26 septembre 2022

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI BWO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI

  1. Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, Uburundi burifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza Umunsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

 

  1. Uyo munsi, uha ak aryo keza ama Leta yo kw’isi kwirimbura intambwe ashitseko mu guteza imbere umukenyezi, haba mu mibano, politike no mu butunzi.  Kaba ari n’akaryo keza ko  kwiha irindi hangiro ryo gushira mu ngiro amategeko, amasezerano n’imigambi bijanye no guteza imbere umukenyezi.

 

  1. Ku bakenyezi nabo ni akaryo ko gutereza amaso inyuma ngo barabire hamwe uruhara rw’abo mw’iterambere ry’imiryango n’iry’ibihugu vyabo.

 

  1. Uno Mwaka, amakungu azohimbaza uwo Munsi mukuru ku civugo mpuzamakungu kivuga kiti : « Kungana kw’abagabo n’abakenyezi imbere y’amategeko niko kazoza karama » mu gihe hano iwacu, uyu musi tuwuhimbaje twisunze icivugo kivuga kiti« Umukenyezi aje imbere mw’iterambere  ry’uburimyi no gukingira ibidukikije ».

 

  1. Kino civugo catowe mu ntumbero yo gushishikikariza abakenyezi kwitanga gusumba uko bahora mw’iterambete ry’uburimyi no gukingira ibidukikije.  Bikaba nkako ; iterambere ry’uburimyi no gukingira ibidukikije ntirishoboka mu gihe igice kinini c’abakorera muri ivyo bisata batari mu kibanza kibabereye.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza uwo musi mukuru bizoba kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2022, mu ntara ya Rumonge.

 

  1. Duhamagariye abanegihug bose na cane cane abo mu ntara ya Rumonge ngo basidukane n’iyonka mu kwitaba ibirori bijanye n’uwo munsi.

 

  1. Turipfurije umunsi mukuru mwiza abakenyezi bose, eka mbere n’abarundi bose.

             

         MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE !

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →