20 avril 2024

Ba nyamuragi basigaye bakurikirana inyigisho zo kurwanya amabi afatiye kugitsina

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 14 ntwarante 2022 i Bujumbura, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwararemesheje uruganda rw’inyigisho zo kurwanya amabi afatiye ku gitsina ku bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga hamwe no gukingira agateka kabo.

Laetitia TWAGIRIMANA, Umuyobozi ajejwe igisata co kurwanya amafi afatiye kugitsina (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ryiwe, Laetitia TWAGIRIMANA, Umuyobozi ajejwe igisata co kurwanya amafi afatiye kugitsina ari nawe yaremesheje izo nyigisho, yavuze ko ayo mabi aribonekeza mu bice bitandukanye vy’igihugu cacu kandi akaba abangamiye ubuzima bwa kiremwa muntu yaba abana abakukuze, abatama n’abatamakazi tutibagiye n’abagendana ubumuga.

Yangeye avuga ati: “Ntawobideha ko mudahora mwumva uwakorewe ihohoterwa rifatiye ku gitsina canke bivanye n’uko yavutse, akarorero ni abafata ku nguvu abagendana ubumuga ngo niho boca batunga canke abanyamwema bakabica bakaja kubagurisha ku batakaje akaranga ka kiremwa muntu, basigaye   bameze nk’ibikoko birya abandi bantu kuko abakora ayo mabi badatora, ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi k’uwayakorewe, ku muryango wiwe ndetse no ku gihugu cose. Aho naho tutavuze abicwa inyuma yo gukorerwa ayo mabi kugira ababikoze ntibamenyekane”.

Nyakubahwa Laetitia TWAGIRIMANA yarerekanye ingaruka mbi nyishi, ati hari abatwara inda batipfuza maze uwo mwana agaca ingorane,  hari abahevye amashure kubera ubwo bubegito bwa bamwe bamwe, abanduye ingwara zidakira n’ibindi.

Abagendana ubumuga bwo kutavuga no kutumva bariko bakurikirana inyigisho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu ntumbero yo kurwanya ayo mabi afatiye ku gitsina, yaramenyesheje abo bagendana ubumuga bwo kutumva ibitari bike bimaze kurangurwa

  • Umugambi w’igihigu wo kurwanya amabi afatiye kugitsina n’integuro y’ibikorwa nyamukuru bizorangurwa mu kiringo c’imyaka 5 (2018-2022) ;
  • Ishirwaho ry’integuro y’ibikorwa bizorangurwa mubijanye n’ingingo ya 1325 yerekeye abakenyezi, amahoro n’umutekano y’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe amahoro  n’umutekano;
  • Mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina,harabayeho ibwirizwa inomero 1/13 ryo ku wa 22 nyakanga 2016 ryerekeye ugukinga n’uguhasha amabi afatiye ku gitsina hamwe n’ugukingira abakorewe ayo mabi;
  • Harashizweho ibigo bijejwe gufasha abakorewe amabi afatiye ku gitsina muntara za gitega, makamba, cibitoke, muyinga na Rumonge.
  • Gutunganya amasekeza ahamagarira abantu kuhindura inyifato n’ingendo mukurwanya amabi afatiye ku gitsina, akarorero itanguzwa ry’isekeza ryo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi Ishirwaho ry’ihuriro ry’abakenyezi mu burundi n’ibindi bitari bike tutiriwe turadondagura

Nyakubahwa Laetitia TWAGIRIMANA yarongeye aravuga ko ari muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwatunganije inyigisho ku bagendana ubumuga bwo kutumva zo kurwanya amabi afatiye ku gitsina no guharanira agateka kabo kugira nabo bamenye ayo mabi ay’ariyo bongere bamenye kuyikingira, iyo hagize uwo ashikira naho, amenye aho ashobora kwitura bamufashe.

Yarangije amenyesha ko igikorwa co kurwanya amabi afatiye ku gitsina akorerwa kiremwa muntu si igikorwa c’ubushikiranganji gusa canke c’umuntu umwe gusa, ahubwo n’igikorwa c’umw’umwe wese aho ahereye duhereye mu kibano kugeza ku gwego rw’igihugu.

Yaciye ahamagarira abo bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga   kwitabariza  uko bashoboye, ati “turazi ko bitoroshe kuba utavuga , ntiwumve ariko mukibano baramaze kumenya ko bategerezwa gukingira abandi harimwo abagendana ubumuga “.

Akaba yarashimiye cane abo bitavye izo nyigisho ku ncuro yambere zihawe abafise ubumuga bwo kutumva no kutavuga.

Umwe mu bagendanya Ubumuga bwo kutavuga no kwumva ariko arashikiriza iciyumviro ciwe (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abo bitavye izo nyigisho, barashimye cane bakoresheje imvugo yabo y’ibimenyetso vy’intoke, ariko hakaba hariho uwushobora kuza arasigura mu rurimi rw’umvikana.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →