18 avril 2024

Amagara meza niryo soko ry’iterambere rirama

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Donatienne GIRUKWISHAKA, umuyobozi Mukuru ajejwe iterambere ry’umukenyezi n’Iterambere Ridakumira mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imiobano, Agatyeka ka Zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 19 Mukakaro 2022 I Gitega, aho yariko arugurura Inyigisho nkarisha bwenge ku mboneza ziserukira Imiryango y’abasangwabutaka zerekeye gutsimbataza no guteza imbere  amagara meza zo mu ntara za Cibitoke, Kirundo na Mwaro.

Nyakubahwa Donatienne GIRUKWISHAKA, umuyobozi Mukuru ajejwe iterambere ry’umukenyezi n’Iterambere Ridakumira mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imiobano, Agatyeka ka Zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko Reta y’Uburundi yasizeho yongera iremeza amategeko n’amabwirizwa akingira akongera agatsimabataza agateka ka zina muntu mu Burundi atamurwi numwe w’abenegihugu ukumiriwe.

Aca avuga kandi ko Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yasizeho yongera iremeza politike ijanye n’iterambere ridakumira ryo kuva mu mwaka 2012-2025.

Ati iyo politke ikaba ifise intumbero yo gutsimbataza iterambere ridakumira mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu hadasigaye inyuma guteza imbere amagara meza y’abenegihugu.

Bamwe mubitavye inyigisho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Niko guca yibutsa abari aho abicishije ku mwibutsa w’ikurundi ubivuga ngo “karahara mu ruganda ntibacura” ahandi naho ngo “amagara n’amazi aseseka ntibayore”, maze aca asigura ko Reta y’uburundi yiyemeje kurandurana n’imizi amabi yose afatiye ku gitsina, gutsimbataza no guteza imbere amagara meza y’abanegihugu atanumwe asigaye inyuma, ati “Kira noneho amagara meza niryo soko ry’iterambere rirama”.

Nyakubahwa Donatienne GIRUKWISHAKA yarongeye aramenyasha abitavye iyo nama ko kuronsa no kwegereza abenegihugu  ivyankerwa mu buzima bwa  misi yose ari kimwe mwihangiro umugambi w’iterambere ry’igihugu wo kuva mu mwaka w’2018-2027 (PND) wihaye.

Nyakubahwa Donatienne GIRUKWISHAKA, umuyobozi Mukuru ajejwe iterambere ry’umukenyezi n’Iterambere Ridakumira mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imiobano, Agatyeka ka Zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaciye atanga uturorero two kugwiza amashure, kubaka amabarabara, kuronsa amazi meza abenegihugu, guteza imbere igisata c’amagara y’abantu. Ivyo vyose akaba ari kugira  abenegihugu bashike kw’iterambere rirama.

Naho Reta y’Uburundi imaze kurangura ibitari bike kugirango Abenegihugu bashike kw’iterambere rirama, Nyakubahwa Donatienne GIRUKWISHAKA yamenyesheje ko mu gihugu cacu hakiriho imirwi y’abengihugu igifise ingorane zimwe zimwe mu kuronka ivya nkenerwa mu buzima bwabo bwa misi yose.

Aha akaba yaciye afatira kubagendana ubumuga butandukanye hatibagiwe  n’imiryango imwe imwe y’abasangwabutaka aho yavuze ko har ivyirwa bitandukanye vyakozwe, birerekana ko imiryango itari mike y’abasangwabutaka ifise ibibazo bitandukanye mu buzima bwa misi yose.

Abitavye inyigisho bose (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uturorero yatanze akaba ari kubura uburaro bwiza, ubukene mu miryango, kubura amazi meza,gufungura nabi, kutitwararika bikwiye amagara yabo, ivyo navyo bikagira ingarukambi ku magara y’abavyeyi n’ibibondo.

Akaba kandi atasize inyunyuma n’amabi ajanye noguhohoterwa, gukubagurwa n’ayandi mabi ajanye no gufatwa ku nguvu.

Nyakubahwa Donatienne GIRUKWISHAKA yavuze ko ihangiro nyamukuru ry’urwo ruganda nkarisha bwenge ryari iryo kuronsa imboneza  z’abasangwabutaka  inyigisho zerekeye:

  • Kumenyeshwa no kwigishwa uburyo bubereye mu gutsimbataza amagara meza muri rusangi ;
  • Kwigishwa ubuhinga burashe mu kurwanya gufungura nabi n’izindi ngwara ziturutse kugufungura nabi ;
  • Kwigishwa ubuhinga bwo kuvyara ku rugero n’irondoka rijanye n’amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo ;
  • Kwigishwa ibijanye no kwijukira kuvuzanya ;
  • Kuronswa inyigisho zerekeye kurwanya amabi afatiye gutsina n’ingarukambi zayo

yaboneyeho gusaba abitavye izo nyigisho kuzikurikirana neza no kuzitahura neza, kandi ngo bazoheze bazitange, bazisangize abo baje baserukira zizoheze zigire akamaro kuri bo no mu kibano aho baherereye.

yabipfurije kubandanya bitwararika amagara meza yo soko ry’iterambere rirama kw’isi no mu gihugu cacu ciza c’Uburundi.

Akaba kandi yashimiye cane Ishirahamwe mpuzamakungu OMS rijejwe amagara y’abantu kwisi ryaterereye mw’itunganywa ry’izo nyigisho nkarisha bwenge kugira ngo zishobore  kugenda  neza.

Arthur NIYONSABA, Umuhanuzi wa Buramatari w’Intara ya Gitega ajejwe amategeko n’ubutungane

Nawe Arthur NIYONSABA, Umuhanuzi wa Buramatari w’Intara ya Gitega ajejwe amategeko n’ubutungane, yarashimiye cane Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, kubona bwatunganije izo munigisho mu ntara ya Gitega.

Aca amenyesha imboneza ziva mu miryango y’abatwa ko batosubira kuza barikumira nk’uko vyahoze kera.

Aca agirako yibutsa abari aho ko icaha co gufata kunguvu kidaharirwa n’igihe umukuru w’igihugu atanze ikigongwe rusangi, abakoze icaha ben’ico badatezurirwa.

NIYONSABA Sadique, Umuhinga ajejwe guhimiriza ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza mu mugambi PNSR (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Niyonsaba Sadique, umuhinga ajejwe guhimiriza ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza mu mugambi PNSR, yerekanye ingaruka zifatiye kukrondoka imbere y’imya yemerewe n’amategeko canke mu kiringo kiri inyuma, igihe yariko aratanga icirwa kijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, isemo igihugu kigezeko naho cifuza gushika.

Akaba yaberetse uturorero tutari duke, afatiye kumasanamu yerekana ingene abakenyezi batwaye imbanyi bakiri bato cane bagira.

Aline MUNYANEZA nawe asanzwe ari umuhanuzi mu gisata kijejwe gikinga no kurwanya amabi afatiye kugitsina hamwe no gufasha abayakorewe (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aline MUNYANEZA nawe asanzwe ari umuhanuzi mu gisata kijejwe gikinga no kurwanya amabi afatiye kugitsina hamwe no gufasha abayakorewe, yamenyesheje ibitari bike bihanze imiryango itari mike, bituma haba amahohoterwa mi miryango, gufata kunguvu bidasigaye inyuma.

akaba yagiriyeko atanga n’impanuro zitari nke zituma ingo zitekana, mu gihe atahohotera canke gufatana kunguvu mu rugo.

Mwomenya ko uruganda nk’urwo rugize kabiri inyuma y’inyigisho nkizi zaheruka gutunganywa mu ntara ya Bururi muri komine ya Rutovu kumagenekerezo ya 9 na 10 ruheshi 2022, aho hari hatumiwe abaserukira abandi basangwabutaka bo mu ntara za Bururi, Rutana na Makamba.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →