2 mai 2024

Turashimira Imana ko dusanze muri amahoro naho murwaye

Ayo ni amwe mumajambo y’indemesho yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatatu Igenekerezo rya 19 mukakaro 2023, aho yari yagiye gusuhuza abarwayi bagera 108 bafise indwara ya kanseri basanzwe bavuza n’ubwo Bushikiranganji mu bitaro CMCK biri mu gisagara ca Bujumbura.

Yashimiye cane abarongoye ivuriro CMCK hamwe n’abaganga bakurikirana abo barwayi kukungene babandanya bitaho abarwayi, kandi yongera arakengurura ingene abo yagendeye bose yasanze hari akarusho kanini ugereranije n’uko baje bameze.

Aho akaba yafatiye kukarorero ku’umwana yashitse muri ubwo bushikirananji arwaye cane yaravyimvye mumuhogo, ariko ubu akaba, yaravyimbutse, ameze neza. Ifoto yiwe ikaba yaraciye kumbuga ngurukana bumenyi zitandukanye, batabariza ubufasha uwo mwana.

Yavuze ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira buhari kugirango bufashe abatishoboye, maze ngo bakize baheze basubire mumirimo mumiryango baba baje bavamwo, babandanye ibikorwa vy’iterambere ry’ingo zabo n’iry’igihugu.

Ari nako guca asaba abari aho ko n’abandi benegihugu badafise amikoro akwiye kuza baritura ubwo bushikiranganji kugirango ntihagire umuntu asisinzikarira munzu kandi kari aboshobora kumufasha.

Yavuze kandi ko yumvise ko hari ibibabazo bitandukanye, ariko ko Ubwo bushikiranagnji buzobandanya bubashigikira muvyo bushoye vyose.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yavuze ko azi neza ko hari abarwayi bava mu ntara za kure badafise ikibagemurira, ariko guca afata ingingo yo kuza abazaniye agaseke kagizwe n’itoni 2 zirenga z’umuceri, hamwe n’igice c’itoni y’ibiharage, umurwayi wese akaba yoronkejwe ibiro 20 vy’umuceri hamwe n’ibiro 10 vy’ibiharage. Yanabahaye n’amata y’inka yo mu bwoko bwa Natura.

Uwurongoye ivyo bitaro CMCK MUGISHA Eloge yashimiye cane Reta Y’Uburundi ibichishije Mubushikiranji bwo gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina Muntu n’iterambere ridakumira kubona barabagire icizere co gukorana nabo mukubarungikira abarwayi.

Yavuze ko bagerageza kurondera abaganga benshi bavuye hirya no hino muntumbero yo gufasha abarwayi ba kanseri, kandi ko iyo umurwayi ashitse hakiri kare aheza agatora mitende ngo naho atawuvura Urupfu.

Yashimye cane kubona ubwo Bushikiranganji bubashitseko mu kubazanira imfashanyo y’ibifungurwa, kandi ko ngo bobo baravura bakagira aho bageza, ariko ngo Ubushikiranganji nabwo Bujejwe Gushigikirana bugaheza bugatera intambwe iboneka mukubarihira.

Abari barwari ngaho muri ivyo bitaro bashimye cane ingene Ubushikirangaji bubitwararitse , kandi ko n’abaganga banyaruka kubara iyo babahamagaye ata minuta itatu ihera umuganga atabashikiriye.

Bakaba baciye baboneraho gusaba umushikiranganji ko yobaronsa n’ubutenge vyo kwambara kuko ngo ivyo bari bafise vyabahereyeko.

Mwomenya ko Umushikiranganji yarangije abasengera yongera abasabira kugira umwizero wo kuzosubira mumiryango bakize neza, kandi n’ivyo bamusavye aca agenda abemereye ko nka hamwe vyoboneka ko azoheza akabibarungikira.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →