29 mars 2024

Icari ku mutima kirururutse

Abenegihugu bo mu ntara ya bubanza bashimiye cane Reta y’Uburundi kubona yafashe ingingo yo kubarungikira abshikiranganji batandukanye kugirango bishikire kurubuga babone kandi bishure kubibaza vy4abenegihugu umwe wese muvyo ajejwe.

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 9 nzero 2023 kumurwa mukuru w’intara ya Bubanza, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikirnganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe nna Nyakubahwa Alain Tribert mutabazi arongoye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’abahoze kurugamba, bararemesheje ikiganiro aho bishuye kubibazo vy’abenegihugu.

Muri ico kiganiro, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabanje kubipfuriza umwaka mwiza araheza arabamenyeshe ko ati ni intumbero ya Reta y’Uburundi yo kuraba ko abenegihugu babayeho neza.

Ati ‘ kubitwerekeye, twipfuza ko abenegihugu bokwiyumvamwo ubushikiranganji turongoye, bakumva ko baguwe neza, batunganirijwe muvyo tujejwe’.

Ngo nico gituma twje kugirango ibibazo mufise mubishikirize tuheze dutange umuco, kandi ngo abashokiranginji bose bazoca mu ntara zose bakira ibibazo vy’abenegihug.

Inyuma y’uko abenegihugu babajije ibitari bike, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE Yasiguriye abababije ibibazo bose ingene vyogenda, ahereye kubamenyesha ko Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana bukorana n’abajejwe intwaro mu gutunganiriza abenegihugu kumwanya wose, kandi ko ubwo Bushikiranganji bufise ababuserukira mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi.

Mubibazo vyinshi vyabajijwe vy’ubutungane, yabasavye kuzobishikiriza Umushikiranganji ajejwe ubutungane kugirango azobatunganirize, maze aca agirako abamenyesha ko abafise bene ivyo bibazo bogaruka kw’igenekerezo rya 30 z’uku kuko ariho uwo mushikiranganji azoba ari muri iyo ntara ya Bubanza, ariko ko ngo azoba yamushikirije bimwe muri ivyo bibazo nk’icerekeye umupfqsoni yavuze ko ariko arahohoterwa.

Kukibazo kijanye n’abana b’abatwa Babura ingene biga iyo barangije amashure yisumbuye, bakaba batatoye e\ikibazo ca Reta co Kwinjira muri kaminuza (Examen d’Etat),  Yamenyesheje kandi abari aho ko Reta y’Uburundi iheruka gukorera abana b’abatwa ikintu gikomeye co kurihira abana bose b’abatwa  batoye ikibazo ca Reta kandi bagashirwa mu mashure afise Uburaron ngo ibisigaye bazokivugana n’umushikirangnji muvyo ajejwe harimwo indero kugirango barabire hamwe icokorwa.

Kukibazo c’abahoze kurugamba bakenyeye kuvuzwa, bagahabwa ikarata Ya Mutuelle, yabasavye ko boja mu mashirahamwe yo kuvuzanya kandi ko ubushikiranganji busanzwe buvuza ba ntahonikora n’abageze mu zabukuru barenga 6000, ngo mbere no mw’ishirahamwe mutuelle, hariko harirwa ko hoja itegeko riha uburenganzira n’abandi benegihugu bikorera utwabo, bagahezwa bakavuzwa naryo.

Yanamenyesheje ko hariko harigwa ingene abandi bovuzanya bafatiye kubutunzi bw’umwe wese (Registre Social)  gutyo ngo bizoheza vyorohe ko umwe wese yisanga atunganiwe muvyo kuronka ubufasha bwo kwivuza.

Ku bibazo vyerekeye Mutuelle de la Fonction Publique hari abanywanyi babura imiti bandikiwe n’abaganga, yahavuye aha ijabo umuyobozi mukuru w’ Ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta Mutulle kugirangoa aheze abasigurire uko rikora kubijanye n’urutonde rw’imiti Mutuelle yemera kuriha.

Dr. Marie Noella Uwineza, yameneyesheje abari aho ko hari intoned z’imiti wsanga bandika amazina yinganda zihingura iyo iyo miti, bagaheza bagaca bayita ko ari specialite kandi muvy’ukuri ari generique.

Yaciye amenyesha ko bagize inama n’abaganga bazohore bandika kuri iyo miti ko boza barandiko uko bavyize mw’ishure, bakareka kwandika amazina y’inganda zihingura iyo miti.

Nayo Gen. Majoro Emmanuel MIBURO , Arongoye ishirahamwe INSS, yishuye kukibazo kiraba umukuruke yakoreye Reta imyaka 36 ariko agasanga yohabwa amafranga tarenga 300, yamenyeshe ko iyo dossier y’uwo mwenegihugu ayizi,  ariko ko mu myaka yose uwo mwenegihugu yakoreye Reta kuva mu mwaka w’1960 gushika 1996 yakotirijwe imya ibiri gusa.

Ati ‘ nico gituma babonye ko umengo aronkejwe amahera make, kubera baharurira kumushahara yahora aronka n’ayo bamukotirijeko’.

Yarangije asaba abenegihug kwitura abakozi b’ubushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bakorera mu makomine yose no mu ntara zose aho mbere yaciye asaba abari aho ko bohaguruka abenegihug bakababona.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yari yaherekejwe n’Umwunganizi wiwe, umuyobozi mukuru ajejwe gushigikirana, Umuyobozi Mukuru ajejwe Ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta (Mutuelle de la Fonction Publique hamwe n’Umuyobozi Mukuru ajejwe Ishirahamwe INSS kandi ko aho bukera Azogendera abenegihugu bo mu ntara ya Bujumbura.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →