16 avril 2024

Iterambere rifatiye kuburimyi ntirihagaze gusa ku bikorwa bijanye no kurwiza umwimbu

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 8 ntwarante 2022 hari mu Rumonge, igihe hariko hahimbazwa umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe Umukenyezi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagize ati: « Iterambere rifatiye kuburimyi ntirihagaze gusa ku bikorwa bijanye no kurwiza umwimbu; ririmwo kandi ibikorwa bijanye no guhingura umwimbu, kuronderera amasoko no kudandaza ivyavuye mu mwimbu, kurwiza imbuto zirobanuye, ubushakashatsi mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi, ihingurwa ry’ifumbire ry’ikizungu, imiti y’ibiterwa, n’ibindi. »

Ivyo uwo Mushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yabivuze yisunzwe ko umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, wahimbajwe mu Burundi hisunzwe icivugo kivuga kiti: « Umukenyezi aje imbere mw’iterambere ry’uburimyi no gukingira ibidukikije ». Mu gifaransa naho kivuga kiti : «La femme au centre du développement agricole et de la protection environnementale ».

 Yamenyesheje ko  ico civugo catowe mu ntumbero yo guhamagarira abakenyezi kwitanga gusumba uko bahora mw’iterambere ry’uburimyi no gukingira ibidukikije.

Ati Kukaba nk’ako, iterambere ry’uburimyi ntirishoboka mu gihe igice kinini c’abakorera muri ivyo bisata batari mu kibanza kibabereye.

Imelde SABUSHIMIKE arongera akavuga ko ico civugo gisaba kandi abashigikira ibikorwa vyo kurwiza umwimbu no kubungabunga ibidukikije, abagwizambuto, abahinga mu gushingura no guhingura umwimbu, abashakashatsi, amashirahamwe afasha mw’itunganywa ry’isi ndimwa no gukingira ibidukikije; kwamiza na ntaryo ku muzirikanyi gushira imbere abakenyezi mu bikorwa vyabo vyose.

Aca yibutsa abari aho ko ico civugo kijanye n’intumbero ya Reta y’Uburundi yahariye uno mwaka w’2022 uburimyi hamwe n’icivugo c’inama igira 66 y’Umurwi ujejwe gukurikirana iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi kw’isi cerekeye gushigikira iterambere ridakumira no guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Aca asaba ahubwo ko icivugo c’uko umukenyezi yoja imbere mw’iterambere ry’uburimyi, bisigura neza ko yari akwiye kuba imbere muri ivyo bisata vyose.

 Ibimaze kurangurwa

Mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi no gukingira ibidukikije, Nyakubahwa Imelde   SABUSHIMIKE yaradondaguye ibitari bike bimaze kurangurwa. Aha akaba yashimikiye ahanini kuri ibi bikurikira :

  • Kuronsa abenegihugu umwavu w’ikizungu ku giciro kitavuna;
  • Kuronsa abenegihugu ibitungwa borora mu ntumbero yo kunywanisha uburimyi n’ubworozi;
  • Gukwiragiza imbuto zirobanuye biciye mu gufasha abarwizambuto;
  • Guhimiriza abenegihugu gushira hamwe amatongo yabo mu ntumbero yo kuronka amatongo maninimanini;
  • Ingingo ya Reta yerekeye kwororera mu mpongore ituma aborozi baronka amase menshi n’umwimbu ushimishije w’amata n’inyama;
  • Iyubakwa ry’ibigega rusangi vyo kubika umwimbu, bituma abarimyi bagurisha umwimbu baronse mu gihe ufise agaciro mu masako;
  • Iyubakwa ry’amasoko ya kijambere rituma ibidandazwa bigirirwa isuku rikwiye, maze bigatuma agaciro kavyo kiyongera;
  • Iyubakwa ry’amabarabara ya kijambere rituma intara zihanahana ibidandazwa umwimbu ukagira agaciro;
  • Guhimiriza abakenyezi gukorera mu mashirahamwe, kubakarihiriza ubwenge no gukwirikirana irangurwa ry’imigambi y’amashirahamwe yabo;
  • Ishingwa ry’umunsi wahariwe gukingira ibidukijije buri ndwi;
  • Itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi “Ewe Burundi urambaye” mu ntumbero yo gutera ibiti ku mitumba igaragara no gukingira inzuzi n’ibiyaga, n’ibindi.
  • Itanguzwa ry’Ibanki y’abakenyezi mu ntumbero yo gufasha abakenyezi kuronka ingurane itavuna yo kurangura imigambi yo kwiteza imbere na cane cane mu gisata c’uburimyi n’ubworozi;

Ku kijanye niyo Banki, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabonereho akaryo ko kwibibutsa abari aho ko iyo banki y’iterambere ry’abakenyezi yuguruwe kumugaragaro kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 Ntwarante 2022 na  Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi General Major Evariste NDAYISHIMIYE.

Aca atera akamo abakenyezi bose gusidukana niyonka mukuja kwuguruza ama konte yabo muri iyo banki hamwe no gutuganya neza imigambi itomoye kandi ishika kw’iterambere ririrama.

Intambamyi

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yorongeye aravuga ko naho vyinshi bimaze kurangurwa intambamyi zo zitabura. Aha akaba yaciye avuga Ihindagurika ry’ibihe rituma uruzuba ruba rwinshi canke imvura ikaba nyinshi.

Ati ivyo iyo bishitse umukenyezi w’umurimyi aragira ingorane mu kubura umwimbu kandi yararimye, akabura ico agaburira umuryango. Ngo nico gituma ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe coshishikara kuba nkoramutima kugira igisata c’uburimyi gikomeze gutera imbere bimwe biboneka, umukenyezi abone kwogorora.

Muntumbero yo kworohereza abakenyezi bo gihugu cose, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yavuze ko Reta y’Uburundi yemeje itegeko ritunganya Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ko hoshigwaho inzego zose gushika ku makomine, yisunze  ko ibikorwa bategerezwa gukora, bisaba ko bashika mu miryango, ku mitumba yose, bagendera abenegihugu, bategerezwa gufasha ibi na biriya, bivanye n’ivyo ubushikiranganji bwashinzwe kurangurira abo bujejwe.

Ati abo nibo begeranya abakenyezi mu mashirahamwe bakabigisha gutunganya imigambi itandukanye yo kwiteza imbere, ati kandi bazofashanya n’iyi Banki y’abakenyezi yuguruwe, kugirango bafashe gutegura neza abakenyezi babone kwitura Banki bitunganije neza.

Abagize Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarangije amenyesha ko Inyuma yaho itegeko rigenga ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi rigiriyeho Ubwo Bushikiranganji bwaciye butegura  bwongera buratunga amatora y’ihuriro ry’abakenyezi kuva ku rwego rwo ku mutumba gushika kurwego rw’igihugu,  aho Umushikiranganji akaba yaciye yerekana abatowe bose ku rwego rw’igihugu.

Consolateur NITUNGA, Buramatari w’intara ya Rumonge (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Buramatari w’intara ya Rumonge Consolateur NITUNGA  akaba yarakengurukiye cane Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu kubona umunsi mukuru w’abakenyezi wahimbarijwe mu ntara ya Rumonge, akaba yamenyesheje ko intara yose itekanye mu makomine yose uko ari atanu, amazone 20 n’imitumba 118.

Yavuze ko abenegihugu bari ku mirimo kandi ko mu ntara ya Rumonge baramaze gushiraho amakomperative kumitumba yose muri yo hakaba hagwiriyemwo abakenyezi, ikaba iri kumurindi ushimishije w’iterambere.

Yavuze kandi ko bafadikanije n’ubuyobozi bujejwe iterambere ry’ingo no mu kibano hamwe n’amashirahamwe asahiriza muri ico gisata, batanze inyigisho ku mirwi y’abahurikiye mu mashirahamwe ya Nawe Nuze biciye mu ngurane ntonto hamwe n’ingene abakenyezi bohurumbira ya banki y’iterambere ry’abakenyezi iheruka gushirwaho.

Damien MAMA, Umuhuzabikorwa w’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Damien MAMA, Umuhuzabikorwa w’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi yavuze ati : « Iyo ndiko ndatembera hagati mu gihugu c’uburundi, ndabona  abakenyezi bafise isuka n’umuhoro vyo guhingura isi ndimwa, bakaturonsa ivyo dufungura n’ivyo tugurisha. Ndabona kandi abakenyezi benshi bari gufasha aho bubaka amazu eka mbere no mu bindi bisata vy’iterambere ry’igihugu. »

Ati « twabonye mu kanya gaheze ingene abakenyezi bari mu nzego z’igipolisi n’igisirikare ko bagize defire nziza cane ataho ihuriye n’iy’abagabo bahora bakora. »

Yaboneyeho gushimira cane Reta y’Uburundi kubona yarashizeho ibanki y’iterambere ry’abakenyezi. Ati ico ni ikintu ciza kizoza gutsimbataza amahoro no gufasha gushikira iterambere rirama mu Burundi.

Yamenyesheje kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi nka PNUD, OIM, ONUFEMMES n’ayandi azokwama ashigikira imigambi y’iguhugu ituma hataba ubusumbasumbane hagati y’abago n’abagore, gutyo Uburundi bushobore guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Uwo aserukira amashirahamwe mpuzamakungu akaba yarangije ijambo ryiwe ashimira Reta y’Uburundi na cane cane abarundikazi bose yongera ababwira ko mugihe bazobandanya bafashanya n’abagabo babo, bazoheza bagashikira ukungana hagati y’abagabo n’abakenyezi. Mwomenya ko naho yari amaze amezi atanu gusa ashitse mu gihugu c’Uburundi, yashoboye kuvuga ibitari bike mw’ijambo ryiwe akoresheje ururimi rw’ikirundi.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Général Major Evariste NDAYISHIMIYE (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Général Major Evariste Ndayishimiye yari yateye iteke ivyo birori akaba yaratanze impanuro zitari nke :

  1. Yahanuye abakenyezi kureka kwidodomba. Yavuze ko umuntu yidodomba musanga ariwe azana ingorane mu gihugu kandi ngo niwe kinebwe cambere.
  2. Yasavye abagabo kugenda bahindutse. Maze ahari umugabo ntihagwe ibara. Bagire umubano mwiza n’abakenyezi baba. Aho akaba yaciye asaba n’Abakenyezi basambura ingo guhindura ingendo. Kuko ngo hariho n’abakenyezi basambura ingo mbere n’abapanze amazu bashiramwo udusoresore, bakabagurira n’imiduga.  Umukuru w’igihugu yaciye avuga icivugo c’iwe ati : « ndanka ubunebwe,  ndanka ubunyonyezi, ndaka akarenganyo, ndanka igiturire », ati « namwe ni mukigendereko. »
  3. Mu vyerekeye imanza, Yasavye ko boza baremera aho intahe ishize bareke kuruhisha indongozi. Ati « Umugabo nyamugabo yemera aho intare ishize. » Yavuze ko yasanze abantu barenganywa ari impfuvyi n’abapfakazi, ati « ngiye kuba umuvugizi wabo. »
  4. Yarongeye arahanura kudasamara ngo banegure abandi. Ati « mwese mumenye kwinegura no kunegurana“. Ati hari abakenyezi bama babona ko umengo bararenganywa (Victimes). Ngo hariho n’abarondera intambara aho itari bashaka kw’iganzura. Yarateye ivyatsi abakenyezi bakorora inda. Ati bene abo bakenyezi barateye agahinda kuko bari bagenewe gutanga buzima ariko bakaba ari bo bica ikibondo.
  5. Impanuro yanyuma yayihaye abarundi bose n’umuntu wese aba mu Burundi kugirango bagire umutima w’ubuntu. Aha yatanze akarorero k’umwana yavukiye mu munyororo kubera ububegito bw’umuvyeyi wiwe. Akaba yavuze ko hagiye kuba politike itomoye kuri bene abo bana bavukira mu munyororo. Ati hamwe abantu bose bogira ubuntu, ntamwana yosigara ari mumarerero kuko n’ababikira usanga bafise abarenga ijana ariko ataco baba birengeje babagaburira. Aca asaba abantu bose kugira umutima w’ubuntu mu kurera infuvyi, na cane cane iziva mu miryango yabo ziri mumarerero atandukanye.

Idefire

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’uwuserukira Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu hamwe n’urongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’abakenyezi mu Burundi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo birori vy’uwo munsi bikaba vyatanguriwe n’idefire ndende aho imbere ya bose Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’uwuserukira Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu hamwe n’urongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’abakenyezi  mu Burundi ari bo baje imbere.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga ntayegayezwa, Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira hamwe n’abayobozi bakuru bakuru muri ubwo bushikiranganji (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Muri iyo defire Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga ntayegayezwa, Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira hamwe n’abayobozi bakuru bakuru muri ubwo bushikiranganji bakaba aribo bagiye imbere mw’idefire y‘abo barongoye.

ishirahamwe Rivuza abakozi ba Reta ryzi ryitabiriye defire (Iforo na Elie HRINDAVYI)

Ibisata n’inzego zitandukanye zikukira ubwo Bushikiranganji navyo nyene bikaba vyari vyaserukiwe ku rugero rushimishije.

 

Abakenyezi b’abapolisikuri Defire (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Idefiye ndende kandi iteye igomwe y’abakenyezi bahurikiye mu nzego z‘igisirikare n’igiporisi niyo yasozereye abariko baradefira bavuye mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu.

Intambo n’imvyino zitandukanye harimwo izavyinywe n’abakenyezi bakorera mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira. (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’intambo n’imvyino zitandukanye harimwo izavyinywe n’abakenyezi bakorera mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Abaronkejwe udushimwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko barangirije kugutanga udushimwe dutandukanye kubakenyezi babaye abambere mu gukora ibitandukanye harimwo’umukenyezi ari mu bakora umwuga wo gukora imiduga.

Mwomenya kandi ko Uburundi bwama bwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza uwo munsi mukuru uko umwaka utasha kw’igenekerezo rya 8 ntwarante, kakaba ari na ko kanya keza ko kw’irimbura ku ntambwe bagezeko mw’iterambere hamwe no kurabirahamwe n’abasanzwe bafasha muri ico gisata icokorwa kugirango umukenyezi ashikire iterambere rirarama kandi ridakumira.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →