akuze agononokewe, agateka kiwe kwubahirijwe, yifitiye icizere, yaratojwe indero runtu, ashikiriza akari ku mutima mu muryango no mu kibano,  afise ishaka ryo kurondera ico yifashisha mu vya nkenerwa vya minsi yose;   ingabire ziwe zibandanya zikura bigatuma avamwo umukenyezi w’ijunja n’ijambo, azoteza imbere urugo rwiwe n’igihugu camwibarutse, azofasha ikibano mu gutorera inyishu ibibazo kirimwo akanaserukira abandi.”
  10. Yaboneyeho gutera akamo abo bose biyemeje kurwanya amabi afatiye ku gitsina ko gusubiza amaso inyuma ngo birimbure, barabire hamwe aho bateje ikivi ; ivyagenze neza babishishikare, ivyabagoye na vyo batore ubundi buhinga bwo kubirengera na kare ngo « akatavuga ntigahenda akavuga ».
  11. Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arashikiriza ijambo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yaraciye ku mayange ibitari bike bimaze kurangurwa mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ivyo navyo bikaba ari ibi bikurikira:

  • Kw’itunganywa ry’umugambi w’igihugu wo kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Uwo mugambi urerekana neza ivyorangurwa mu ntumbero yo gukinga amabi, gukingira no gufasha abayakorewe hamwe no guhasha abayakora. Usaba kandi abo bose bakorera mu gisata co kurwanya ayo mabi gukorera mu runani mu ntumbro yo kwuzuzanya.
  • Kw’itanguzwa ry’isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme kuva mu mwaka w’2000;
  • Kw’igenwa ry’inyamiramabi, abashikirizamanza n’abacamanza bajejwe gukwirikirana amadosiye yerekeye amabi afatiye ku gitsina;
  • Kw’itanguzwa, mu 2012; na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu, ry’isekeza ryo kutihanganira na gato kudahana amabi afatiye ku gitsina;
  • Kw’iyemezwa ry’itegeko ryo ku wa 26 Nyakanga 2016,  ryerekeye  Gukinga amabi afatiye ku gitsina, gukingira abayakorewe no guhasha abayakora;
  • Kw’iyugururwa ry’ibigo 5 (i Gitega, i Makamba, mu Cibitoke, i Muyinga no mu Rumonge) abakorewe amabi afatiye ku gitsina baronkeramwo ubufasha bwose bakeneye mu kibanza kimwe;
  • Kw’iyemezwa ry’umubambi w’igihugu wo kurwanya inda z’indaro; n’ibindi, n’ibindi…..
  1. Damien MAMA , Aserukira ibisata vy’ishirakamwe mpuzamakungu mu Burundi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Uwuserukira ibisata vy’ishirakamwe mpuzamakungu mu Burundi Damien MAMA nawe mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikwama na ntaryo rishigikira imigambi ya Reta y’Unburundi na cane cane mu kwitaho kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ku bazoba bahuye n’ivyago bene ivyo, bazobashigikira mukubavuza. Yaciye arikon yibaza igituma buri mwaka bama bashiraho imigambi n’ibikorwa vyo kurwanya amabi akorerwa abakenye n’abigeme ariko ntibiranduranwe n’imizi?

  2. BARUTWANAYO Jean Claude, Buramatari w’intara ya muyinga, yamenyesheja ko mu ntara ya Muyinga isanzwe ifise abantu barenga umulioni, hariho n’abagabo bakorewa amabi n’abakenyezi babo, ariko bagahora.
  3. Icivugo caranze uwo musi bari bacanditse no kuri banderole bakoresheje kuri defire ‘agakura (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Mwomenya ko uno mwaka, amakungu yahimbaje itanguzwa ry’isekeza ryo kuryanya amabi afatiye kugitsina yisunze icivugo mpuzamakundu kivuga kiti:” « Isi yakaka : turandurane n’imizi amabi akorerwa abakenyezi ». Ngaha iwacu mu Burundi naho, icivugo kikavuga giti : «  Uburundi bukeye : Twihutire kurandurana n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme! » Mu gifaransa ni: « Orangeons le Burundi : Agissons immédiatement pour mettre fin aux Violences faites aux Femmes et aux Filles ! »

  4. Defire y’abapolisikazi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’idefire ndende y’imirwi itandukanye, aho abakorera mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira aribo bari imbere.

  5. Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa, hamwe na Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji kuri defire (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Aho Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa, hamwe na Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji  ajejwe gushigikirana, hamwe n’abayobozi.

  6. Abatimbo b’i MUYINGAkuri uwo munsi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Ivyo birori kandi bikaba vyaranzwe n’umurisho w’ingoma aho abatimbo b’I Muyinga basimbira mu kirere nk’inyoni, bakaba barabiciye biracika.

  7. Abatangamuco (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Abatangamuco bo mu ntara ya muyinga nabo bakaba  barakinye agakino ko gukebura abagabo bagihohotera abakenyezi n’abigeme.

  8. Umwe mu bahawe udushimwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Mu gusozera abitanze kurusha abandi bakaba bararonkejwe urupapuro rw’iteka hamwe n’akabahasha.

                                              

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →