12 août 2022

Umukobwa ntaseka uwundi araseruka

Ayo ni amwe mu majambo yasiguwe mw’izina ry’ivuriro Ntaseka ryo mu kamenge, ku munsi wa Gatu igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2022, aho Nyakubahwa Imelde sabushimike, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira yari aramutse yugurura inyubakwa nshasha y’Ivuriro ntaseka ry’ubatswe n’abakenyezi b’abagenzi (Friend Women’s Association : FWA)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaribukije abari aho ko ubwo Bushikiranganji arongoye butegerezwa gukurikirana neza uko amashirahamwe akorera mu mu bisata bijanye n’ivyo ubushikiranganji bujejwe arangura imirimo yabo ku neza y’abenegihugu no mu gateka kabo. (Coordonner les interventions dans les différents secteurs d’actions en faveur des structures et des activités de promotion et de protection des droits de la personne humaine et d’éducation à la paix)

Ati « Iryo rero nivyo bidutuma twama hafi aya mashirahamwe mu bikorwa vyabo bariko barangurira ngaha mu gihugu cacu ».

Nyakubahwa Imelde sabushimike, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yaboneyeho kubibutsa kandi ivyasabwe na Reta y’uburundi mu mwiherero uheruka kuba kw’igenekerezo rya 10 kigarama 2021, aho ibikorwa vyose vy’amashirahamwe yaba mpuzamakungu akorera ngaha mu Burundi canke ayo ngaha iwacu nyene, bitegerezwa kugenzurwa neza ishirwa mu ngiro ryavyo n’ubushiranganji bujejwe ibijanye n’ivyo bariko bararangura.

At : « Muri ivyo vyasabwe nyene, harimwo ko hategerezwa kuboneka indinganizo y’ibizorangurwa mu mwaka wose, kandi ivyo bikemezwa n’abo muri ayo mashirahamwe bafadikanije n’abo mu bushikiranganji bubajejwe . Ivyo tukaba turiko turatunganya, kandi abo vyega bose turabona ko bitabiriye ako kamo ».

Nyakubahwa Imelde sabushimike, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira ari impande y’Inzu nshasha bahejeje kwugurura (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarashimiye cane Ishengero ry’Abagenzi ryo ryashizeho iryo shirahamwe ry’abakenyezi b’abagenzi FRIENDS WOMEN’S ASSOCIATION  (FWA),  ku gikorwa ririko rirarangurira mu Burundi rifadikanije n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Yarangije akeza abakenyezi abakenyezi bo mw’iri Shirahamwe FWA, yongera abipfuriza guterimbere kuruta, maze mu misi iri imbere bazobone bageze kurugero rwo kwiyubakira ibitaro bikomeye cane, na cane cane bizofasha kwakira abakenyezi bibungenze hamwe n’ibibondo.

Umuyobozi Mukuru mu Bushikiranganji bw’Amagara y’abantu no kurwanya ikiza Ruhonya nganda SIDA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Ruhonya nganda Sida bwari bwaserukiwe n’Umuyobozi Mukuru muri ubwo bushikiranganji.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →