13 juillet 2025

Abantu 316 nibo bafashwe bavanwa mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura

« Abahora bibaza ngo ibi twabikoze kuva kera, ngo ntibizokunda ko bihera, twagira tubamenyeshe ko bigiye guhagarara kuko ingingo zose zarafashwe ».

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kane Igenekerezo rya 7 Mukakaro 2022 i Bujumbura, aho ubwo Bushikiranganji bufadikanije n’Ubujejwe Intwaro yo Hagati mu Gihugu hamwe n’ubujejwe Ubutungane bwari buramutse bugira isekeza ryo gukura burundu abana hamwe n’abasegerereza mw’ibarabara, abantu 316 bakaba ari bo bafashwe bavanwa mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yavuze ko kugeza mu masaha ya saa tanu z’igitondo, abana barenga 90 hamwe n’abakuze barenga 200 ari bo bari bamaze kwegeranywa n’izo nzego.

Yorongeye aramenyesha ko abo begeranijwe bagiye kugiriwa umwidondoro wabo kugirango hamenyekane iyo bava, maze abana baheze bamenye iyo baje bava, imiryango yabo menyekane bongere bakorere no kubavyeyi babo kuko ngo bategerezwa gukora kugirango iyo ngendo ihagarare burundu.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko aravugana n’abakuwe mw’ibarabara

Iyindi ntabwe yavuze, ni iyo kuzokorera kubatanga, ati « ntibizobatangaze, uno munsi twakoreye kubasegerereza, ariko ejo tuzokorera kubatanga, bamenye ko ari icaha ».

Yavuze kandi ko ico gikorwa kizomara ukwezi kwose, kuko ngo uwu mugambi watanguye utazohagara, aca avuga ati « Abahora bibaza ngo ibi twabikoze kuva kera, ngo ntibizokunda ko bihera, twagira tubamenyeshe ko bigiye guhagarara kuko ingingo zose zarafashwe » ngo kandi hari abibaza ngo bariko barafasha mu gukora mu mufuko, mw’isakoshi batanga amahera kubasegerereza, ngo bigiye guhagarara, kuko ngo atamutaru bazosimba na gatoya badafashwe bompi.

Abantu 316 nibo bafashwe bavanwa mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abafashwe mu gisagara ca Bujumbura bari ahanini bava mu mazone amwe amwe, kuko bafatwa mw’ijoro, mbere hakaba harimwo na bamwe bagurisha imibiri yabo 15 bafashwe mu bandi, hakaba kandi hariho n’abakenyezi bonsa abana 11 bafashwe muri bo.

Nkuko twabishikirijwe n’uwurongoye igisata c’inyamiramabi mu gisagara ca Bujumbura, Amazone yafatiwemwo abakuze ni aya akurikira : Kanyosha 16, bwiza 32, Rohero 32, Nyakabiga 20, Buyenzi 35, Ngagara 32, Kamenge 30, Kinama 14 na Buterere 11.

Abana bakaba baciye burizwa imiduga ako bajanywe mu bigo bibiri vya CERES na PES (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abana bakaba baciye burizwa imiduga ako bajanywe mu bigo bibiri vya CERES na PES  vya Reta bikukira ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, agateka ka zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira biri kw’i Jabe, aho bafungurirwa bakarazwa, bakongera bakaronswa n’inyigisho inyuma yo kugirirwa umwidondoro wabo.

Abakenyezi bafashwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abakenyezi nabo nyene bakaba baciye bajanwa mu kigo CERES kugirango bagirirwe umwidondoro w’iyo baje bava.

Bitegekanijwe ko inyuma y’ikiringo c’indwi 2 bazoca bajanwa mu miryango yabo baje bavamwo, aho abo bizogaragara ko bakeneye ubufasha bazoburonswa biciye mu kibano ca hafi, bamaze gusubizwa mu miryango yabo, iyo baje bava.

Mwomenya ko inyuma y’ico gikorwa, inyamiramabi zizoca zibandanya amadosiye ku bakuze bafatiwe mw’ibarabara, ariko abo vyagaragaye ko bari bagiye ku bundi buzi bagafatwa muri uwo mukwabu, bakaba baciye barekurwa ubwo nyene.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →