28 mars 2024

Iterambere ntirishobora igihugu kitabigizemwo uruhara

Ivyo nivyo Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE yahereyeko kuvuga mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’ibanki y’iterambere ry’ababakenyezi kuri uyu wa gatatu igeneketrezo rya 3 ntwarante 2022 i Gitega.

Kwugurura Ibanki (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarashimiye cane Ubushikiranganji Bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwo bwabonye neza ko mumigambi yabo Iterambere ridashobora hatagiyemwo uruhara rw’umukenyezi.

Yashikirije ko ishirwaho ry‘iyo banki y’abakenyezi ishingiye kuntumbero nshingwabikorwa rya Reta yo gushira abarundi bose kukivi.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

yavuze ati: « Aho tuboneye ko igihugu c’Uburundi hari imirwi ihambaye isa n’iyitibukwa mu nikorwa vy’iterambere ari yo igizwe ahanini n’abakenyezi n’urwaruka,  uburongozi bw‘igihugu bwafashe ingingo ihambaye yo guha uburyo n’amahirwe umukenyezi kugirango ntasigare inyuma mu kwiteza imbere no mu guterera mw’iterambere ry’igihugu ».

Bamwe mu bari bitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje kandi ko ako kigoro karaba cane cane imigambi y’iterambere itunganijwe n’abakenyezi mu ntubero yo kubaha umwidegemvyo mu kwitunganiriza bo nyene imigambi yabo.

Ati  ni naho haciye hafatwa ingingo yo gutanguza iyi banki ijejwe gutanga ingurane yo gushigikira imigambi y’iterambere itunganijwe n’amashirahamwe canke n’amakoperative y’abakenyezi, eka mbere n’umugambi umwe wese kugatwe kiwe yitunganirije.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE ariko yugurura ibikorwa vy’ibanko y’iterambere ry’abakenyezi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Vyongeye, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ko ishingwa ry’iyo banki y’iterambere ry’abakenyezi ryisunze  itunganywa ry’umugambi w’iterambere ry’igihugu 2018-2027 aho igihugu ciyemeje guha amahirwe angana muvy’ubutunzi hagati y’abagabo n’abakenyezi. Ngo iyo banki kandi ikaba yisunga ya politike y’igihugu ijanye n’iterambere ridakumira.

Umukuru w’igihugu yavuze ko yizeye neza ko iyo banki itazokora nk’izindi kuko ngo baba abagize urwego nshingwantwaro canke abayikoreramwo, ntanumwe yashizemwo umutahe. Ati umutahe washizwemwo na Reta ku bice 15% hamwe n’amakomiye ku bice 85%, abo nabo baje gutunganiriza abenegihugu, maze bafashe abakenyezi mu migambi yabo bakore bunguka.

Yabahamagariye guherekeza abo benegihugu, babamurikire, mu kubama hagufi kandi ngo ntibazobakengere ngo ntibazunguka.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE ari kumwe na Nyakubahwa arongoye Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko yugurura ibikorwa vy’ibanko y’iterambere ry’abakenyezi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye abo bakorera muri iyo banki kwereka abakenyezi b’abanyamigambi bashobora kugira imigambi ibasama kakiri. Ati ahubwo ntimuzokore nk’abandi bo mu yandi mabanki,  ahumbo mukore mwivuye inyuma kugirango uburundi butere imbere, mubere akarorero abandi bo mu yandi makambi mu kutugara amasaha y’akaruhuko.

Bamwe mu bari bitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaboneyeho guha impanuro abafise amabanki kugirango bamenye gushora imigambi, bashore amafaranga, ati abanyamitahe nibo barondera amahera kandi abanyamabanki aribo bategerezwa guhiga abanyamitahe.

Yasavye abakenyezi gufata iyambere mukuyugururamwo amakonte, kandi ngo bazorihe neza ingurane bazoyikuramwo, kuko n’abandi atari abakenyezi bazoyizamwo, abakenyezi badakoresheje ayo mahera, abazoza bazoyikoreshereza.

NDAHARIWE Marie Salomée arongoye iyo banki y’iterambere ry’abakenyezi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

NDAHARIWE Marie Salomée arongoye iyo banki y’iterambere ry’abakenyezi, yavuze ko iyo banki izoshira imbere gushigikira imigambi y’abakenyezi bahurikiye hamwe haba mu mashirahamwe, mu makoperative, mu kubaronsa ingurane.

Yarongeye avuga ko iyo banki Ishigikira cane imigambi irashe izotanga ubuzi kubwinshi, mu bisata vyo kugwiza umwimbu mu vy’ubutunzi, nk’uburimyi, ubworozi, uburovyi, amahinguriro, utugenegene, kw’iyunguzuza, ubuhinga n’ibindi, kandi ikazokwaka inyungu itavuga kungurane izoronsa abakenyezi mu migambi yo kw’iteza imbere.

Venant MANIRAMBONA, Buramatari w’intara ya Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ry’iwe, Venant MANIRAMBONA, Buramatari w’intara ya Gitega, yamenyesheje ko intara ya Gitega itekanye mu mbande zose, none ko abakenyezi bariko baravyaza umusaruro umutekana uharangwa, aho abakenyezi bariko barakora kandi bivuye inyuma, kandi ko n’abagabo babo babashigikira, maze bakaba bariko baraterera mw’iterambere ry’igihugu.

Yavuze kandi ko muri iyo ntara hari abakenyezi bahagarara neza inyuma y’ibibazo bacamwo mu kubura abo bubakanya, maze bagahagararira umuryango.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE ariko yugurura ibikorwa vy’ibanko y’iterambere ry’abakenyezi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarashimiye cane Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu kw’iteka yateye intara ya giteka kubona iyo banki yugururiwe mu ntara ya Gitega.

Akaba kandi yarashimiye cane abagwizatunga bo mu ntara ya Gitega, na cane cane Vénérant NTIKAZOHERA  yashoboye gukora kugirango aterere mu nyubako y’inzu iyo banki igiye gukoramwo, aca atera akamo abandi bagwizatunga kugirango bazane imitahe yabo muri iyo ntara ya Gitega, bashingeho amahinguriro ashobora gufasha gutanga akazi naburya iyo ntara isanzwe ari umurwa mukuru wa Politike y’igihugu cacu.

Abakenyezi bariko buguruza conte muri iyo banki harimwe na Angeline Ndayishimiye (Ifoto na Elie HAROINDAVYI)

Mwomenya ko inyuma yo kwugurura no kugenzura iyo nyubakwa, n’ibiro bitandukanye, abakenyezi batari bake bakaba baciye bugurura ikonte muri iyo banki, uhereye kuri Angeline NDAYISHIMIYE, Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →