26 avril 2024

Ijambo abaterambere ni imvuga y’agahemo

Ivyo vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 nzero 2023 muri komine ISARE, ari kumwe na Nyakubahwa Dieudonné DUKUNDANE ajejwe Uburaro aho bariko bagiranira ikiganiro n’abenegihugu kugirango batangange umuco ku bibazo bara ubwo bushikiranganji bubiri.

Mu bibazo vyose vyari vyashikirijwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko ku kibazo c’uburaro cabajijwe na benshi,  yabamenyesheje ko hari umugambi bise ‘zero nyakatsi’ aho bipfuza gufasha gushigikira abenegihugu batagira uburaro, babe heza.

Yavuze ko kubera ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana butubakira abantu guhera hasi, yasavye ba musitanteri kugira intonde kandi bamenyeshe inzu yose amabati akenewe kugira Ubushikiranganji buheze bubashigikize amabati, bivanye n’uburyo buzoba bwabonetse.

Niho haca havurwa ikibazo kijanye n’abatwa batagira aho aho barima eka mbere n’uburaro bwiza, abafata amajambo bose bagakoresha ijambo abasangwabutaka. Niko guca ahera aho, avuze ko ijambo abaterambere ari imvuga y’agahemo kuko aribo basanzwe bakenye gusumba abandi mu makomine, ahubwo ati ‘nimubahe  aho barima babone gutera imbere’. Yongeye arasigutra avuga ko atabwo wovuga ngo umuntu ni umuterambere kandi ariwe akenye mu karerere gusumba abandi, aho gutora umuti wotuma ava mu bukene.

Ku bindi bibazo nk’umupfasoni yashikirije ikibazo c’abana biwe batiga kubera ubukene, Nyakubahwa Umushikiranganji yaciye yemera kumushigikiza amakaye boba barakoresha yunganira ayo bari bsanganywe.

Habajijwe n’ikibazo c’abari mu masite ya Sobel na Kigaramango, aho yaciye avuga ko  Kigaramango yarugawe, ngo ubu bagomba gukora ibishoboka vyose kugirango amasite yose  yugarwe.

Yavuze ati ‘‘Turazi yuko hari abenegihugu bamwe muribo badashaka ko bojanwa ahandi hantu ikibanza coboneka, kuko ngo si mugahinga boba bagiye, ngo n’abandi barahabaye’’.

Ati ‘’Murumva ko hazi ibibazi vy’indero bihari muri ayo masite, twosaba ko twese twoja hamwe kugirango tubakanguririre kuhava na cane cane mwebwe mujejwe intwaro’’

Kubasavye ko boshigikirwa mukuronswa ibitungwa bitobito, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko ubwo bushikiranganji bwatanguriye muri mugongomanga gutanga ibitungwa bitobito kandi ko buzobandanya n’ahandi. Ati ‘’Nico gituma dusaba mwebwe mujejwe intwaro kudufasha guhimiriza abenegihugu’’.

Mu bijanye n’ikarata yo kwivuriza CAM, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko hari umugambi witwa santé universelle, uriko uratunganywa kugirango umwenegihugu wese ashobore kuronka ingene yivuza, bafatiye ku butunzi, uwufise menshi atange menshi, uwa make tatange make, uwudafise, arihirwe n’abandi.

Yibukije abarongoye amakomine ko bovugana neza ibijanye na CAM kugirango bamenye abo baziha bazikeneye, babanze barabe kuri ya makonte yajaho yo gushigikirana mu kibano, hanyuma baheze bazibagurire, babonye atamahera ahari naho baheze babivugane neza n’ubushikiranganji bwo gushigikirana.

Nawe Nyakubahwa musitanteri wa komine kabezi yavuze ibiriko birononekara, yabasavye gukorana n’abakozi b’ubwo Bushikiranganji bwo gushigikirana kugirango bafashe kugira intonde z’abohabwa amabati.

Kuvyerekeye imvura nyinshi y’urubura yaguye ikonone imirima, yabasavye ko umugambi wo gushigikirana mu kibano wobandanya, ati ‘’igihe twahimbaza umunsi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano hari amafaranga yatanzwe, kandi mugenede muterereze abavuka komine, mukambakambe, nivyananirana duheze natwe tugitange’’.

Ku kibazo c’inzara ivurwa nayo, yasavye ba musitanteri ko boba baratiza amatongo abo benegihugu bari mu mashirahamwe n’amakoperative kugirango baheze baronke ico bafungura.

Nayo Musitanteri wa Komine Mugongomanga hamwe na Buramatari basavye ko yobagendera, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuyeho abemereye ko azobagendera muri uku kwezi kwa Ruhuhuma 2023.

Kukibazo gisanzwe kiri hagati y’imiryango, aho na cane cane hari abantu usanga bafise abagore barenga umwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yasavye ko abaserukira Ubushikiranganji arongoye mu makomine yose bobifata nkama maze aca ahamagarira abenegihugu bose kuza barabitura kugirango babatunganirize muvyo ubushikirangnji bujejwe.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yumiwe ati ‘Karabaye mu mpene karahava kaja no muntama’. Hari abagabo usanga bakuranya abagore kurya bakuranya impuzu. Ivyo rero ntateka biha umuntu. Iteka ry’umuntu n’uko yubaha umugore wiwe, umugore nawe nyene akubaha umugabo. Ico caha rero gifata bose kuko abantu bose baraheza bakavuga ivyabashikiye yaba uwahohotewe canke uwahohoteye.

Abantu rero ngo bakwiye kwishiramwo ko ari urugingo rwa naka kuko baba basezeranye kubana ubuzima bwose. Ngo Iyo uhemutse rero ntamugisha uronka kuko birimwo umuvumo , n’akaga kubabikora. Ati tuzizera ko bizohinduka, hakaba amategeko akingira abakenyezi batubatse biciye mu mategeko, rero ni Umwitwarariko wa Twese.

Kubijanye n’amakomine atarariha none afise ibirarane vy’intererano y’abanywanyi, yabishuye ko bogerageza bakishura, kuko ngo ni nka kurya kw’imodoka uwutunze aguma ariha kandi itariko iragira isanganye, na mutuelle niko kuko, ngo bategerezwa kuriha naho bomaba imyaka batarwaye. Igishoboke yemeye ko haba kuvuganako ni guheba indemnité de retard gusa maze hakirwa ingene bogenda barariha bukebuke ivyo birarane.

Ku bijanye n’abarundi batagira amatongo, yavuze ko abo bene gihugu bashobora guhabwa amatongo, ati ni ubusikirangani 3 bwagiye hamwe kugirango bige ahoshirwa abo benegihuga. Yibukije ba musitanteri ko ari bo bambere bashobora kwerekana ahari amatongo agaragara ya Reta.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yari yagiye aherekejwe n’Umwunganizi wiwe, Umuyobozi Mukuru ajejwe Gushigikirana, Umuyobozi ajejwe iterambere ry’umukenyezi, Umuyobozi ajejjwe ubutunzi muri Mutuelle, Umuyobozi ajejwe ubutunzi muri INSS, Umuyobozi ajejwe ibikorwa bifasha ababitura hamwe n’uwaserukiye igisata kijejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →