26 avril 2024

Kubitaro vya Mivo Mutulle yabashayemwo

Kubitaro vya Mivo Mutulle yabashayemwo

Ku munsi wa kane igenekerezo rya 31 ntwarante 2022, muri komine n’intara ya NGOZI, neza na neza kubitaro vya Mivo, ishirahamwe Mutuelle ryaruguruye ibiro vyaryo muri ivyo bitaro ryongera rirashiraho na pharmacie yayo iruhande y’ivyo bitaro.

Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA, Umuyobozi Mukuru w’Ishirahamwe Mutuelle (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA, Umuyobozi Mukuru w’Ishirahamwe Mutuelle ari nawe yari yaserukiye umushikiranganji muri ivyi birori, yamenyesheje ko intumbero ya Reta Mvyeyi kandi Nkozi, ishaka ko abenegihugu boroherezwa mu buzima bwabo bwa misi yose.

Ati « ni naco gituma twatunganije bino bikorwa vyo kugurura bino biro vy’ishirahamwe Mutuelle hamwe na pharmacie yayo kugirango abahora bagira ibibazo bisaba abakozi ba mutuelle boroherezwe, kandi baronswe imiti ngaha nyene batarinze guta wakuba baja hariya i Ngozi mu gisagara ».

iyugururwa ry’ibiro vya Mutuelle ku bitaro vyo mu Mivo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarongeuye avuga ko iyugururwa ry’ivyo biro vya Mutuelle hamwe na Pharmacie ngaho kubitaro vyo mu MIVO, rije mu ntumbero yo kwegereza ubufasha abenegihugu bari babukeneye ngaho muri ako karere ibitaro vya MIVO bikoreramwo.

Nyakubahwa Sendazirasa ati « Ivyo rero bikaba biriko bikorwa n’ishirahamwe Mutuelle, ubu rimaze  imyaka irenga 42  rirangura imirimo yaryo ngaha mu Burundi ».

Yarongete aramenyesha abari aho ko ivyo biro vyuguruwe aho mu MIVO muri komine NGOZI hamwe na Pharmacie, vyugururiwe umuntu wese azoba akeneye ubufasha bwa mutuelle.

Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA, Umuyobozi Mukuru w’Ishirahamwe Mutuelle ari kumwe na Buramatari w’intra aya Ngozi hamwe n’uwujejwe akarere k’ubuvuzi

Ati « Ariko rero, abenegihugu bo ngaha mu MIVO, na cane cane abanywanyi ba Mutuelle, ndetse n’abandi bakozi  bari basanzwe bakorera ngaha, mutegerezwa kumenya ko aba bakozi ari abanyu. Mubamenyereze akarere baje gukoreramwo, mubereke umwonga uhuma n’uwudahuma, ariko mubagumizeko ijisho kuko ni itunga rusangi. Muratubera ijisho muri vyose, kugira ntihagire uwo tuzobandanya duhemba atakoze ico yategerezwa ».

Mu rukurikirane rw’impanuro, yasavye abakozi ba Mutuelle, kworohereza ababitura, maze ngo baze bame babakirana urweze n’akanyamuneza.

Akaba yarangije ijamwo ryiwe ashimira abarongoye ibitaro vya MIVO kukungene boroheje iryo shirahamwe gushira ibiro vyaryo kuri iryo vuriro, hamwe n’abajejwe intwaro muri iyo ntara.

Nyakubahwa Epipode BARANYIKWA, Buramatari w’Intara ya Ngozi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Epipode BARANYIKWA, Buramatari w’Intara ya Ngozi, yarashimye cane umugambi wa reta y’Uburundi wo gushira Ibitaro muri buri komine, none Ishirahamwe Mutuelle rikaba ririko rakurikiza iyugururwa ry’ibiro na pharmacie vyayo aho hose hari ibitaro.

Yaciye amenyesha ko intara ya Ngozi ifise amakomine 9, ko mutuelle ahubwo yonyaragasa mu mezi icenda ikugurura ibiro vyayo mu bindi bitaro biri muri ayo makomine.

Aho akaba yaciye avuga cane cane ibitaro binini vya Kiremba na Musenyi, hamwe n’ibindi biriko birategurwa mu makomine, gutyo ngo abenegihugu bashobore kuronka aho bagurira umuti batazimbwe kandi badafashe ingendo ndende.

Mwomenya ko ivyo biro bigize ivya 51 vyuguruwe mu gihugu cose.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →