27 juillet 2024

Abakenyezi birimizi barashigikiwe na Reta bimwe biboneka

“Dusavye abakorera muri ico gisata bose gusuzuma ubuhinga bakoresha ko bujanye n’ingene abakenyezi b’Abarundikazi babayeho. Hari aho tumaze iminsi twumva ko ibikorwa bijanye no gushigikira umukenyezi mu butunzi batunganya biza bitera umutekano muke n’uruhagarara mu miryango mu kuza kwinyagira bimwebimwe mu vyo umryango utunze. Ni co gituma dusavye ubushikiranganjii bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira  gukwirikiranira hafi ubwo buhinga kugirango ntibuze buteza umwumvikano muke hagati y’abubakanye”.

Dénise NDADAYE, icegera cambere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo ni ivyashikirijwe na nyakubahwa Denisé NDADAYE, icegera cambere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 15 gitugu 2021, mu giheta intara ya gitega, igihe bariko barahimbaza umusi Mpuzamakungu wahariwe Umukenyezi mwirimizi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’iterambere Ridakumira, yaramenyesheje ibitari bike bimaze kurangurwa na Leta y’Uburundi, mu ntumbero yo guteza imbere abakenyezi-birimizi bo ngaha mu Burundi. Akaba yadondaguye ibi bikurikira:

  • Ishingwa ry’umugambi w’igihugu werekeye gutezimbere umukenyezi mu butunzi;
  • Umugambi w’igihugu wo gufasha abenegihugu kuronka umwavu w’ikizungu mu ntumbero yo kurwiza umwimbu;
  • Gutunganya imyonga mu buhinga bugezweho kugirango irimwemwo ibiterwa vy’imbuka cane nk’umuceri n’ibigori;
  • Kwubaka amabarabara afasha mw’ihanahanwa ry’ibidandazwa hagati y’intara n’amakomine;
  • Kwubaka ibigega vyo gushingura umwimbu kugirango uzogurishwe mu gihe igiciro caduze;
  • Kwubaka amasoko ya kijambere atuma ibidandazwa bigirirwa isuku ababisumye bakagira amagara meza;
  • Gukwiragiza umugambi wo kuziganya no kuguranana “Nawe Nuze “ mu ntara zose z’igihugu;
  • Umugambi w’igihugu wo kuvura ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibaruka,
  • Ishingwa ry’ibanku yo guteza imbere uburimyi n’ibanki y’Abakenyezi;
Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira i( i Buryo) hamwe na Dénise NDADAYA, Icegera cambere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ( i bubamfu) (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze kandi ko Umunsi Mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi-mwirimizi ufise intumbero zikurikira:

  • gushigikira abakenyezi-birimizi mu migambi y’abo yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu;
  • guhimiriza ama leta n’abenegihugu ngo bamenye ko ibikorwa vy’umukenyezi-mwirimizi bifise uruhara ntangere mu buzima bw’igihugu naho hari ababifata minenerwe;
  • guhimiriza umukenyezi-mwirimizi ku bijanye no kwitunganya ngo ashobore kwiteza imbere;
  • kumenyesha abo bose bafata ingingo ivyipfuzo vy’abakenyezi-birimizi bo kw’isi yose, na cane cane ku batwara ikigega mpuzamakungu hamwe n’ibanki nkuru y’isi yose;
  • Kwifadikanya n’abandi bakenyezi ngo bunge urunani rw’intamenwa mu ntumbero yo guhimiriza ama Leta ngo akore ibikorwa bigaragara bifasha mw’iterambere ry’umukenyezi-mwirimizi.

Vyongeye, Nyakubahwa Umushikiranganji SABUSHIMIKE yamenyesheje ko Umukenyezi-mwirmizi ahura n’intambamyi nyinshi zimubuza kuronka umwimbu ukwiye umufasha gufungurira neza umuryango wiwe no gucikishako umusesekara ashora. Zimwezimwe muri izo ntamabamyi yadondaguye ni izi zikurikira :

  • Amatongo yaze atuma imiryango myinshi itagishoboye gutungwa n’uburimyi gusa ;
  • Itituka ry’isi ndimwa rituma umwimbu ugenda uragabanuka ku mwaka ku mwaka ;
  • Ubuhinga bwo guhingura ivyimburwa budashemeye bigatuma umwimbu kenshi na kenshi ugurishwa ku giciro c’intica ntikize ;
  • Amayira n’amabarabara ashika mu mirima atameze neza canke adakwiye;
  • Kudakoresha imbuto zirobanuye no kutaronka abamwigisha ubuhinga bwo kurima kijambere bituma aronka umwimbu udashimishije ;
  • Kutaronswa ingurane zo gukoresha mu bikorwa bijanye no kurwiza umwimbu ;
  • Ihindahurika ry’ibihe rituma imirima, inyubakwa rusangi n’uburaro vyononekara bagasigara mu kangaratete ; n’ibindi.
Abitavye (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwo musi mukuru ukaba wahimbajwe ku civugo kivuga kiti « Dushigikire umukenyezi- mwirimizi mu twigoro  akora tw’iterambere».

Uwaserukiye Ishirahamwe mpuzamakungu PNUD mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu PNUD mu Burundi yamensheje ko biyemeje kuzokwama bashigikira ibikorwa vyiza vya Reta y’Uburundi kugirango abakenyezi birimizi baronke ubuzima bwiza.

Urugendo rw’Umushikiranganji (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’urugendo rw’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’icegera  cambere c’Umukuru w’inama Nkenguzamateka rwo kuraba ibikorwa vy’ abakenyezi birimizi bakorera mw’ishirahamwe “Ingero y’Ubuzima” bo ku mutumba wa Muremera hamwe na koperative COVACERI rihingura ubuyi ryo muri komine Giheta intara ya Gitega.  Bakaba bageze kuntambwe ishimishije mw’iterambere uravye aho bavuye n’aho bageze.

Uwaserukiye abakenyezi birimizi akaba yarashimiye cane Reta y’Uburundi abicishije ku Bushikiranganji bwo Gushigikrana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Ingoma (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwo munsi mukuru ukaba waranze n’ibirori vyinshi n’intambo zitandukanye.

Bamwe mu baronkejwe udushimwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Amashirahamwe 9 y’abakenyezi akaba yaratewe intege mukubashigikira aho rimwe ryose ryaronkejwe umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Mwomenya kandi ko Uwo Munsi Mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi-mwirimizi washinzwe mu mwaka w’2007 n’ibihugu vyose  bihurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ngo  vyerekane uruhara ntangere rw’umukenyezi-mwirimizi mu kuzamura ubutunzi bw’ibihugu vyabibarutse, mu kugwiza imfungurwa no mu kurwanya ubukene mu miryango.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →