26 avril 2024

Inzu 28 za bantahonikora bo mu Giheta nizo zigiye gusakarwa

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2023, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwarashikirije bwongera buratanguza gusakara inzu 28 za bantahonikora bo muri Komine GIHETA bashoboye kuduza ibigega.

Ico gikorwa kikaba cahagarariwe na Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira aho ari nawe yashize ibati ryambere kuri imwe muri izo nzu.

Mw’ijambo ryiwe, yavuze ko Reta Mvyeyi ari Umuvyeyi wa bose, ko yama iraba ko abakenewe kuronswa ubufasha baburonswa bose, aca abasaba ko mu gusakara ayo mabati, inzu imaze gukwirwa, hakagira ayasigara, boheza bakayasabikaniriza n’abandi  batarashikirwa kuko ngo atari ayo kudandaza.

Yabasavye kandi ko boza baritabira ibikorwa vyo gufashanya mu kuduza ibigega kuri abo batarashobora kuduza impome.

Akaba kandi yaboneyeho kubibutsa ko ayo mabati bayaronse bari bayakeneye, naburya hari bamwe bakiba mu mazu za mitego.

Yarashimiye cane kandi abari muntwaro kuko aribo batanze icegeranyo ca bantahonikora bakeneye ibisakazo harimwo n’abo benegihugu bo mu bwoko bw’Abatwa bo kuri uwo mutumba wa KIBOGOYE, Zone na Komine GIHETA mu ntara ya GITEGA.

Yabemereye ko Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira buzokwama na ntaryo bwitaho ineza y’abenegihugu babukeneyeko ubufasha.

Yarangije yipfuriza amagara meza no kuroranirwa abagiye kuba muri izo nzu nshasha.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →