Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 nzero 2022 i Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarakiriye mu biro iwe Nyakubahwa Omar Daair aserukira Igihugu c’Ubwongereza mu Biurundi.

Mu biganiro bagiraniye, barabiye hamwe intumbero nshasha y’ingene bagiye gufashanya mu gisata c’imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira.

Mwomenya ko uwo aserukira igihugu c’Ubwongereza ngaha mu Burundi yaje mu rugendo rwiwe rw’akazi ngaha mu Burundi kuko asanzwe aba i Kigali mu gihugu c’Urwanda, kugirango avugane n’inzego zitandukanye kubijanye n’intumbero nshasha y’ingene ivyo bihugu uko ari bibiri bigiye kubandanya bifashanya mu bisata bitandukanye.