12 août 2022

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarakiriye mu biro iwe Nyakubahwa Omar Daair

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 nzero 2022 i Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarakiriye mu biro iwe Nyakubahwa Omar Daair aserukira Igihugu c’Ubwongereza mu Biurundi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na Nyakubahwa Omar Daair aserukira Igihugu c’Ubwongereza mu Biurundi. (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu biganiro bagiraniye, barabiye hamwe intumbero nshasha y’ingene bagiye gufashanya mu gisata c’imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na Nyakubahwa Omar Daair aserukira Igihugu c’Ubwongereza mu Biurundi. (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko uwo aserukira igihugu c’Ubwongereza ngaha mu Burundi yaje mu rugendo rwiwe rw’akazi ngaha mu Burundi kuko asanzwe aba i Kigali mu gihugu c’Urwanda, kugirango avugane n’inzego zitandukanye kubijanye n’intumbero nshasha y’ingene ivyo bihugu uko ari bibiri bigiye kubandanya bifashanya mu bisata bitandukanye.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →