19 avril 2024

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE aratera ivyatsi abavyeyi bamwe bamwe badohotse kw’ibanga ryo kurera

« Reta y’Uburundi  irasubiye kwiyemeza ko itazotezura mu gukora ibishoboka vyose kugirango ikingire abana mu bihe vyose barimwo na cane cane mu bihe vy’ivyago bitandukanye. Ntankeka kandi ko izobandanya ifata mumugongo imiryango itishoboye ». Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe kuri uyu wa 16 Ruheshi 2021 Muri Site SOBEL, na Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE, mugihe bariko bahimbaza umusi mukuru wahariwe Umwana w’Umunyafrica.

Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE Yahaye impanuro abavyeyi bamwe bamwe bamaze kwikurako ibanga ryo kurera abana babo ngo babafashe kuzoshikira kazoza.

Yagabishije abavyeyi basegesha abana mw’ibarabara abandi nabo bakabatanga kubaja kubasegesha, ati nta neza muba muriko murabaronderera, kuko kazoza katari mw’ibarabara.

Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko araha Imfashanyo abana bo muri Sobel (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ku bana nabo, yabasavye kutaja mw’ibarabara kuko ikibanza cabo atari ico mw’ibarabara. Ati ni bagende nyabuna begere abavyeyi babo baronswe indero yo kuziko, kanatsinda ngo igiti kigororwa kikiri gito.

Yasavye rero abo bana kuja hamwe n’urundi runganwe mukibano, bategure kazoza mukuja mw’ishure no mugukora utundi dudukorwa twobafasha kwiteza imbere.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yasozereye abaha impanuro zitari nke ati : « Naho muri mubuzima bugoye, mwihatire kugumya indero runtu hamwe n’akaranga vyamye biranga umwana w’umurundi haba mu bukene canke mumahirwe.  Mwame mwubaha ababakurira, mugamburukire abavyeyi, mwijukire n’ukwiga, gutyo muzoba muriko mutegura kazoza keza kanyu n’ak’ikigihugu cabibarutse».

Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imelde SABUSHIMIKE? Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yerekana bimwe mu vyahawe abana bo muri site Sobel (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’impuzu za Uniforme ku bana 60 bari mw’ishure, amakarato 400 y’amacupa y’imitobe y’ivyamwa, amakarato 13 ya cotex, amakarato 15 y’isabuni, amakarato 30 ya beure de qualité, amakarato 250 y’ibisuguti bita parle-G, itumbura 1000, ibirato, impuzu, amavuta yo kwisiga, amakaramu n’ibindi ku bana barenga 5000 bari muri iyo site.

Mwomenya ko iyo Site SOBEL igizwe n’abahunze ivyago vy’umwuzure wateye muri zone Gatumba  na Rukaramu (Kajaga), komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →