28 avril 2024

Ni iryambere mbonye Umushikiranganji

Ivyo vyashikirijwe na bamwe mubenegihugu bo mu ntara ya Kirundo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 ruheshi 2023 kumurwa mukuru wa komine Busoni, intara ya Kirundo, aho Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na bagenziwe, uwujejwe Indero, Uwujejwe Amagara y’Abantu, uwujejwe Amasoko ntanganguvu hamwe n’uwujejwe Uburimyi n’ubworozi batunganjije ikiganiro n’abenegihugu bo muri iyo ntara aho bishuye kubibazo vy’abenegihugu umwe wese mubimuraba.

Yamenyesheje abari aho ko kuva mu kwezi kwambere ayo yaheruka kugiranira ikiyago nk’ico hari ibitari bike bikaba vyaragiye mungiro none ngo nubu babandanya babikora.

Ivyo bikaba vyakengurutswe n’abenegihugu bo mu kirundo, aho hari mbere abadondaguye ibimaze gukorwa n’ubwo bushikiranganji bwo gushigikirana, haba mu kuvuza ba ntahonikora, gushigikirana n’ibindi.

Yavuze ati : «Twebwe turi abasuku banyu, nivyiza ko mutubwira ivyo twobakorera», aca amenyesha kandi ko ibijanye n’inzu za nyakatsi, aho yavuze ko ubwo bushikiranganji aribwo bubijejwe, ariko guca yibutsa abajejwe intwaro gushigikira abo benegihugu maze ubushikirangnji nabwo bugaheza bukunganira kuko ngo « turi kumwe twese birashoboka ».

Yamenyesheje ko mu minsi yahera hahora hariho ibigo vyahoze ari ivy’iterambere ry’ingo n’imibano ubu ari ubuyobozi mu ntara, abakozi hakaba hakibura abaserukira mumakomine amwe amwe, aca yemera ko bariko bararaba ingene bazosubirizwa aho batari nk’uwo muri komine Ntega.

Imelde SABUSHIMIKE yaranagarutse kibazo ca bantahonikora, aho yasavye abenegihugu kugarukana wa muco wo kuvuzanya kuko ngo ivyo kuvuza bantahonikora ari ivyo bibatwarara uburyo bwinshi.

Mubijanye n’amabi afatiye kugitsina, yavuze ko iyo ntara iza imbere, na cane cane muri komine Ntega, aho aheruka gutanguza isekeza ry’iminsi 15 ryo guhamagarira abantu kurwanya ayo mabi, ngo no muri iyo komine ya Busoni ngo wosanga bitabuze.

Yasavye abari aho ko bose boja kukivi kugirango hatuzwe ako karanda, kuko ngo iyo hari amabi afatiye kugitsina ataterambere rishoboka kuko haguma induru.

Ari nako guca asaba uwuserukira ubwo bushikiranganji muri komine kugendera urugo bashikirije rufise ingorane zikomeye, aho hari amatati hagati y’umugabo n’umugore, gutyo ngo hamenyekane ingorane zihari ico zifatiyeko n’umuti wazo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagarutse kumuntu yashikirije ko hari imiryango yavukiye muri nyakatsi n’ubu bakaba bakiri muri zo, yishuye ko abantu bafise inguvu, badakwiye kwitwa ntahonikora ngo bagume muri izo nzu.

Ahubwo yaciye abasaba kujahamwe ngo bafashanye mugufyatura amatafari no kuduza impome, muntwaro babafashishe ibiti hanyuma Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana nabwo buheze bubashikirize amabati.

Yahamagariye abenegihugu kugira inguvu, kuko ngo muri kahise vyaragaragaye ko hari abantu bahora bagurisha amazu canke amabati baronkejwe kandi ngo ivyo biva kukuntu wasanga umuntu ahawe inzu atigeze akorera na gatoya.

Mwomenya ko Ibiganiro nk’ivyo vyaheruka kubera muri komine Matongo intara ya Kayanza,, bizobandaniriza mu ntara ya Makamba, muri komine Kibago.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →