26 avril 2024

Reta y’Uburundi iritaye ineza ya bose abatwa nabo badasigaye inyuma

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 13 gitugutu 2022 I BUJUMBURA, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarahaye ibikoresho vy’Ishure abanyeshure 21 b’Ababtwa bari mu mumashure afise uburaro yo mu ntara za RUMONGE, BUBANZA, CIBITOKE no mu gisagara ca BUJUMBURA.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, akaba yatumenyesheje ko ivyo yabikoze mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo gushigikira abana b’abatwa batoye ikibazo c’inyuma y’ishure shingiro, aho Inama Nshikiranganji yashinze ko bose boshirwa mu mashure afise uburaro bagaheza bagashigikirwa mu vya nkenerwa vyose, bakiga neza nk’abandi bana bava mu miryango yifashe.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yavuze kandi ko Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana bwahawe uburyo bwo gushigikira abo banyeshure mu kubagurira ivarize, imyambaro 2 y’ishure, ibirato, amashuka, ibiyiko, amasahani, amasabune, amavuta yo kwisiga, amakaye, hamwe mbere n’amahera yo kwikenura muvyo bakeneye mu buzima igihe bari kw’ishure.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko araha ibikoresho abana b’abatwa biga mumashure y’indaro (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu mpanuro yabahaye, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabanje kubakeza cane kubona baratoye ico kibazo, aca abasaba kwirinda ibibasamaza, maze  ngo baze bige n’umwete mwinshi bazotahukane umwimbu ushimishije w’amanota meza.

abanyeshure (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarabihanikirije kutazofata nabi ivyo bikoresho ngo ntihagire uwuzobigurisha canke ngo abihereze abo mu miryango iwabo naburya bava mu miryango irimwo iyifise amikoro make, ariko riho ngo bibafashe bo nyene kuzironderera kazoza kabo keza.

Ifoto ya rusangi, ya bose (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarangije kandi abasaba kugira isuku kumubiri hamwe no kugira urutonde vy’ivyo bafise, gutyo ngo bazovemwo abahambaye muri kazoza.

Yaboneyeho gusaba abaserukira ubushukiranganji arongoye mu ntara ari nabo bari baje baherekeje abo bana, gutanga ubutumwa kubayobozi bamwe bamwe boba badaha agaciro kamwe abana b’abatwa nk’abandi mu mashure bariko, babireke.

Umunyeshure yashimye kw’izina ry’abandi baronkejwe ivyo bikoresho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abo banyeshure bakaba barashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije ku Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n,Iterambere Ridakumira kubona iriko irabitaho ngo bige batekaniwe nk’abandi bana b’abahutu n’abatutsi.

Mwomenya ko ico gikorwa canguriye ku mashure ku banyeshure bari mu mashurey’uburaro mu ntara ya GITEGA kandi ko kizobandanya mu mu zindi ntara ahari abanyeshure bose b’abatwa batore ikibazo c’umwaka w’icenda, c’inyuma yo kurangiza amashure shingiro.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →