23 juin 2025

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI W4AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU NTUMBERO YO GUHIMBAZA UMUSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI MWIRIMIZI.

  1. Kw’igenekerezo rya 15 gitugutu uko umwaka utashe, uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi kuva ishizwe n’inama mpuzakungu yabereye i Beijing mu Bushinwa mu mwaka 1995.
  1. Nyakubahwa Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’iterambere Ridakumira igihe yariko arasoma itangazo

    Intumbero nyamukuru yo guhimbaza uwo musi, ni ukugaragaza rimwe mu mwaka uruhara rw’umukenyezi mwirimizi. Ni kandi akaryo ko kwirimbura kurabo bose bafise uruhara mu guteza imbere umukenyezi mwirimizi, no kurabirahamwe intambamvyi zimubuza kw’isanzura mu gateka kiwe mu buzima bwa misi yose.

  1. Turavye aho isi igeze, igihugu cose kikabungabunze imico n’imigezo yaco, biragaragara ko Umukenyezi mwirimizi afise uruhara ntangere mw’iterambere ry’umuryango n’iryigihugu.
  1. Icivugo c’Uno mwaka ku rwego Mpuzamakungi ni : «Inyubakwa rusangi ziramba, aho abenegihugu batunganirizwa n’imigambi irashe ya gukinga no gutegekanya kazoza kuri bose tutibagiye ubwigenge bw’abakenyezi n’abigeme»,  tandisque au niveau national le thème retenu est :«Dushigikire Umukenyezi mwirimizi ashikire inyubakwa rusangi  ziramba n’imigambi irashe yo gutegekanya kazoza».
  1. Ico civugo kiza gishimangira ivyiyumviro vyose bituma haba iterambere rirama na cane cane mu gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, bagatunganirizwa ata wandya wangura n’ishirwaho ry’inyubako rusangi zikomeye.
  1. Iki civugo kije kandi mu gihe Leta y’Uburundi yahariye uno mwaka uwo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihu. Hari vyinshi bimaze kurangurwa. Aha twovuga nk’ishirwaho ry’umugambi Merankabandi, uhereza amahea abenegihugu bafise amikoro make, nabo ngo batere ontambwe mw’iterambere, ishirwaho ry’umunsi wo gushigikirana mu kibano, kubandanya kuvuza abavyeyi n’abana kubuntu, guteza imbere indero, kubaha amabarabara, amavuriro, amasoko, no kwegereza amazi meza abenegihugu. Ivyo bituma ukunyezi yoroherwa mu mirimo yiwe ya misi yose.
  1. Ngaha mu gihugu cacu, ibirori vyo guhimbaza uwo musi mukuru bizobera mu ntara ya Ngozi kw’igenekerezo rya 18 gitugutu 2019.
  1. Duhamagariye abenegihugu guhimbaza uwo musi mukuru mu kugaragaza ko bashigikiye bivuye inyuma umukenyezi mwirimizi we nkingi y’iterambere ry’igihugu.
  1. Twipfurije Umusi Mukuru mwiza abakenyezi bose birimizi.
  1. Murako ! Imana Ibahezagire !

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →