27 avril 2024

Abakenyezi n’abigeme bariko barahurumbira cane Ibanki y’iterambere ry’abakenyezi

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 ndamukiza 2023 i Gitega, Ubushikirangaji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwari bwatunganije uruganda rwo guhimiriza abakenyezi ngo biteze imbere babicishije mu gusaba ingurane mw’Ibanki y’abakenyezi.

Nyakubahwa AHISHAKIYE Claudine, Umuyobozi ajejwe iterambere ry’abakenyezi mu Bushikirangaji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yavuze ko yisunze urusansuma ruheruka mu mwaka 2008, rwerekanye ko abakenyezi mu Burundi barenga ibice 50% vy’abarundi bose kandi ngo n’ibindi vyigwa bitandukanye vyerekana ko ibice birenga mirongo umunani na bitanu kw’ijana (85%) vy’abo bakenyezi ari abakenyezi birimizi.

Ati biragaragara rero ko umukenyezi ari umushinge ukomeye mw’iterambere aho ryozanana hose mu Gihugu, mu gihe yohaguruka, agakoresha ivyo igihugu kimutegekaniriza, iruhande y’ubuhinga n’ubumenyi Imana yamuremanye.

Yavuze ko Reta y’Uburundi imaze gukora ibitari bike ngo umukenyezi ashobore gutera imbere, ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu camwibarutse.

Aha yaciye atanga n’uturorero nko gukomeza amahoro n’umutekano mu gihugu, aho umurundi wese eka mbere n’abanyamahanga baba mu Gihugu c’Uburundi, baryama, bakavyuka, bakaja mu mirimo itandukanye atankomanzi.

Aho rero ngo ni umukenyezi abinezerererwa gusumba abandi bose kuko afise umwidegenvyo wo kurondera ibifasha urugo atabwoba afise.

Nyakubahwa AHISHAKIYE Claudine yavuze kandi ko iyongerekana ry’amagara meza ku babakenyezi n’ibibondo kubera poritike nziza yo kwegereza ubuvuzi abenegihugu, kuvurwa no kwibaruka ku buntu ku bakenyezi bibungeze, tutibagiye no kuvuza abana batararenza imyaka 5 ku buntu.

Iruhande y’ivyo, ngo haramaze gushirwaho imigambi itari mike ifasha umukenyezi gutera imbere,aho akavuga ibijanye  no  kwegereza ifumbire abenegihugu ku giciro kitavuna, imbuto zirobanuye, kwigisha ubuhinga bugezweho bwo kurima no kworora ngo umwimbu wongerekane gusumba, guhimiriza abenegihugu gukorera mu ma koperative, gutanga imfashanyo y’ibikoresho canke y’amafaranga ku bariko barakorera hamwe imigambi y’iterambere.

Yahamagariye abakenyezi b’abarundikazi kutarera amaboko ngo barime, borore, mbere ngo hari n’abamaze kugera ku ntambwe yo kurangura n’iyindi migambi yiyaguye y’iterambere, nk’ubudandaji buto buto na bunini, guhingura ivyimburwa no kubidandaza, gukora urudandanzwa ndengambibe, kurondera isoko y’ibidandazwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, no mu gukoresha ubundi buhinga mw’iterambere bwari bwiharijwe n’abagabo muri rusangi.

Kuberako abakenyezi benshi b’abarundikazi badafise amikoro yobafasha kurangura imigambi y’iterambere uko bavyipfuza, yamenyesheje ko baca barangura bike bihuye n’ubushobozi bafise, hanyuma iterambere rikaba rito mu miryango, bigatuma n’iterambere rica riba rito mu kibano mbere no mu Gihugu.

Mu kugerageza guhangana n’ico kibazo, Nyakubahwa AHISHAKIYE Claudine yavuze ko abakenyezi bahimirijwe bongera barafata intumbero yo kuja mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ingurane ntonto, ayo nayo ngo akaba ari menshi mu Gihugu, kandi ngo umwimbu wayo ukaba uriko uragaragara mu buzima bw’ingo n’imiryango.

Iruhande y’izo ngurane bahanahana mu mashirahamwe, yasiguye ko basaba n’ingurane ntonto mu ma Banki asanzwe afasha kuziganya no gutanga ingurane muri rusangi kandi ngo Kubera ko ata ngwati igaragara abakenyezi benshi bafise ngo batange muri ayo ma banki y’abikorera utwabo, baronka ingurane nto cane kandi ishaka ryo kurangura imigambi minini barifise.

Ati nico gituma, Reta y’Uburundi, imaze kubona utwigoro tuguma twiyongera tw’abakenyezi mw’iterambere, yaciye ifata ingingo yo gushiraho Ibanki yitiriwe iterambere ry’abakenyezi, itanga ingurane ku nyungu itavuna ku bakenyezi bari hamwe canke bigenga bafise imigambi irashe yo kwiteza imbere.

Nawe Nyakubahwa Samuel NININAHAZWE Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano, yavuze ko ivyigwa biheruka vyerekanye ko ibitigiri vy’abitura Ibanki y’abakenyezi mu ntara ya Gitega biri hasi ugereranije n’abo mu zindi ntara bayitura, kandi isanzwe ili muri iyo ntara.

Aca asaba ko hoba ihimirizwa n’inyigisho kugirango abakenyezi bayiture kubwinshi.

Yatanze kandi impanuro aho ngo vyagaragaye ko hari abafata ingurane batabanje kwiga neza ingene bazoriha ingurane basavye, kuko ngo baba bayakoresheje mu bitabaha inyungu nko kugura ivyambarwa canke ibifungurwa bitabaha inyungu.

INGABIRE Mireille Zina, Umuyobozi ajejwe Ubudandaji muri iyo Banki y’abakenyezi yaciye asigurira abari aho ingene iyo banki ikora kugirango yorohereze abakenyezi bipfuza ingurane.

Yavuze ko iyo banki ikorana n’izindi banki, maze ngo n’uwoba ari mu yindi ntara ashobora gushira amahera muri banki imwegereye, maze kubera amasezerano bafitaniye agaheza agashika muri iyo banki

Mwomenya ko iyo banki yatanguye ibikorwa muri ntwarante mwaka 2022, kandi ikaba ikorana na ecocash.

Yamenyeshe kandi ko bagomba kwugurura amashami i Bujumbura, Makamba na Ngozi, aho ngo i Bujumbura hoho bashobora kuhugurura mu kwezi kwa Mukakaro 2023.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →