18 avril 2024

Amafaranga 132.100 niyo ahabwa umuryango wose

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubhwa Jean Berchmans NIYONZIMA, Umuyobozi ajejwe gufasha abatishoboye no kugarukira kuhuye n’ibiza biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2023, aho ubwo Bushikiranganji bwifadikanije n’Ishirahamwe PAM, buriko bufasha abenegihugu bahuye n’imvura hamwe n’uruzuba, bikonona amazu hamwe n’imirima yabo.

Nkuko yabandanije abitumenyesha, imiryango 174 yo mu gisagara ca Bujumbura, muri zone kinindo, karatiye Kibenga, ivyabo vyatwawe n’imvura yaguye kumagenekerezo ya 26 na 27 kigarama 2022,  nibo bari baramutse bafashishwa amafaranga 132.100 y’amarundi kuri buri muryango, ngo ivyo bikaba vyakozwe mu ntumbero yo kubaramira hakiri kare, kuko ngo babonye ko hamwe bobazanira ibifungurwa, vyogera kubashikira haciye igihe kinini, nayo ngo babiguriye mu gihugu, vyoca bibura aho babigurira mu masoko.

Nawe IRAKOZE Esperance, asanzwe ari umukuru wa karatiye Kibenga, arashima cane ukungene ubwo bushikiranganji bwitwararitse abenegihug bagise ivyago bitandukanye, akaba kandi yavuze ko atamwenegihugu ari ku rutonde yabuze ubwo bufasha.

Ico gikorwa kandi Nyakubahwa Jean Berchmans NIYONZIMA, akaba yarakibandanije no mu ntara ya Bubanza, aho amakomine 3 ariyo Mpanda, Bubanza na Gihanga yahuye n’ivyago vy’uruzuba rwononye imirima yabo.

Akaba yatubwiye ko imiryango irenga igihumbi ariyo iriko iraronswa ubwo bufasha, aho vyagaragaye ko komine ya Gihanga ariyo yabangamiwe gusumba.

Nkuko twabibwiwe na CIZA Vedaste, Umukuru wa Segiteri V5, aho bari bahuriye kuri NINGA V4, ngo imitumba ya Mpanda V5, Ninga V4, Bwiza bwaninga V6, Gihanga Centre, Nyeshanga V3, Mubira V2, Rumotomoto, Bugunga, Gihungwe, Buramata, Kizina, Karwema na Rugunga nibo baronkejwe izo mfashanyo muri komine ya Gihanga.

Nyakubahwa Jean Berchmans NIYONZIMA akaba yabandanije atumeyesha ko muri komine ya Mpanda, imitumba ya Burengeza hamwe na Rubira ariyo yashikiriwe n’uruzuba, nayo ngo muri komine ya Bubanza akaba ari umutumba wa Muyange II.

Mwomenya ko ico gikorwa cakengurutswe cane n’abajejwe intwaro hamwe n’abenegihugu bo  muri ako karere, kuko bwari bubaye ubwambere ubwo Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira bufasha abenegihugu bukoresheje ubwo buryo bwo gutanga amafaranga.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →