19 avril 2024

Reta y’Uburundi iheruka kwemeza amasezerano akingingira kandi yitaho abageze mu zabukuru

Vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatatu Igenekerezo rya 13 Mukakaro 2022 mu kigo c’abageze mu zabukuru kiri ku mutumba wa Kayanza, zone Gatsinda yo muri Komine Mwumba intara ya Ngozi aho yari aramutse abagendera.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira mu kigo c’abageze mu zabukuru kiri kumutumba kayanza komine Mwumba(Ifoto na elie HARINDAVYI)

Yabwiye abo bageze mu zabukuru ko hari n’Umunsi mukuru ubahari wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 1 gitugutu uko umwaka utashe. Ati « Turabitwararika, turashaka kwama tubabona, tubumviriza ».

Agakemanyi karimwo ibiro 150 vy’umuceri Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira yagiye abashiriye (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarabashikirije agakemanyi kagizwe n’ibiro 150 vy’umuceri aca abipfuriza kubandanya bagira amagara meza.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira mu kigo c’abageze mu zabukuru kiri kumutumba kayanza komine Mwumba(Ifoto na elie HARINDAVYI)

Yarashimiye ababikira bo mu muryango wa Bene Mukama bama babitaho buri munsi aca abemerera ako akanya ni kamukundira azogaruka kugira ngo bayage n’abo bakurambere kuko ngo abakurambere bafise imigani bashobora gucira abakiri bato.

Ari naho yaca avuga ko biyumviriye ko hazoba igihe hazotegurwa umunsi mukuru wabahariwe, ariko hakabamwo ikiyago hagati y’abageze mu zabukuru n’abakiri bato.

Mama Marie Fredence NIYONIZIGIYE arongoye ikigo c’abageze muzabukuru co ku mutumba Kayanza, zone Gatsinda yo muri Komine Mwumba intara ya Ngozi (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Nawe Mama Marie Fredence NIYONIZIGIYE arongoye ico kigo, yarashimye cane urugendo rwa Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE ajejwe Gushigikirana muri ico kigo, aca amenyesha ko bakiri bashasha kuko ngo ico kigo cuguruwe kw’igenekerezo rya 4 gitugutu 2021, bakaba bamaze amezi 9 gusa.

Bamwe mu bagabo bageze mu zabukuru bari muri ico Kigo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

yavuze ko bakeneye vyinshi vyo gushigikirwa harimwo no kuronswa amazi kuko ngo bayakura kure, imiti, ibifungura hamwe n’ivyo abo bageze mu zabukuru baryamikako.

Yarangije amenyesha ko bafise n’umugambi wo kubandanya bagura kugirango bakire abageze mu zabukuru benshi bakeneye ubufasha.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →