20 avril 2024

ITANGAZO RIJANYE N’UMUNSI WO GUSHIGIKIRANA MU KIBANO

Twisunze itegeko Inimero 100 agakoni 267 (N° 100/267) rya Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, ryo kuwa 29 munyonyo, umwaka w’2021 risubiramwo itegeko Inimero 100 agakoni 053 ryo ku wa 11 rusama, umwaka w’2018 rishiraho Umusi Mukuru wahariwe Gushigikirana mu Kibano, Leta y’Uburundi ibicishije m’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, iri n’iteka ryo kumenyesha abenegihugu bose ko wa musi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano bari barindiranye igishika uzoba kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 05 Myandagaro, umwaka w’ 2022.

Kuri uyo musi, abanegihugu bose  batumiriwe kwegeranya no gushikana mu kibanza ababijejwe bazobereka k’umutumba canke karatiye  imfashanyo igenewe abatishoboye n’abazoba bahuye n’ibiza bitandukanya. Ibizotangwa ni nk’ibi bikurikira : ibifungurwa bitandukanye, impuzu, ibirato, amasahani, amasafururiya, amasuka, amafaranga, eka ico cose umuntu ashoboye kuronka. Aha, mwomenyako kubijanye n’amafranga, ama Komine yose yuguruje ama « Konte » (Comptes) yagenewe ico gikorwa.

Bisabwe uwo wese yumvise rino tangazo ko yorishikiriza abandi bose ashoboye gushikira.

 

TUBAYE TURABIPFURIZA UMUSI MUKURU MWIZA !!

 

     Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 01 myandagaro, umwaka w’ 2022

 

               UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE GUSHIGIKIRANA,

IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’

                            ITERAMBERE RIDAKUMIRA

 

                             Hon. Imelde SABUSHIMIKE

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →