2 mai 2024

Ntawokwigira sindabibazwa mu rugamba rwo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme kuko ayo mabi ashobora gushikira uwo ariwe wese

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyenicubahiro Angéline Ndayishimiye, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, kuri uyu wa 27 munyonyo 2023, aho yari aramutse atanguza icese Isekeza ry’iminsi icumi n’itandatu yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, ku civugo kigira kiti : « Twese hamwe, duhagurikire gukinga amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ».

Ibirori vyo gutanguza iryo sekeza bikaba vyabereye ku kibuga Bushaza c’umupira w’amaguru co mu ntara ya Kirundo.

Mw’ijambo ryiwe, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabanje kumenyesha ko Uburundi bwama bwifatanya n’ayandi makungu, uko umwaka utashe, kuva kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo gushika ku rya 10 Kigarama, mu gutunganya isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.

Aha akaba yaboneyeho kuremesha abashikiwe nayo mabi, aho yababwiye ko hakiriho ivyizigiro ko ubuzima bwabo buhinduka bukamera neza. Aca aboneraho kwiyamiriza abakora ayo mabi afatiye ku ku gitsina, aha akavuga ibimaze imisi biba cane cane kubwicanyi bwagiriwe umwana w’umwigeme w’imyaka itanu Iteriteka Kelsey, aca amenyesha ko ayo mabi ategerezwa kuranduranwa n’imizi.

Yashikirije ko atawokwigira sindabibazwa mu rugamba rwo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme kuko ayo mabi ashobora gushikira uwariwe wese.

Yamenyesheje kandi ko inkwirikizi z’ayo mabi zitagarukira gusa k’ubayakorewe bonyene, ko zisinzikaza imiryango yabo, zikanatandukira ikibano ndetse n’igihugu kidasigaye inyuma.

Ati « Ikibabaje kuri ayo mabi ni uko kenshi na kenshi umuntu akomerekera aho yokiriye (mu muryango, kw’ishure, mu mashengero, ku kazi, kwa muganga,…) ; akaribwa n’uwomukingiye».

Yarongeye arashikiriza kandi ko hariho abakenyezi n’abigeme bakora amabi afatiye ku gitsina bagahohotera abo bubakanye. Aha akaba yaboneyeho kubaha impanuro aho yabasavye gusubiza agatima mpembero bamenye ko umukenyezi ari inamahoro akaba kandi inkingi y’Umuryango.

Yaravuze ko abagabo bose badakora amabi afatiye kugitsina, aca abasaba guhagurikira icarimwe bakagira urunani rwo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ati « Igihe kirageze rero aho mwerekana ko mudashigikiye na gato ivyo bitabanga bihemukira abo vyokingiye, bigatukisha abagabo bose; bigatuma ishusho ry’abagabo  imbere y’abakenyezi n’abigeme risa nabi ».  Ati : « Ntimwemere ko aho musengera, aho mudandariza, aho mwigishiriza; eka aho hose murangurira imirimo, hahinduka ikibuga c’amabi akorerwa abakenyezi n’ababigeme. Tabara mwongere mutabarize abakenyezi n’abigeme ibara ritararwa. Bagabo b’umutima, tubasavye guhagararira agateka k’abakenyezi n’abigeme mu mirimo yanyu ya minsi yose ».

Angéline Ndayishimiye yasavye abarongoye abandi ku mutumba cane ba nyecumi kugira urwabo urugamba rwo gukinga amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Yongera asaba kandi indongozi zose kwisuzuma no guhindura ingendo kugira ngo ntituzosange hari zimwe muri zo zikorera amabi abakenyezi n’abigeme kandi ari bo bategerezwa kuja imbere y’abandi mu rugamba rwo kuyarwanya.

Nayo abacamanza yabasavye kunyarutsa imanza zerekeye amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme gutyo abagiriwe nico caha bagahanwa hisunzwe amategeko.

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Imelde Sabushimike, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi imaze kurangura ibitari bike, mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, aha twovuga aho (i) Reta y’Uburundi yashize umukono kumasezerano mpuzamakungu arwanya ikumirwa ry’Umukenyezi n’umwigeme (CEDEF); Ingingo mperekaza,  zikaba ziri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, (ii) Ishirwaho ry’itegeko n°1/13  ryo kuwa 26 nyakanga 2016, rikinga rikongera rigahasha amabi afatiye kugitsina, mbere ubu rikaba ririko rirasubirwamwo kugira ngo ayo mabi ahashwe bikwiye,  (iii) Itegeko n°1/024 ryo kuwa 28 ndamukiza 1993 rigenga abantu n’imiryango, naryo nyene ririko rirasubirwamwo muriyo ntumbero nyene, (iv) Poritike y’igihugu (2012-2025), iharanira iterambera ridakumira, (v) hamwe rero n’itanguzwa ry’isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme kuva mu mwaka w’2000;…

Afatiye kubwicanyi bwakorewe umwana w’umwigeme w’imyaka itanyu Iteriteka Kelsey n’ayandi mabi amaze imisi yibonekeza, Imelde Sabushimike yavuze ko naho ibitari bike vyaranguwe, impinga ikiri ndende, aha akaba yaboneyeho gutera ivyatsi ubwo bukozi bw’ikibi butagira izina, aratera ivyatsi kandi abagabo bataye ibanga aho batakimenya ikizira, bakagoba izo baragiye, akabasaba kwikebuka. Ati : « Ben’abo bagabo, nibaharigwe ivomo, gutyo n’abari inyuma batinye, birinde ako karanda karandura inzuzi ». Yarakebuye kandi abagore bataye ubuntu, kuko nabo nyene barahohotera abagabo babo.

Yahamagariye umuntu wese, na cane cane abavyeyi ngo bijukire indero runtu, basubize itoto ca kiyago co kuziko, baganirize abana babo, bababwire ikizira. Ati : « Bavyeyi, nimutange akarorero keza mungo zanyu, niho n’abana banyu bazokwigenza neza ».

Ntiyibagiye guhamagarira kandi abakenyezi n’abigeme gukura amaboko mumpuzu, barangure imirimo yose ishobora kubaronsa uburyo bwo kwikenura, niho bazoba bariko baraja mw’iterambere rirama, gutyo mu mwaka w’2040 Uburundi buzobe bugizwe n’abarundi bifashe batazera inze, nayo mu mwaka w’2060 Uburundi buzobe ari igihugu giteye imbere.

Abajejwe ubutungane, yabasavye gutunganiriza atankunzi ababituye bakorewe ayo mabi, gutyo bahashe abo bagome basubiza inyuma iterambere ry’igihugu.

Yarongeye arahamagarira kandi abajejwe intwaro n’amashengero atandukanye, kwongereza inguvu mu guhimiriza abo bajejwe ngo bavavanure n’ako gatima k’ubukoko kugirango ikibano cacu kibe ikibano gitekanye, kiri kukivi, aho abenegihugu babana mumahoro, bagakora imirimo ibateza imbere.

Nayo Clara M. Nanyangwe aserukira Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’abakenyezi mu Burundi « ONUFEMMES » yarashimiye Reta y’Uburundi kubimaze kurangurwa muvyerekeye kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ndetse no mugufasha abakorewe ayo mabi. Aha akaba yaciye asaba Reta n’abayifasha kurwiza inguvu mu kurwanya ayo mabi na cane cane ko aguma yiboneneka.  Yahamagariye abantu bose guhaguruka bubake Uburundi buzira amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Akaba yamenyesheje kandi ko bashigikiye cane icivugo c’uwu mwaka kuko gihamagarira gufasha gukinga amabi mu ntumbero yo  kuyatuza.

Kubwa Eric Nduwayezu, umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w’intara ya kirundo, yarashimiye cane Umutambukanyi w’ukuru w’igihugu c’Uburundi kuba yarashimye ko ibirori vy’ugutanguza iryo sekeza bibera mu ntara ya Kirundo. Yamenyesheje ko amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme yibonekeza muri iyo ntara, aho yashikirije ko mumisi iheze vyari vyimonogoje kuko hariho n’abagiye baricwa kubera ayo mabi. Akavuga ariko ko ubu biriko biragabanuka. Yarashimiye cane Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kukuntu adasiba kuganiriza abavyeyi n’ibibondo navyo bikaba bifasha kurwanya ayo mabi ndeste bikabatuma bakora n’ibikorwa vyo kwiteza imbere. Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyarangijwe no gutanga ubushimwe kubitanze gusumba abandi mukurwanya amabi afatiye ku gistina.