14 mai 2024

Gufasha ntibisaba uburyo bwinshi, bisaba umutima wo gutanga

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Joseph NDAYISENGA Umuyobozi mukuru ajejwe gushigikirana no kwitaho abatishoboye mubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 nyakanga 2023 kumurwa mukuru w’intara ya Ngozi, mubirori vyo guhimbaza imyaka 10 irangiye ishirahamwe Hope of Africa Mission rimaze ryemerewe gukorera kumugaragaro mu Burundi.

Joseph NDAYISENGA Umuyobozi Mukuru ajejwe gushigikirana no kwitaho abatishoboye mubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarashimiye cane Umupfasoni BURIHABWA Christella yatanguje Iryo shirahamwe Hope of Africa Mission, kuko ngo yari akiri Muto, ariko agira ishaka ryo gufasha abandi none raba vyarakunze.

Aho akaba yaciye atanga intahe yiwe yingene yashoboye kuja mumurwi wa africa ujejwe agateka ka zina muntu kuva mumwaka w‘2013, kandi vyarakunze, mbere ngo no mu mwaka 2019, akaba yarashoboye gutorwa ngo arongore uwo murwi.

Yaboneyeho gutera intege urwaruka rwari ngaho ngo bagire intumbero biha y’ubuzima, maze ngo ntihazigere hagira uwuvuga ngo « jewe ndacari muto, ndi impfuvyi, ntaco nshoboye turakenye », ahubwo biyumve ko bashoboye kuba indongozi zikomeye z’igihugu, za afrika mbere n’iz’isi yose.

Yarashimiye abo barongoye iryo shirahamwe kubona barumvise akamo ka Reta y’Uburundi ko gufashiriza abana mu miryango, kuko bari batanguye kwiyumvira kugira ikigo c’aho abana baba.

Joseph NDAYISENGA Umuyobozi Mukuru ajejwe gushigikirana no kwitaho abatishoboye mubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yitavye iyo sabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko Reta y’Uburundi yashizeho intango y’aho uwariwe wese yoherako kugirango yiteze imbere, aha akavuga Ibanki y’Urwaruka hamwe n’iy’abakenyezi, ati: « na Yezu mu gukora ibitangaro, yama afatira kuco abo agira afashe baba bafise »

Niko guca amenyesha ko n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bushigikira abariko barako, bamaze kwerekana ko hari ico bashoboye.

Yasavye urwaruka gukunda ishure, maze abafise inguvu nabo bakunde ibikorwa, babone ivyo bifashisha n’ivyo bazofashisha abandi.

Joseph NDAYISENGA Umuyobozi Mukuru ajejwe gushigikirana no kwitaho abatishoboye mubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze kandi ko hari umugambi mwiza Reta y’Uburundi iriko irakora iwucishije mu Bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, aho bariko barakura abana n’abasegerereza mumabarabara, bakabafashiriza mukibano, ivyo navyo ngo ishirahamwe Hope of Africa Mission ryaramaze kwerekana ko bishoboka.

Mu bitari bike kandi ngo ubwo bushikiranganji bujejwe, mu ngingo yambere y’ibwirizwa rubushiraho kandi rikerekana ingene butunganijwe n’ico bujejwe, ngo harimwo kuraba neza uko amashirahamwe akorera mubisata bijanye n’ivyo ubushikiranganji bujejwe arangura imirimo yabo ku neza y’abenegihugu no mu gateka kabo. (Coordonner les interventions dans les différents secteurs d’actions en faveur des structures et des activités de promotion et de protection des droits de la personne humaine et d’éducation à la paix)

Ivyo rero nivyo bibatuma bama hafi ayo mashirahamwe mu bikorwa vyabo baba bariko barangurira mu Burundi.

Yaronyeye aragaruka kuntumbero igihugu cihaye gushiraho y’uko kugeza mu mwaka w’2040 kiba ari igihugu cigaba kikigaburira, aho umwenegihugu wese ashobora kwironkera ivya nkenerwa, nayo mu mwaka w’2060 kikaba ari igihugu giteye imbere, ati « Twizeye ko twese turi kumwe n’abadufasha mw’iterambere, tugiye guca tubikorerako mugutegura imigambi yose igiye kuzotegurwa ».

Abitavye isabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yaciye agaruruka kugushima ivyo ishirahamwe Hope Of Africa Mission, ririko rirarangura mu Burundi rifadikanije n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, aho yafatiye ku mirwi y’abo ubushikiranganji bashinzwe gutunganiriza.

Abo nabo ngo bakaba ari abafise amikoro make, impfuvyi, abapfakazi, abakozweko n’ingaruka z’umugera wa SIDA n’abandi bigaragara ko bakeneye kuzamuka muvy’ubutunzi.

Ngo ivyo babakorera navyo bikaba bishimishikiye ahanini kugusubiza agateka abagateshejwe no kubunganira muvy’ubutunzi kugira bagire ubuzima bwa kazozoza bwiza, kubafasha mukibano no muvyo kubavuza, gutanga ubumenyi biciye mugushiraho ishure nshingiro, aho abana biga guhera mu mwaka wambere gushika mumwaka w’icenda, bakaba bafasha kandi mubigo bifise abana b’impfuvyi, ibitaro, ibigo vy’urwaruka hamwe n’iyindi migambi iza ifasha mw’iterambere.

Christella BURIHABWA yatanguje iryo shirahamwe Hope Of Africa Mission (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Nawe Umupfasoni Christella BURIHABWA yatanguje iryo shirahamwe Hope Of Africa Mission, yavuze ko batanguye iryo shirahamwe mu mwaka 2013, bakaba bashimira cane Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuko ngo biciye kuri uyo muyobozi Mukuru nyene, kuko ngo ari nawe yashoboye kubashikako bagitangura ibikorwa, aza abazaniye imfashanyo y’umuceri bagaburiye abana.

Yavuze ko yatanguye iryo shirahamwe akiri muto, yiyumvamwo ijambo rivuga ngo « haguruka utange ivyizigiro ».

Muri ico gihe, yamenyesheje ko hari benshi bari babayeho muburyo bugoye, aca yumva ko yoshishikara kubaba hafi mu buryo bw’inyigisho z’ijambo ry’Imana hamwe no mu buryo bufadika.

Christella BURIHABWA yatanguje iryo shirahamwe Hope Of Africa Mission (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Yavuze ko hari abo begeranirije hamwe mu kigo c’impfuvyi mu kiringo c’imyaka ine, ariko ngo bafadikanije n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bakaba barabasubije mumiryango baje bavamwo, muri wa mugambi wa Reta wasaba ko umwana akurira kandi akarererwa mumuryango.

Aho rero ngo niho baca babandanije gukorera mukibano ca hafi yabo bana no mumiryango yabo.

Abitavye isabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarongeye aravuga ko mundero bafasha urwaruka kwubaka kazoza keza biciye mu kwiga, aho ngo bafise ishure rigera mumwaka w’icenda w’ishure shingiro, ngo abana bakaba bavyifatamwo neza cane, bakagira ikibanza ciza mugutora ikibazo ca Reta. Ariko ngo barafasha n’abandi bana biga kuyandi mashure ategereye ngaho.

Muburyo bwo guteza imbere ikibano naho, ngo barigisha abavyeyi b’abana kuja hamwe Mumashirahamwe, kuziganya no kuguranana, kurima, kworora, no kudandaji kugira nabo bave mubukene, bisununure mw’iterambere.

Abitavye isabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarangije amenyesha abari aho ko barondereye abafasha abana ico ngo bise « sponsorship », bakaba ngo baha amakarata yo kwivurizako abavyeyi babo, bakongera bagafasha abo bana kuja hamwe berekana ubuhinga bashoboye aho ngo ubu bafise umurwi w’abana bafise impano yo kuvyina no kuririmba n’ibindi bijanye n’akaranga n’imico kama batibagiye guhimbaza Imana.

Ntaconsanze Emmanuel, Buramatari w’Intara ya Ngozi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe buramatari w’intara ya Ngozi ari nawe yafashe ubwambere ijambo ry’ikaze, yarashimye cane ibikorwa biriko birarangurwa n’Ishirahamwe Hope of Africa Mission ngaho muri iyo ntara ya Ngozi, ati « turahibarwa cane muntwaro iyo tubonye abaza badusahiriza mw’iterambere ry’abenegihugu ».

Yavuze baje kubakeza ku myaka 10 irangiye iryo shirahamwe ririko rirarangura imirimo yaro kumugaragaro muri iyo ntara, aca abemerera ko muntwaro bazokwama na ntaryo babafata mumugongo mubishoboka vyose.

Yavuze ko amatongo yaze, none ko ashima ingene iryo shirahamwe ryashize imbere indero y’abana.

Abitavye isabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze kandi ko igikorwa co gufasha impfuvyi, abatishoboye n’abahunguka ari igikorwa c’urukundo rudasanzwe, ata n’impembo yoboneka kiretse iyivuye kuwo mw’ijuru.

Aho rero nawennyene akaba yahamagariwe abo bose bari aho ko bokora n’umwete mwinshi cane umwe wese muco ajejwe, kugirango mu mwaka 2040 uburundi buzobe ari igihugu cifashe nayo mu mwaka 2060 kibe ari igihugu giteye imbere.

Umupfasoni MUGISHA Mireille asanzwe ari umwunganizi mw’ishirahamwe Fondation Mugiraneza (Ifoto na Elie Harindavyi)

Mwomenya ko ivyo birori vyari vyitabiriwe n’uwaje aserukira Umutambukanya wa nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Umupfasoni MUGISHA Mireille asanzwe ari umwunganizi mw’ishirahamwe Fondation Mugiraneza, aho yavuze ko Nyenicubahiro Angeline NDAYISHIMIYE, umutambukanye wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akeza abarongoye Ishirahamwe Hope of Africa Mission kumyaka  10 irangiye bariko bararangura imirimo muburundi.

Yavuze ko ngo abandanya abatera intege kandi ko abashigikiye, ngo bateri imbere nk’umuzinga maze ngo n’abarundi benshi baheze babafatireko akarorero.

Yavuze ko Nyenicubahiro Angeline NDAYISHIMIYE, Umutambukanye wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yagendeye iryo shirahamwe Hope of Africa, aribonera aho bakorera n’ivyo bariko bararangura, muntumbero yo kubatera intege. Yarangije abasaba kubandanya ico gikorwa ciza kigirango uburundi bubandanye buba uburangwamwo amahoro n’umutekano, abarundi nabo bagire iteka n’itekane.

Uwaserukiye ubushikiranganjibujejwe Urwaruka (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya kandi ko hari haje n’Uwaserukiye Umushikiranganji muryo ajejwe harimwo urwaruka hamwe n’abandi banyacubahiro.

Joseph NDAYISENGA Umuyobozi Mukuru ajejwe gushigikirana no kwitaho abatishoboye mubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko arashikirrza Imfashanyo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya kandi ko mu gusozera, nyakubahwa Josepf Ndayisenga, Intumwa y’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaciye ashikiriza agakemanyi kagizwe n’Itoni y’Umuceri kuwurongoye Ishirahamwe Hope of Africa Mission, kugirango bizomufashe mukubandanya agaburira abo bana asanzwe afasha.

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →