18 avril 2024

Abanywanyi ba Mutuelle bagiye kworoherwa gusumba

Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle de la Fonction Publique Annonciatte SENDAZIRASA, ari nawe yaserukiye Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yamenyesheje ko iryo shirahamwe ririko rirakora ibishoboka vyose kugigirango ribandanye rihurumbirwa n’abanywanyi baryo. Hari mu nama yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’iryo shirahamwe, n’abanywanyi ba mutuelle bo mukarere ko hagati mu gihugu GITEGA, RUYIGI, CANKURO NA KARUSI bari bakoraniye mu ntara ya RUYIGI  Kuwa kane igenekerezo rya 5 Myandagaro 2021.

Annonciatte SENDAZIRASA, Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle de la Fonction Publique (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje abari aho ko mu misi iri imbere,  Mutuelle de la Fonction Publique igiye kwitwa Mutuelle Nationale du Burundi.

Abitavye Ibiganiro (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Muri ivyo biganiro kandi, abavyitavye basavye ko  amamangazine y’imiti (pharamacie) y’abigenga akorana na Mutuelle adatanga imiti kuri bon ya Mutulle kandi ihari, akayitanga kuri 100%, yohanwa hisunzwe amategeko kandi bikagaragara.

Dr. Noelle UWINEZA, Umuyobozi ajejwe kuvuza abanywanyi muri Mutuelle (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubhwa Dr. Noelle UWINEZA, Umuyobozi ajejwe kuvuza abanywanyi muri iryo shirahamwe yamenyesheje ko Mw’ishirahamwe Mutuelle imiti ikwiye ihari kuva aho itanguriye kurangura imiti ibicishije mw’ishirahamwe CAMEBU. Yamenyesheje ko imiti bita Generique isanzwe ikora nk’iyo bita  spécialité ariko ko bitandukanye kuco ibitwemwo gusa (emballage).

Serges NTIRWIHISHA, Umubozi ajejwe Intwaro n’Ubutunzi muri Mutuelle de la Fonction Publique (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nayo Serges NTIRWIHISHA, Umubozi ajejwe Intwaro n’Ubutunzi akaba yasavye abaganga kubandanya bandikira abarwayi iyo miti kugirango ntizote garanti aidafashije abanywanyi.

Yasavye abarongoye intara, ba musitanteri n’abayobozi b’ibitaro bitandukanya kubandanya bariha uburyo baheraniye iryo shirahamwe kugirango ribandanye ryitaho neza cane abanywanyi baryo.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →