29 mars 2024

Reta y’Uburundi irarajwe ishinga n’uko abenegihugu bose bagira amagara meza

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi aho yari yaramutse aha infashanyo y’ibifungurwa n’amabati ku miryango 100 yo muri site Murama y’abatwa badugije ibigega vy’amazu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yababwiye ko yishikiye muri ico kirwati kugirango yibonere aho bagejeje, kugirango abashikirize amabati, kuko ngo naho Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yama ahimiriza abenegihugu kuja mu bikorwa vy’iterambere, iyo bataba munzu nziza, isakaye, ata magara meza baheza ngo baronke.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi ariko ashikiriza amabati (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabahimirije kwama na ntaryo bagira isuku yaho babaye, umwe wese agire uruhara, haba mu kugira isuku ry’umubiri, gutegura uduserama, kubaka utuzu twa surwumwe, n’ibindi bishoboreye bakoresheje amaboko, ivyo badashoboye navyo ngo Reta iheze ibunganire mu kubashigikira.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarabahimirije kandi kuja mumakoperative ya sangwe asanzwe ari kuri iyo mitumba, canke ngo bidashobotse, bashinge ayandi mashirahamwe, abajejwe intwaro babafashe, gutyo ngo nabo baheze baje ku murindi w’iterambere, bironkere ico bafungura batiriwe baratama, kuko ngo bitabaye uko, nihahahandi wosanga bipfuza kuja kwiba ikijumbu c’uwacirimiye, bikamwo gufatwa no kugirirwa nabi na nyene umurima.

Yababwiye ko umwenegihugu wese ataburenganzira afise bwo kurera amaboko abandi bariko baja mu bikorwa vy’iterambere. Ati : « Twese hamwe tuje kukivi duteze imbere igihugu cacu »

Abengihugu bo kuri uwo mutumba Murama baje kwakira Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Yavuze ati « Twaje kubagendera tubazaniye amabati atari kubera ko muri ba ntahonikora, kuko murafise ubwenge, murafise inguvu, ntimuri bantahonikora, tuje nyabuna kugirango tubatere intege mu bikorwa muriko murakora kandi kugirango tubahimirize kuja mu bikorwa vy’iretambere nk’abandi ».

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu kibazo c’abana b’abatwa batiga, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yasavye ashimitse ko abo bana borungikwa mu mashure kuva muri uno mwaka w’ishure ugiye gutangura mu kwezi kw’icenda.

Yaboneyeho gusaba abajejwe intwaro guhimiriza iyo miryango kugira barabe ko atamwana n’umwe ageze kuja mw’ishure yosigara adashizwe mw’ishure.

Amwe mu mazu ari mu kirwati Murama akeneye gusakarwa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye kandi abo benegihugu ko ibibazo biri muri ico kirwati vyotuma abana babo batiga bobishikiriza abajejwe intwaro kugirango babibafashe, ivyo badashoboye navye babiduze kurwego rwo hejuru bitorerwe inyishu.

Yabahamagariye kunezerwa mugihe bobona abana babo bari mwishure, ati ingorone nk’izo ndazizi, aca aboneraho kubidondora kuko nawe asanzwe ava mu bwoko bw’abatwa, ati « Ivyo ndababwira ndabizi neza, narabayeho mu buzima bubi gusumba uko mwebwe mubayeho, kandi hari mu bihe bibi bidasa n’uko biri ubu ».

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi ariko aragendera inzu abatwa babamwo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu kubandanya abahimiriza, Yavuze ko mu bihe vyaheze aho yaca hose baguma bamuvugavuga, bamuririmba ariko bitamuciye intege yabandanije gushika arangize amashure yiwe.

Ati ubu rero nta mpamvu nimwe yotuma badashira abana babo mu mashure. Ari naco gituma yafashe ingingo yo kwishikira kugirango abahimirize guhindura ingendo ngo baje mu bikorwa vy’iterambere nk’abandi.

Sylvain NSENGIYUMVA, Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa komine Mwumba (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nayo Sylvain NSENGIYUMVA, Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa komine Mwumba mw’ijambwo ryiwe ryo kumwakira, yaramuhaye ikaze araheza aca asaba abenegihugu bo kuri uwo mutumba kwakirana urweze ijamba rya Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yabateye iteka akishikira muri iyo komine no kuri uwo mutumba, azanywe no kubashigikira.

Akaba yarashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije muri ubwo Bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, aca amenyesha ko abenegihugu batekanye, kandi bari kukivi mu bikorwa vya minsi yose bibateza imbere.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaciye agendera amwe mu mazu yo muri ico kirwati aho yiboneye uko abo benegihugu babayeho kukangaratete, bigaragara ko bakeneye koko gushigikirwa mu buryo bw’ibisakazo vy’amabati, kugirango nabo bashobore kuronka uburaro bwiza.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko yahavuye abashikirije ibifungurwa bigizwe n’umuceri aho umuryango wose waronswa ibiro cumi hamwe n’amabati azosakara inzu bubatse kandi umwe wese akazohabwa ayakwiranye n’inzu yubatse, akayaronswa mu gihe yerekanye ko yamaze kugira ikigega, hageze gusakara.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku mutumba Murama, zone Gatsinda yo muri komine Mwumba intara ya Ngozi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya kandi ko muri urwo rugendo, yari yaherekejwe n’intumwa y’uwuserukira ishirahamwe ryitaho impunzi mu burundi HCR, akaba nawe yemeye ko iryo shirahamwe rigiye kuzoshigikira mu bitari bike, na cane cane mu bijanye n’abahungutse, ari naco yasabwe ahanini na Nyakubahwa Umushikirtanganji Ajejwe gushigikirana.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →