Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 kigarama 2022 ku murwa mukuru w’intara ya Makamba Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaragendeye ikigo c’impfuvyi UWIMANA, aho yari yagiye abashiriye agakemanyi kagizwe n’ibro 300 vy’umuceri, ibro 20 vy’ibiharage, ibiro 50 vy’isukari, amakarato 2 y’amavuta yo guteka, ibiro 25 vy,umunyu ibisuguti imitobe, amasabune n,ibindi.

Akaba yamenyesheje ko ivyo Ububushikiranganji bwo gushigikirana bwabitanze mu ntumbero yo kwipfuriza Noel n’umwaka mwiza 2023 abana baba muRI Kigo nk’uko ubwo bushikirananganji bwama bubikora.

Uwurongoye ico kigo Mama Francine NZITONDA akaba yarashimiye cane ubwo bushikiranganji kuri iyo mfashanyo. Akaba kandi yavuze ko ico kigo kimaze imyaka 26 kuv a kibayeho kikaba cakira abana bavuka kubigeme batwaye inda zishushubagaca babata, hamwe nababura abavyeyi bakivuka. Ubu kikaba gifise abana 44 n’abakozi 12 hamwe n’ababikira 2.

Bikaba vyari bihimbaye cane kubona Nyakubahwa Pontien HATUNGIMA yifatanya ‘ivyo bibondo mu gusangira akanyamuneza ka Noelli n’Umwaka mushasha w’2023 ugiye gutangura.
