23 avril 2024

“Abatwa sibo biba gusa kandi kenshi iyo bivye biba mu mirima ariko hariho n’abandi biba amamiriyoni Atari abatwa”

Iyo ni imwe mu nyishu Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yatangiye I Bururi kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 nzero 2023 mu kiganiro n’abenegihugu.

Kubera ko muri iyo ntara hari abashikirije ko hari ikibazo gikomeye c’abatwa bagenda kwiba mu mirima beneyo bahahuriye bagaheza bakarwanirayo, vyabaye ngombwa koi co kibazo bagishikiriza mu nama Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yagirishije muri rwa rukurikirane rw’ibikorwa vy’abashikiranganji bariko baragira mu ntara zose.

Ahahanini ababajije ibibazo bakaba ari abatwa basaba aho barimira, aho vyagaragaye ko amakomine ya Bururi na Songa bo baronkeje amatongo abatwa, ariko ayandi makomine hakiri abitwa abagererwa nk’abatwa bo ku mitumba ya VYUYA na NYAKIMONYI yo muri Komine MUGAMBA intara ya Bururi, ari naho hava ivyo vyo kutumvikana.

 

Ariko kurundi ruhande, vyagaragaye ko abatwa bo mumakomine ya Songa na Bururi ata kibazo bafise kukahubahawe amatongo y’aho baba, bakagira bati: “Dusavye ko botuzanira abahutu n’abatutsi bakenye tubane kugirango ntibasubie kuvuga ko ari ikirwati c’abatwa”

 

Kukibazo c’amatongo ni babahe yabamenyesheje ko ubushikiranganji butatu (ubujejwe Gushigikirana, Intwaro yo hagati hamwe n’ubwamatongo) bazoja hamwe muminsi iri imbere kugirango barabire hamwe ingene bofasha guha amatongo abatayafise, gutyo ngo imyidodombo y’aba na bariyo badafise uburaro baheze baburonke.

Yaciye yibutsa abari aho ko ngo arico gituma Nyenicubahiro iyo agendeye ahantu baheza bakamutura ibibazo, ariko guca atuma abashikiranganji nabo ati “genda namwe mwumve ivyo bibazo muheze mutore inyishu z’ivyo bibazo umwe wese muvyo ajejwe”.

Ati nico gituma twumvise hari abahayagije abasitanteri bamwe bamwe bafashe ingingo yo kuba baraha amatongo abenegihugu b’abatwa batayafise, ngo n’abandi barashobora kuba barabatiza ayo matongo mukurindira ko ingingo nziza ifatwa.

Kubasavye ibisakazo, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko hari umugambi wo kurwanya nyakatsi, igihe cose amabati abobonekera bazoca bayabaha, ariko bagaha abagize inguvu bakaduza ibigega.

Kukibazo c’amatati ari hagati y’ishengero pentekoti n’abatwa, yabamenyesheje ko azobagendera kugirango ahabwe umuco uko bimeze kuko vyagaragaye ko ata n’umwe wo muri iryo shengero yaje ngo atange umuco kuri urwo ruhande kuvyerekeye ayo matatiti.

Kubwiwe ngo iyo barimye ahantu, bivana n’amasezerano ahari y’ingene bizogenda bimaze kwera ivyo barimye. Kuko ngo no mu bushikiranganji barabikora ariko ntibisigura ko baca batwara ivyeze, biriba n’abo benegihugu nyene, ngo baba babahaye gusa agahembo kugira bafungure bariko barakora.

Ku kibazo c’abatwa bahejeje amashure batagira akazi canke ngo babandanye kaminuza, yaciye ashima ko Reta yafashe ingingo yo gushira mu mashure yisumbuye afise uburaro abatoye ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda.

Yaciye aboneraho gusaba abavyeyi babo gukurikirana abo bana, babahimirize bige bamenya.

Kubenegihugu basaba ko bashirwa mu mashirahamwe ya Nawe Nuze nabo, yaciye ahamagarira abenegihugu bose muri Rusangi kuja hamwe mumakoperative kugirango ubushikirangnji bubone kubafasha vyoroshe.

Yaciye abemerere  kuzobagendere kuri abo bamusavye ko yobagendera muri komine iwabo, kandi aca ategeka ko abakozi baserukira ubwo bushikiranganji mu makomine kwama na ntaryo bagendera abenegihugu babafashe kuja hamwe mu makoperative.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE  yabamenyesheje ko ingendo iri muri iki gihe ari nziza cane kugirango inyishu z’ibibazo ziboneke, ati :Ni mugire icizere c’abajejwe intwaro kumutumba na burya hagiyeho abahuza, ivyo bigatuma umwenegihugu agira ingendo nke aja gusaba ababatunganiriza”.

Yabasavye ko batoza barasuzugura abashobora kubaha inyishu na cane cane indongozi guhera hasi, ngo ibibazo vyose baba begeranije, barashibora kubiha ba musitanteri bagakorana n’abandi bajejwe ibisata bitandukanye harimwo n’uwuserukira ubushikiranganji bwo gushigikirana  muri komine, inyishi igaheza ikaboneka.

Kukibazo c’uwatwaye inda uwayimuteye agaca amuheba kumurongora, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKEyavuze ko ibintu vyo guharika abarongoye amashengero ko bofasha cane guhimiriza guhindura ingendo n’ingeso mbi. Ati “muri Reta turiko turaraba ko itegeko rigenga ingo n’imiryango ryosubirwamwo mu ntumbero yogukingira aba na bariya.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabaye umushikiranganji wambere yatanguriye kugiranira ikiganiro n’abenegihugu muri iyo ntara murukurikirane rw’abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi bariko baragendera intara, ariko kuri we ikaba ibaye intara igira gatatu agendeye inyuma ya Bubanza na Bujumbura kuva kumunsi wambere igenekerezo rya 9 nzero 2023.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →