6 mai 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUNYAMABANGA NTAYEGAYEZWA MUBUSHIKIRANGANJI BW’UGUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGEZE MU ZA BUKURU, UMWAKA W’2023

  1. Kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu uko umwaka utashe, Uburundi bwifadikanije n’abasanzwe bakorera mu gisata co kwitaho abageze muzabukuru, bwama bwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza Umunsi Mpuzamakungu Wahariwe Abageze mu Zabukuru.
  2. Uwo munsi washinzwe n’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 14 kigarama 1990 (résolution 45/106). Ivyo bikaba vyari vyatanguriwe n’inama yabereye i Vienne mu mwaka w’1982 yo gushiraho indinganizo y’ibikorwa vyokorerwa abageze muzabukuru.
  3. Icivugo c’uyu mwaka kurwego mpuzamakungu kivuga kiti: « kurunganwe rwose, dushire mungiro ibiri mumasezerano mpuzamakungu aharanira agateka k’abageze muzabukuru », nayo kurwego rw’igihugu kikaba kivuga kiti « Twese hamwe, Urwaruka rudasigaye inyuma, twitwararike kwama twubahiriza na ntaryo agateka k’abageze muzabukuru».
  4. Muntumbero yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Reta y’Uburundi yarafashe ingingo zitari nke zo gushigikira abageze mu zabukuru. Aha twovuga nk’izi zikurikira:
  • Gusinyiranira amasezerano n’amashirahamwe n’ibigo bifasha abageze mu zabukuru, aho baronswa uburyo buri mwaka, babarihira amatara n’amazi, no mu kuborohereza kwinjiza ibikoresho bivuye hanze biza bibafasha;
  • Gushigikira no kuronsa ibikoresho n’ibifungurwa ivyo bigo n’amashirahamwe ;
  • Gufasha abageze muzabukuru batishoboye gushikira ubuvuzi ;
  • Kuronsa ibikoresha vyo kwiyunguruza abageze muzabukuru bagendana ubumuga kandi batishoboye ;
  • Kuronsa pansiyo hamwe n’amakarata yo kwivurizako abahoze ari abakozi ba Reta ;
  • Gushiraho umunsi wahariwe gushigikirana mukibano wama uhimbazwa ku munsi wa gatanu wambere w’ukwezi kwa Myandagaro uko umwaka utashe ;
  • Gushinga ko Uburundi buzokwama buhimbaza umunsi mukuru wahariwe abageze muzabukuru kw’igenekerezo rya 1 gitugutu ;
  • Gufasha kuronsa uburaro abageze muzabukuru batagira gifasha mukubaronsa amabati.
  • Ubu tukaba turiko turategura indinganizo zibiri zizotuma umwenegihugu ashikira ubuvuzi bitamuvunye.
  1. Naho tudondaguye ibitari bike Reta ikorera abageze muzabukuru, ntitwokwirengagiza kandi ko hakiriho abakurambere atari bake bugarijwe n’ibibazo bitandukanye aha ndetse hakaba hariho n’abo duherutse gukura mw’ibarabara bari babeshejweho n‘ugusegerereza. Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya ikora ukwo ishoboye kugira ngo buke buke abageze muzabukuru bagende bagira akarusho. Aha tukaba twemeza tutadidinganya ko inyishu ya mbere ibereye iri muri ca gikorwa co gushigikirana mu kibano tumaze imyaka itanu duhimirizwa kwitabira kandi twabonye ko bigenda neza.
  2. Muntumbero rero yo guhimbaza neza uwo munsi mukuru, muri uno mwaka w’2023, harategekanijwe ibikorwa 2 bikurikira : kwerekana neza no kwemeza uruhara rw’umwe n’uwundi naho ageza mugutunganiriza abageze muzabukuru, hongere hashigikirwe abageze mu za bukuru batishoboye batowe mur’ako karere, bafashishwe ibikoresho vyankenerwa hamwe n’ibifungurwa.
  3. Duhamagariye abenegihugu mwese na cane cane abo mu ntara ya Kirundo, kuzosidukana n’iyonka, mu kuza kudushigikira muri ivyo birori vy’abakurambere bacu, bizobera ku murwa mukuru w’intara ya KIRUNDO kw’igenekerezo rya 06 gitugutu 2023.
  4. Ku bageze mu za bukuru mwese, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!!