30 avril 2024

« Bantahonikora nibo ba bosi bacu mu Bushikiranganji bwacu»

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateke ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mu nama ihuza Abayobozi Bakuru b’Ibisata Bitandukanye bigize ubwo bushikiranganji, n’abarongoye ibijanye n’iterambere ry’ingo n’imibano ku rwego rw’intara n’amakomine kuri uyu wa Gatanu, igenekerezo rya 15 nyakanga 2023 i Gitega.

Nyakwubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko iyo nama yatunganijwe mu ntumbero yo kugira barabire hamwe kandi bongere bibukanye ibijanye n’ibikorwa cane cane birangurirwa hagati mu Gihugu, bikarangurwa n’abo bajejwe Iterambere ry’Ingo n’Imibano ku rwego rw’Intara n’Amakomine, co kimwe n’ibirangurwa n’Ubushikiranganji hagati mu Gihugu nyene muri rusangi, nk’uko ngo baheruka kubikora bari kumwe n’abarongozi bo mu Ntara.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yasavye abo baserukira ubwo bushikirangnji kuba abavyeyi koko, biyumvire kandi batahure neza ko aribo batuma bahembwo, ari naco gituma yavuze ko ari aba bosi b’abakozi b’ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana.

Nyakwubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aha akaba yaratanze akarorero k’ingene y’ishikiye muntara ya Bubanza, komine musigati, zone ntamba, Umutumba Ntamba, aho yiboneye ibibazo abenegihugu ba ntahonikora babayemwo, kandi uwuserukira ubwo bushikiranganji ataribwigere ahagera.

Aha akaba yabanje kwibutsa abari muri iyo nama ibikuru bikuru birangurwa n’Abajejwe Iterambere ry’Ingo n’Imibano ku rwego rw’Intara n’Amakomine muri rusangi, ivyo navyo ni :

  • – Gutunganya neza ibikorwa vyo gushigikirana, gukinga amabi afatiye gu gitsina no kurwanira agateka nka zina muntu muri rusangi na cane cane kubafise amikoro make ;
  • – Gutunganya no gukurikiranira hafi neza ibikorwa birangurwa n’abafasha mw’iterambere ry’Igihugu (Les partenaires au développement) na cane cane ibisa n’ivyo Ubushikiranganji bwacu bwashinzwe kurangura;
  • – Gukorana no Gutegura neza ico twokwita « la base des données provinciales » ku rwego rw’Intara iyo ari yo yose, hisunzwe igisata kimwe kimwe mubigize Ubushikiranganji bwacu, kuko nivyo bidufasha mw’itunganywa ry’ibikorwa vy’umwaka ukurikira ;
  • – Kwakira, kwumviriza no kwereka neza abaje bitura Ubushikiranganji bwacu ivyo bifuza ko twobafasha ;
  • – Kwitaba no gutunganya neza ibijanye n’iminsi mikuru ku rwego rw’Igihugu co kimwe na mpuzamakungu yama itegurwa n’Ubushikiranganji bwacu uko umwaka utashe ;
  • – Gutunganya neza ibikorwa bisa n’ibirangurirwa mu Bushikiranganji ariko bikorwa n’amashirahamwe hagati mu gihugu ;
  • – Gukurikirana ibikorwa birangurwa n’amashirahamwe dufitaniye amasezerano (ONG Partenaires)
  • – Kurangura ibikorwa mujejwe tutibagiye n’ivyo Ubushikiranganji bubasaba kurangura.

Ivyo rero akaba yari yarabishikirije abayobozi b’Iterambere ry’Ingo n’Imibano ku rwego rw’Intara kw’igenekerezo rya 13 ndamukiza 2023.

Abitavye Inama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu kurangura neza ivyo bajejwe yavuze ko bahamagariwe kuba ijisho ry’ubushikiranganji bwo gushikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira aho baherereye cane cane :

  • Mu gutunganya no kwigisha akamaro ko gushinga amashirahamwe y’abenegihugu bafise amikoro make mu ntumbero yuko borangurira ibikorwa hamwe kuko vyobagirira ikimazi mu buzima bwabo bwa minsi yose ;
  • Mubafashe gutunganya ibijanye na « NAWE NUZE» ;
  • Mutunganye amanama ahuza amashirahamwe y’abakenyezi, maze mubereke akamaro ko guhurumbira irya Banki y’Abakenyezi nk’uko mwagiye murabishikirizwa mu nama zagiye ziratunganywa ku bwanyu twifadikanije n’abarongoye Banque y’Abakenyezi « BIDF»;
  • Murasabwa kumenyeshwa no gukurikirana ibikorwa vyatunganijwe n’ibisata bitandukanye vy’ubushikirangangi mu Ntara no mu Makomine mujejwe ;
  • Mutegerezwa gutanga ama raporo mu ntumbero yokwama mumenyesha ibirangurwa na mwebwe nyene ubwanyu tutibagiye no gutanga ama raporo kubikorwa vyaranguwe n’ibisata bitandukanye vy’Ubushikiranganji mu Ntara zitandukanye. Ndabivuze nshimitse kuko ico gikorwa co gutanga ama raporo gihambaye cane kandi kidakorwa. Nkaba nshaka ko ku gikorwa cose kizoba categekanijwe mugitangira raporo.
  • Hakorwa vyinshi mu bushikiranganji, hariho ibikogwa n’ibisata vy’ubushikiranganji bijanye no gushira mungiro imigambi ya Reta itandukanye cane cane mugufasha abafise amikoro make. Ariko hariho n’ibindi bikogwa n’amashirahamwe mpuza makungu, mbere nayo hagati mugihugu. Tubasabe yuko n’ivyo bikogwa mubikurikiranira hafi, murabe neza yuko ivyo bakora bifise ico vyungura umwenegihugu. Ntitwumve ngo haje imfashanyo mugabo ugasanga ntaco umwenegihugu w’umuburundi yaharonkeye.
Abitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabasavye guhanahana ivyiyumviro mu ntumbero yo gutunganiriza uko bibereye abenegihugu muri rusangi na cane cane abafise amikoro make, maze ngo bumvikane ingene bagiye kubitunganya na cane cane ingene bazoza baratanga ayo maraporo, yaba ayajanye n’ibikorwa barangura co kimwe n’ibizoba vyaranguwe n’Ubushikiranganji hagati mu Ntara zitandukanye, batibagiye ibisanzwe bikogwa n’abasanzwe bafasha mwiterambere bakorera mu bisata bajejwe.

Aha akaba yavuniye akagohe abaserukira Ubwo Bushikiranagnji mu Ntara hamwe n’abo muri komine na cane cane aho vyagaragaye ko bataboneka ku rubuga, canke ngo biboneke mumaraporo y’ibikorwa vyakozwe n’Ubushikiranganji.

Muri iyo nama, kabaye akaryo ko guha ijambo abayobozi bakuru kugirango bashikirize ibisata biri mu Buyobozi Bukuru hamwe n’ico bujejwe.

Hon. Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozo Mukuru ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozo Mukuru ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe akaba yasiguriye abari aho ko hari ibisata bibiri, ikijejwe gusubiza agateka abagateshejwe hamwe n’iterambere rirama, hamwe n’igisata kijejwe guha uburaro abasinzikajwe n’amagume atandukanye.

Désire HARIMENSHI, Umuyobozi Mukuru ajejwe agateka ka Zina Muntu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Desire HARIMENSHI, Umuyobozi Mukuru ajejwe agateka ka Zina Muntu akaba yasiguriye abari aho ko hari ibisata bitatu, ikijejwe kwigisha guharanira amahoro, ikijejwe gufasha abarenganijwe muvy’amategeko hamwe n’ikijanye na kwegeranya amaraporo atangwa kurwego mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu k’Uburundi.

Aha akaba yasavye ko hoba Urubuga whatsapp rwofasha cane muguhanahana amakuru y’ivyabaye muntara n’amakomine yose vyerekeye abarenganijwe muvy’agateka ka zina muntu.

Donatienne GIRUKWISHAKA, Umuyobozi Mukuru ajejwe Gutezimbere Umukenyezi n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Donatienne GIRUKWISHAKA, Umuyobozi Mukuru ajejwe Gutezimbere Umukenyezi n’Iterambere Ridakumira, yasiguye neza ko hari ibisata bitatu, ikijejwe Iterambere Ridakumira, ikijejwe gukinga amabi afatiye kugitsina hamwe n’ikijejwe iterambere ry’umukenyezi.

Aha akaba yagarutse kukijanye n’ibanki y’abakenyezi aho yabasavye kubandanya bigisha abenegihugu kuyitura, kuko iri muvyo ubwo bushikiranganji bujejwe.

Christophe NDIKUMANA, yaserukiye Umuyobozi Mukuru ajejwe Gushigikirana no Gufasha Abatishoboye (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Christophe NDIKUMANA, yaserukiye Umuyobozi Mukuru ajejwe Gushigikirana no Gufasha Abatishoboye yamenyesheje ko ubwo Buyobozi Bukuru bufise ibisata bitatu, ikijejwe ingo n’ibimiryango, ikijejwe kugarukana umunezero abawuteshejwe, hamwe n’ikijejwe gufasha abahuye n’ivyago biturutse kw’ihinduka ry’ibihe.

Aha, akaba yibukije abari aho ko hari amata atangwa n’igisata kijejwe kugarukana umunezero abawuteshejwe, kugirango iyo baje munama i Bujumbura, bazoze baribuka kugenda batwaye amata ubwo bushikiranganji buha abibarutse ubushuri, bubicishije muri ico gisata.

Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba yamenyesheje ko hari umugambi wo gufasha abahora basegerereza mw’ibarabara kugirango bagire imigambi ibateza imbere, baheze bave mu bukene.

Yaboneyeho kwibutsa abari aho ko ubwo bushikiranganji buriko buraraba ukungene ivyo kwiyunguruza bagiye kubitorera umuti mu gukoresha amamoto asanzwe yarapfuye ivyuma bimwe bimwe.

Yasavye abari aho gutanga intumbero (stratégies) yotuma abo bantahonikora ubushikiranganji bujejwe boroherezwa iyo bakeneye ubufasha.

 

Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Tantine NCUTINAMAGARA, umwunganizi w’umushikiranganji, yavuze ko hari imiryango idafise uburyo bwo kwigisha abana babo, aca asaba aba baserukira Ubushikiranganji muntara no mumako,ine kubama hafi, kugirango mukibano bamenye ibibazo bituma abana baja mw’ibarabara, kandi ngo n’ahari amatati mukibano nyene, baheze bahamenye, babitangire raporo.

Yagarutse kukubasaba gutonda kubiro aho bakorera kuko ngo bikwiye ko abenegihugu bitura abaserukira ubwo bushikiranganji muri komine canke zone, kugirango baheze bashikire umushikiranganji mugihe kuri izo nzego vyananiranye.

Abitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aho rero akaba yabavuniye akagohe ko ari bo bari bakwiye gushika mu bushikiranganji kugirango basabire ivyo abenegihugu babituye bakeneye.

Yibukije ariko ko muri abo benegihugu babitura, hari abafise ingeso yo gusegerereza, bama bitura ubushikiranganji ariko ko ari kubandanya, ivyo atawe vyoca intege.

INGABIRE ZINA Mireille, nawe yari Yaserukiye Ibanki y’abakenyezi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

INGABIRE ZINA Mireille, nawe yari Yaserukiye Ibanki y’abakenyezi akaba ari n’umuyobozi ajejwe ubudandanji yasavye ko abakozi b’ubushikiranganji bofata iyambere mu kuja muri iyo banki, gutyo ngo baheze babone ingene bokwigisha n’abandi kuyitura.

Yaboneyeho kandi gusaba ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwofata iyambere mukwugurura compte ihora icako amafaranga afasha mu kugura ibitenge vy’umunsi mukuru wahariwe abakenyezi uba buri mwaka igenekerezo rya 8 Ntwarante, co kimwe n’amakonte y’amashirahamwe akukira ubwo bushikiranganji, nka INSS, Mutuelle canke ONPR.

Abitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abitavye iyo nama bakaba bashimye cane kubona inama nk’iyo itunganywa, kuko ngo bituma baronka inyishu y’ibibazo bari bafise vyahora bitaborohereza mu bikorwa vya minsi yose.

Basavye ko kukibazo c’abitura ubushikiranganji, boheza bakaza barabarungika kuri abo babuserukira muntara no muri komine kugirango babanze babakire imbere y’uko mubushikiranganji bagira ico babakoreye.

Estella NDAHABONYIMANA, Umuhuzabikorwa mu kigo centre d’Excellence kijejwe gutohoza no kwigisha kubijanye no kurwanya amabi afatiye kugitsina (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko iyo nama yari yitabwe n’abaserukira ikigo centre d’Excellence kijejwe gutohoza no kwigisha kubijanye no kurwanya amabi afatiye kugitsina.

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →