12 août 2022

« Abubakanye ni baronderer umwanya wo kuganira ivy’urugo mw’ijoro »

Izo ni zimwe mumpanuro zashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatandatu Igenekerezo rya 30 Mukakaro 2022 ku murwa Mukuru w’Intara ya NGOZI aho yari yateye iteka ibirori vy’ubugeni bw’ingo 158 z’abo mu bwoko bw’abatwa.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yaboneyeho no kuronsa impapuro karangamuntu abatwa bagera ku 771, impapuro z’amavuko 522 hamwe n’izo kwivurizako zigera ku 977.

Mu mpanuro yashikirije abo bari bahejeje kubaka izabo biciye mu mategeko, yabasavye kugira ingo z’akarorero, mu kugiriranira ikiyago mu rugo, ngo barondere umwanya mwiza wo kuyaga ivy’urugo mw’ijoro, kumurango naho nyene baheze bayage n’abana mu migambi baba bariko bararangura igirira akamaro urugo.

Yabasavye kugira isuku ry’aho babaye, handi urugo ruheze rurangwemwo umwumvikana kuko ngo iyo ingo zitekanye, n’igihugu cose kiba gitekanye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko arakeza abanegihugu b’abatwa bagize ubugeni biciye mumategeko (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yari yagiye abashiriye agakemanyi kagizwe n’ibifungura vy’umucheri vyo kubashigikira aho umuryango wose wagize ubugeni waronkejwe ibiro cumi (10kg).

Mu zindi mpanuro nyakubaha Imelde SABUSHIMIKE yashikirije, zari zerekeye abo benegihugu b’abatwa baronkejwe ikarata karangamuntu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko arashikiriza ikarata karangamuntu abenegihugu bava mu miryango y’abatwa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko kubona abenegihugu bagera 771 baronswa uturangamuntu hamwe n’abagera ku 522 baronswa amakarata y’amavuko (Extrait d’acte de naissance), bigaragaza neza ko ubu abenegihugu bari barasigaye inyuma mw’iterambere bagiye nabo kuja ku murindi w’iterambere nk’abandi barundi.

Yaciye aboneraho gushimira icese ishirahamwe « ASEJEBA » rihurikiyemwo urwaruka rw’Abatwa, ryo ryakoze ibishoboka vyose rifashwe mumugongo n’ishirahamwe African Raod, kugirango imiryango y’abatwa bangana uko, bashobore kuja mu murwi w’abarundi bagengwa n’amategeko y’igihugu ciza c’Uburundi, baronswe mbere n’ubwenegihugu kumugaragaro naho bari basanzwe babufise ariko atakibigaragaza.

Yihweje abenegihugu bangana nk’uko bari babayeho ata burangamuntu bari bafise, yamenyesheje ko cari igihombo kikini ku gihugu cose, aca yiyumvira ko benshi batari bwasigurirwe akamaro ko kugira ikarata karangamuntu.

Yasavye abari aho eka mbere n’abatari ngaho ko boza barasiguriranira, ko ikarata karangamuntu ififise akamaro kanini cane mu buzima bw’umuntu bwa minsi yose.

Muri bimwe Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yatanze nk’akamaro ko kugira ikarata karangamuntu ni ibi bikurikira :

  • Ituma Umuntu ashinga urugo rwiwe biciye mu mategeko, ati noneho mwabonye hari n’abaciye bubaka izabo.
  • Ituma witwa umwenegihugu, kuko ngo udafise ikarata karangamuntu ntaho uba utaniye n’umunyamahanga atacangombwa na kimwe kimuranga afise.

Ngo ivyo bigaca bigaragazwa n’uko izina karangamuntu, kararanga umuntu koko, kakerekana aho yavukiye, Umusozi, komine, intara, n’igihugu ; kakerekana itariki canke umwaka yavukiyeko, maze kagaca gafasha uwugafise imigambi myinshi myiza y’iterambere.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko arashikiriza ikarata karangamuntu abenegihugu bava mu miryango y’abatwa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aha akaba yaciye atanga akarorero ko Kwandikisha abana mu bitabu ndangamuntu nk’uko mbere vyaciye bikorwa kubagera 522, ati umwana araheza akandikishwa mw’ishure, kubera aba afise urupapuro rw’amavuko rumuranga.

Yarongeye aravuga ko mu buzima hamwe n’imigambi y’iterambere, ikarata karangamuntu ifasha kuronka umurongo wa Terefone, kugurura konte muri banki, ukeneye kuja no hanze karangamuntu niko gafasha kuronka urupapuro rw’inzira rumwe bita Passe port n’ibindi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaramenyesheje ko mbere na Komine biheza bikayorohera kumenya abenegihugu ifise, maze igaheza igatunganya imigambi yayo y’iterambere yisunze ibitigiri vyanditse vy’abanegihugu bayibamwo.

Kuberako vyagaragaye cane ko mu mumiryango y’abatwa benshi ata matongo bafise kandi bakaba bafise n’uburaro budashemeye, yabasavye kuza baraduza ibigega, bakiyubakira inzu, maze Ubushikiranganji nabwo bujejwe gushigikirana buheze bubaronse ibisakazo nk’uko bumaze kubigira ku Miryango itari mike.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko aratamba (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, iriko irakora Ibishoboka vyose kugirango abarundi bose bashobore kuva mu bukene, baterintambwe mw’iterambere,  yaciye abahamagarira kuja kukivi, umwe wese aho aherereye akore yongere akore, maze ngo Reta nayo iheze isahirize aho bazoba bananiriwe ngo nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu  c’Uburundi Général Major Evariste NDAYISHIMIYE yama abiyagira abenegihugu ngo « Umunwa wose uronke uco ufungura n’umufuko wose uronke amafaranga », aca asigura ko atawuzoza abashirira amahera mu mifuko badakoze, ngo baronke ico bafungura n’ico basagura kuvyo bimbuye, baheze bashore bironkere amafaranga.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yarifadikanije n’imiryango y’abatwa bari baramutse bagira ubugeni, abandi baronswa ikarata karangamuntu hamwe n’impapuro z’amavuko y’abana babo mu ntambo zitandukanya ziranga akaranga n’umuco wabo bihimbaye.

GAHUNGU Pascal, Umunyamabanga wa Musitanteri wa Komine NGOZI ari nawe yaraganishije abo bageni (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

GAHUNGU Pascal, Umunyamabanga wa Musitanteri wa Komine NGOZI ari nawe yaraganishije abo bageni, yabanje kubasomera ingingo ziri mu gitabu kigenga ingo n’imiryango ahanini zerekeye ivyo mu rugo umugabo canke umukenyezi ategerezwa gukora kugirango urugo rurame.

Yaboneyeho kubaha n’izindi mpanuro bogenderako na cane cane izo kwubahana kugirango ingo zabo zizorame kuruta.

Umupfasoni KITONZE Sandrine, Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano inkino n’imico kama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Umupfasoni KITONZE Sandrine, Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano inkino n’imico kama akaba yarashimiye cane Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE kukungene yama na ntaryo yishikira ku kivi kugirango akurikirane neza uko ubuzima bw’abenegihugu bafise amikoro make bwifashe.

Akaba yamenyeshekje ko intara ya NGOZI itekanye, ngo uwo munsi ukaba wahuriranye n’uko iyo ntara yatewe iteka ridasanzwe aho na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yari yariyigendeye.

Akaba nawe nyene kandi yarashimye cane ukungene abo benegihugu bari mu miryango y’abatwa bitabiriye ivyo bikorwa vyo kwiyandikisha kugirango baronswe uburangamuntu hamwe no kwubaka izabo biciye mumategeko.

Uwurongoye ishirahamwe ry’urwaruka ASEJEBA, Umushingamateka NDIKUMANA Evariste (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye ishirahamwe ry’urwaruka ASEJEBA, Umushingamateka NDIKUMANA Evariste, yavuze ko iryo shirahamwe ryishinze guteza imbere indero y’urwaruka.

Yarashimiye cane Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE kubona yarabashigikiye aca agirako amenyesha ko nawe asanzwe ava mu muryango w’abatwa muntumbero yo guhamagarira urwaruka ruva muri iyo miryango gukunda ishure, bisunge abamaze gutera intambwe.

Yarashimiye cane Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Général Major Evariste NDAYISHIMIYE arongoye  Reta Mvyeyi kandi Nkozi kuko ngo ata yindi Reta yari bwashireho Umushikiranganji ava mu bwoko bw’abatwa, kandi mbere agashima n’ingene yama ibashira mu myanya itandukanye mu nzego z’igihugu.

Akaba kandi yarashimiye ishirahamwe African Road ryabafashe mumugongo kugirango ivyo bikorwa birangurwe.

Mwomenya ko abenegihugu bagera 977 bava mu miryango y’abatwa aribo kandi baronkejwe amakarata yo kwivurizako (Carte d’Assistance Maladie)

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →