10 décembre 2024

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGEZE MU ZA BUKURU, UMWAKA W’IBIHUMBI BIBIRI NA CUMI N’UMUNANI.

  1. Igenekerezo ryambere Gitugutu, uko umwaka utashe, ni umunsi Mpuzamakungu wahariwe abageze muzabukuru.
  1. Icivugo Mpuzamakungu c’uyu mwaka kikaba arinaco Uburundi bwashimye guhimbarizako uwo musi mukuru kivuga giti: “ Twigine intwari zitanze muguharanira agateka k’abageze muzabukuru ».
  1. Nimuri iyo ntumbero Leta y’Uburundi yafashe ingingo atari nke zo gushigikira abageze muzabukuru, aha twovuga nk’izi zikurikira:
  • Kugiriranira amasezerano n’ibigo canke amashirahamwe yitaho abageze muzabukuru, ivyo bikaba bituma tubaha agafashanyo (subsides) kumwaka kumwaka tutibagiye kubarihira amatara n’amazi ndetse n’ugufasha kugirango imfashanyo zivuye hanze zigenewe abageze muzabukuru zibashikire atakirinze gutangwa;
  • Kugendera ivyo bigo tukabironsa ibipfungurwa n’utundi twankenerwa;
  • Kuvuza k’ubuntu bantahonikora bageze muzabukuru;
  • Kutegekaniriza kazoza no kuvuza abageze muzabukuru baba bari abakozi ba Leta.
  1. Mumwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kabiri (2012), Leta yarashizeho politike y’igihugu ijejwe gukingira nogutegekaniriza kazoza abenegihugu, aho tukabamenyesha ko n’umugambi ndetse n’ikigega (FAPS) bijanye bikaba bimaze gushigwaho. Ivyo navyo bikaba bijejwe kwitaho ubwambere abatishoboye, abageze muzabukuru badasigaye inyuma.
  1. Ntitwokwibagira kandi ko igihugu cacu citunganirije ata munyamahanga arimwo umugambi w’igihugu ujanye n’iterambere muri iyi myaka cumi iri imbere, uwo nawo ukaba uherutse gutanguzwa icese na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu, aho hakaba hari muntara ya Gitega kw’igenekerezo rya 22 myandangaro uyu mwaka nyene.
  1. Aha ntitwokwirengagiza kandi kuvugako iruhande y’icigwa cabaye kijanye n’ukuraba ingene abageze muzabukuru bose bovugwa k’ubuntu, bisabwe na Leta y’Uburundi, harabaye kandi icigwa co kuraba ko ibigo bishinzwe gutegekaniriza kazoza abakozi vyoraba ingene ukubaho kubanywanyi bavyo kwokwisununura. Si ivyo gusa, n’Abafurera bo mu muryango w’abeneyozefu baragize icigwa mu makomine amwamwe kijanye n’ukuraba ivyo abageze muzabukuru bakenera mukubaho kwabo kwa misi yose. Tukaba turindiranye igishika ibizova muri ivyo vyigwa vyose.
  1. Naho tudondaguye ibitari bike Leta ikorera abageze muzabukuru, ntitwokwirengagiza kandi ko hakiriho abakurambere atari bake bugarijwe n’ibibazo bitandukanye aha ndetse hakaba hariho n’aboduherutse gukura mw’ibarabara bari babeshejweho n‘ugusegerereza, Leta y’Uburundi yiyemeje kubandanya ikora ukwo ishoboye kugirango bukebuke abageze muzabukuru bagende bagira akarusho, aha tukaba twemeza tutadidinganya ko inyishu yambere ibereye iri muri cagikorwa co gushigikirana mukibano catangura ubwambere mugihugu cacu mukwezi kwa mukakaro kw’uyu mwaka nyene turimwo.
  1. Ngaha mugihugu cacu, uwo munsi uzohimbazwa kumunsi wambere, igenekerezo rya 01 gitugutu, muntara ya Gitega muri Komine Giheta. Kakazoba ari akaryo keza kogushigikira abageze muzabukuru batishoboye kurusha abandi bazoba batowe n’abajejwe intwaro aho ndetse hazoca hashikirizwa n’ivyavuye mumatohoza yagizwe n’umuryango w‘abafurera “BENEYOZEFU“ bashigikiwe n’ishirahamwe “Solidarité Mondiale“ kubijanye n’ivya nkenerwa vya misi yose kubageze muzabukuru.
  1. Mukurangiza, twagira dushimire icese ibigo, amashirahamwe eka n’abantu bose bitanga batiziganya kugirango na ntaryo abageze muzabukuru bame babona ko kuramba ari imigisha atari igihano. Tugasaba abarundi bose ko bofatira kuri ako karorero keza.
  1. Kubageze muzabukuru mwese, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!!

 

NI HAHANGAME UBURUNDI N’ABARUNDI;

TWESE HAMWE DUSHIGIKIRE ABAKURAMBERE BACU; 

MURAKOZE, IMANA IBONGEREREZE IMIGISHA !!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →